YouVersion Logo
Search Icon

Zekariya 8

8
Imana isezeranira Yerusalemu agakiza
1Ijambo ry’Uhoraho Nyen’ ingabo rinzako, 2rit’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Mfūhiye i Siyoni ifūhe ryinshi, mpafūhiye mfise uburake bginshi. 3#Yes 1:26; 2:3.Uku ni k’Uhoraho agize, ati Ngarutse i Siyoni, ngerēre hagati y’i Yerusalemu; kandi Yerusalemu hazokwitwa Umurwa w’Umwizigirwa; kand’ umusozi w’Uhoraho Nyen’ ingabo uzokwitwa Umusozi wera. 4Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Hazoba igihe abatāma n’abatāmakazi bazokwongera kwiganamira ku bibuga vy’i Yerusalemu, umuntu wese azoba yishimikiza ikibando kubgo kwisāzira cane. 5Kandi ku murwa hazoba huzuye abahungu n’abakobga bakinira ku bibuga vyo kuri wo. 6#Ita 18:14; Zab 118:23.Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Naho vyobera igikomeye amasigarira y’ubu bgoko azoba akiriho mur’ iyo misi, mbega nanje vyombera igikomeye? ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo abaza. 7#Zab 107:3; Yes 43:5.Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Rāba, nzokiza abantu banje, mbakūre mu gihugu c’i burasirazuba no mu c’i burengerazuba, 8#Yer 4:2; 31:33.nzobazana basagaze hagati muri Yerusalemu; bazoba abantu banje, nanje nzoba Imana yabo mu kuri no mu bugororotsi.
9 # Ezr 5:1, 2; Hag 2:18. Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Amaboko yanyu n’akomere, yemwe abumva mur’ iyi misi amajambo yavuzwe n’abavugishwa nanje bārih’ umusi itanguriro ryashirwaho ry’ingoro yanje, jewe Uhoraho Nyen’ ingabo, ni rwo rusengero, kugira ngo rwubakwe. 10Kukw iyo misi itarashika ata ngero zāboneka z’ibikorwa vy’umuntu canke z’ivy’ inka zirima, kandi nta mahoro k’ūwinjira n’ūsohoka kubg’ abarwanizi; kuko nateranije abantu bose, umuntu wese nkamuteranya na mugenzi we. 11Ariko noneh’ amasigarira y’ubu bgoko sinzoyagirira nk’uko nabagiriye mu bihe vyashize, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize. 12#Hos 2:21, 22; Hag 1:10; 2:19.Kuko nzobiba amahoro; umuzabibu uzokwama inzabibu zawo, isi yimbuke ivyimburo vyayo, ikirēre kizane ikime caco; ivyo vyose nzobiha amasigarira y’ubu bgoko k’umwandu. 13#Ita 12:2, 3; Yes 43:28; 65:15.Nuko, nk’uko mwari mu mahanga murik’ umuvumo, yemwe ab’ inzu ya Yuda, namwe ab’ inzu ya Isirayeli, ni ko nzobakiza, mubek’ umuhezagiro; ntimutinye, arikw amaboko yanyu n’akomere. 14#Gus 9:7, 8, 22; Yer 31:28; 32:42.Kuk’ ukw ari k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Nk’uko nagabiye kubagirira nabi, hamwe ba sogokuruza banyu bāndatsa, sinigarure, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, 15ni ko no mur’ iyi misi ngabiye kugirira neza Yerusalemu n’inzu ya Yuda: nuko ntimutinye. 16#Zab 15:2; Ef 4:25.Ivyo mukwiye gukora n’ibi: Umuntu wese avugane ivy’ ukuri na mugenzi we, muce imanza ziroranye z’amahoro muri mu rukinja mu marembo yanyu: 17ntihakagire n’umwe muri mwebge yīgīra imigabo mu mutima wiwe yo kugirira nabi mugenzi we: kukw ivyo vyose ari vyo nanka, ni k’Uhoraho agize.
18Maz’ ijambo ry’Uhoraho Nyen’ ingabo rinzako, 19#2 Abam 25:1; Yer 39:2.rit’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Ukwisonzesha kwo mu kwezi kwa kane, n’ukwo mu kwa gatanu n’ukwo mu kw’indwi n’ukwo mu kw’icumi, kuzocikira inzu ya Yuda umunezero no guhimbarwa n’imisi mikuru y’akanyamuneza: nuko rero mukunde ukuri n’amahoro. 20Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Hazoza amahanga azananye n’ababa mu bisagara vyinshi; 21#Zek 2:11; 7:2.kand’ ababa mu gisagara kimwe bazoja mu kindi, bavuge bati Ni muze twihute tuje gusaba Uhoraho umugisha, dusiguze Uhoraho Nyen’ ingabo; natwe turajana. 22N’ukuri koko abantu benshi n’amahanga akomeye bazoza gusiguza Uhoraho Nyen’ ingabo i Yerusalemu, no kumusaba umugisha. 23#1 Kor 14:25; Ivyah 5:9.Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Mur’ iyo misi abantu cumi bazova mu mahanga y’indimi zidahwanye, bafate umutwe w’impuzu y’Umuyuda, bamubgire, bati Turajana, kuko twumvise yukw Imana iri kumwe namwe.

Currently Selected:

Zekariya 8: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in

Video for Zekariya 8