Kolosayi Intangamarara
Intangamarara
Ikete ryarungikiwe Abakristo bo mu gisagara citwa Kolosayi (ubu ni mu gihugu citwa Turukiya) ryanditswe na Pawulo ari mw’ibohero, aryandikira rimwe n’iryo yarungikiye abo muri Efeso. Ishengero ry’i Kolosayi ntiryari ryatangujwe na Pawulo, ariko ryari ryatangujwe n’umwe mu bo bakoranye ibikorwa yitwa Epafura, ari na we yahashikanye Ubutumwa Bwiza (1:7).
Bishoboka ko Pawulo yanditse iri kete amaze kubwirwa na Epafura (Filemoni 23) ingorane zari zatewe n’abantu bigisha ibinyoma bigahagarika imitima y’Abakristo. Yaryanditse ashaka kubibutsa urufatiro rw’Ubutumwa Bwiza. Mu mvugo ngereranyo, Pawulo avuga inyigisho z’ibinyoma asanzwe ariko aragwanya; izo na zo zikaba zari zihagaze ku vyiyumviro vy’Abagiriki (2:8) bivanze n’ivyizerwa vy’Abayuda (ugusenga abamarayika, ugukebwa) bitera abantu kubaho ubuzima bwo kwibabaza ku mubiri (2:20-23). Ivyo vyatuma abantu badasubira guha Yesu Kristo ikibanza yiharije co kuba umuhuza hagati y’Imana n’abantu, akongera akaba ari we Mukiza wenyene. Ivyo kandi vyatuma Abakristo bagerageza kuronderera agakiza mu kwubahiriza ivyagezwe.
Pawulo ahejeje kuramutsa ab’i Kolosayi, gushimira Imana no gusenga (1:1-11), aca abasigurira Yesu n’igikorwa ciwe (1:12-23). Hanyuma aca acishamwo akavuga ku ntambara yagize ku giti ciwe mu gukwiza Ubutumwa Bwiza i Kolosayi n’i Lawodikiya (1:24–2:23). Mu nyuma aragaruka akigisha ivya Yesu Kristo n’igikorwa ciwe (2:6-19). Mu kwifatanya na Kristo ni ho ab’i Kolosayi bari gushobora gushika ku kunengesera basezeranirwa n’abigisha b’ibinyoma.
Mu gice kigira kabiri c’iri kete, Pawulo avuga ingene ivyo vyibonekeza mu buzima bwa misi yose:
• ubuzima rukristo ni ubuzima bw’umwidegemvyo (2:20–3:5);
• ubwo buzima burangwa n’urukundo hamwe n’amahoro (3:6-17);
• ivyo na vyo bikagaragarira mu migenderanire myiza mu miryango no mu kibano (3:18–4:6).
Currently Selected:
Kolosayi Intangamarara: BKC
Highlight
Share
Copy

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.