YouVersion Logo
Search Icon

Filipi 4

4
Gukorana mu bumwe
1None rero, bene Data, abo nkunda kandi nipfuza cane kubona, mwebwe munezero wanje n’igitsibo canje, muhagarare mushikamye mu Mwami Yesu, bakunzi banje.
2Ndinginze Ewodiya na Sintike ngo basubize hamwe mu Mwami. 3Kandi ndakwinginze nawe dufatanije mu gikorwa, ngo ufashe abo bagore, kuko babanye nanje cane mu gikorwa co kubwira abandi Ubutumwa Bwiza, co kimwe na Kelementi n’abandi twakoranye, abo amazina yabo yanditswe mu gitabu c’ubugingo.
Amahoro y’Imana
4Mwame munezerewe mu mwami, ndabisubiyemwo ubugira kabiri: nimunezerwe. 5Ubugwaneza bwanyu bumenywe n’abantu bose, kuko Umwami wacu ari hafi. 6Ntimukiganyire ku kintu na kimwe, ariko ivyo mukeneye vyose mubimenyeshe Imana mu gusenga no mu kwinginga, bifatanije no gukenguruka. 7Maze amahoro y’Imana arengeye ugutahura kw’abantu azoca aza, azigamire imitima yanyu n’ubwenge bwanyu muri Kristo Yesu.
8Ibisigaye bene Data, mushire ivyiyumviro vyanyu ku vy’ukuri vyose, ivy’ukwubahwa vyose, ivy’ukugororoka vyose, ibitunganye vyose, ivy’igikundiro vyose, ibishimwa vyose. Ivyo abe ari vyo mwiyumvira. 9Ivyo mwigishijwe canke mwanyumvanye, canke ivyo mwambonyeko, mubishire mu ngiro. Imana y’amahoro izobana namwe.
Pawulo ashima ivyo bamurungikiye
10Ndanezerewe cane mu Mwami kuko mwasubiriye kunyitaho. Ndazi ko mwamye munyitaho kuva kera ariko ntimwari bwaronke akaryo ko kubingaragariza. 11Ibi sindabivugishijwe n’ubukene, kuko muri vyose namenyereye kubumbwa n’ivyo mfise. 12Ndazi ico ari co kuba mu bukene, kandi ndazi kubaho mu musesekara. Narize ibanga ryo kubaho muri vyose, haba mu gahimbo canke mu nzara, haba mu musesekara canke mu bukene. 13Nshobozwa vyose na Kristo ampa inkomezi.
14Mwagize neza kwifatanya nanje mu mibabaro ndimwo. 15Kandi nk’uko mubizi mwese ab’i Filipi, mu misi ya mbere igihe Ubutumwa Bwiza bwabashikira, igihe nagomba kuja i Makedoniya, ata rindi shengero na rimwe ryamfashishije ivyo nari nkeneye, atari mwebwe, 16kuko n’igihe nari i Tesalonike, mwagumye mundungikira ivyo nari nkeneye. 17Ibi sindabivugishijwe no gushaka ibindi, ariko nipfuje kubashimira ku neza mwangiriye. 18Ubu mfise ivyo nkeneye vyose, ndetse n’umusesekara, kuko naronse ingabire nyishi mwarungikanye Epafurodite. Zimeze nk’amavuta amotesha neza, ikimazi cemerwa, gihimbara Imana. 19Imana izobaha ivyo mukeneye vyose nk’uko ubutunzi bw’ubwiza bwayo butangaje buri muri Kristo Yesu.
20Icubahiro kibe ic’Imana Data wa twese ibihe vyose, Amen.
Intasho
21Mundamukirize abera bose muri Kristo Yesu.
Bene Data turi kumwe barabatasha.
22Abera bose barabatasha, na canecane abo mu nzu kwa Kayisari.
23Ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo bubane n’impwemu yanyu. Amen.

Currently Selected:

Filipi 4: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in