YouVersion Logo
Search Icon

Kolosayi 1

1
1Jewe Pawulo, intumwa ya Kristo Yesu kubera ugushaka kw’Imana, na mwene Data Timoteyo,
2Turabandikiye mwebwe abera b’Imana bo mu gisagara c’i Kolosayi, bene Data b’abizigirwa muri Kristo:
Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data wa twese bibe muri mwebwe.
Gushima Imana no gusenga
3Imisi yose dushima Imana, Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, iyo tubasengera, 4kuko twumvise ukwizera Kristo Yesu kwanyu n’urukundo mufitiye abera b’Imana bose. 5Ukwo kwizera n’urwo rukundo vyubakiye ku kwizigira ivyo Imana ibabikiye mw’ijuru. Ivyo vyizigiro na vyo mwabikuye mw’ijambo ry’ukuri mwumvise, ari ryo Butumwa Bwiza. 6Ubwo Butumwa Bwiza bwabashikiriye ni na bwo buriko burakwiragira kw’isi yose. Buriko burama ivyamwa bwongera bugwira, nk’uko vyagenze no muri mwebwe uhereye igihe mwabwumviye ubwa mbere, mugatahura ubuntu bw’Imana nk’uko bumeze vy’ukuri. 7Mwabubwiwe na Epafura, umukozi w’Imana dukunda kandi dusangiye igikorwa, akaba n’umukozi wa Kristo w’umwizigirwa abakorera. 8Ni we yatubwiye ivy’urukundo rwanyu mwahawe na Mpwemu.
9Ni co gituma, kuva igihe twumviye ivyanyu, tudahengeshanya kubasengera, dusaba Imana ngo ibuzuze ukumenya ivyo igomba mu bwenge bwose n’ugutahura bitangwa na Mpwemu, 10kugira ngo mubeho nk’uko bibereye ab’Umwami Yesu, mwongere mumunezereze muri vyose: mwama ivyamwa mu gikorwa ciza cose kandi mukura mu vyo kumenya Imana. 11Turanabasengera ngo mukomezwe n’ubushobozi bwose bw’ubwiza bwiwe, kugira ngo mushobore kwihanganira vyose no kurindirana umunezero, 12mushima Data yabashoboje gusangira n’abera biwe umugabane mu bwami bw’umuco. 13Yaradukijije adukura mu bubasha bw’umwijima, adushira mu bwami bw’Umwana wiwe akunda. 14Muri we ni ho twaherewe ugucungurwa, ari kwo guharirwa ivyaha.
Kristo arengeye vyose
15Kristo ni we shusho iboneka y’Imana itaboneka, imfura irengeye ivyaremwe vyose, 16kuko vyose vyaremwe biciye muri we: ivyo mw’ijuru n’ivyo kw’isi, ibiboneka n’ibitaboneka, zaba intebe z’ubwami, ubukuru, ubutware, ubutegetsi; vyose vyaremwe biciye muri we, kandi biremerwa kuba ivyiwe. 17We yabayeho vyose bitarabaho, kandi muri we ni ho vyose bifatanirizwa. 18Ni we mutwe w’umubiri, ari ryo shengero; ni we tanguriro kandi ni we mfura mu kuzuka mu bapfuye; kugira ngo muri vyose abe agaheta, 19kuko Imana yahimbawe n’uko ubumana bwayo bwuzuye buba muri we, 20kandi biciye muri we yiyujuje n’ibintu vyose, vyaba ibiri kw’isi canke ibiri mw’ijuru; izanishije amahoro amaraso yiwe, ayo yaviriye ku musaraba.
21Kera mwari kure y’Imana kandi mwari abansi bayo mu vyiyumviro vyanyu no mu bikorwa vyanyu bibi. 22Ariko ubu yariyujuje namwe mu mubiri wa Kristo biciye mu rupfu rwiwe, kugira ngo ibashikane imbere yayo mwejejwe, mutagira agatosi kandi ata n’ico mwogawa, 23nimba vy’ukuri mwagumye mu kwizera, mushinzwe neza kandi mutanyiganyiga mu vyizigiro vyanyu biva mu Butumwa Bwiza. Ubwo ni bwo mwumvise kandi bwavuzwe mu vyaremwe vyose biri musi y’ijuru. Ubwo ni bwo jewe, Pawulo, nabereye umukozi.
Ubutame bwa Pawulo
24Ubu nezererewe imibabaro ndiko ndacamwo ku bwanyu. Mu mubiri wanje, ndiko ndashitsa ibisigaye ku mibabaro ya Kristo ku bw’umubiri wiwe, ari ryo Shengero. 25Nahindutse umukozi waryo kubera igikorwa Imana yanjeje muri mwebwe co kubashikiriza ijambo ryayo ryuzuye. 26Iryo jambo ni ibanga ryari ryarahishijwe imyaka n’iyindi, ariko ubu ryahishuriwe abizera. 27Imana yahisemwo kumenyekanisha mu Banyamahanga ubutunzi n’ubwiza bw’iryo banga; iryo banga ni Kristo ari muri mwebwe, ivyizigiro vy’ubwiza.
28Ni we twamamaza, tuburira kandi twigisha umuntu wese mu bwenge bwose, kugira ngo dushikane umuntu wese kuri Kristo, akuze mu buryo bw’impwemu ata co ahajije. 29Ni co gituma nkora nkaruha cane, nkagwanisha ubushobozi bwiwe bwinshi bukorera muri jewe n’inkomezi.

Currently Selected:

Kolosayi 1: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in