YouVersion Logo
Search Icon

Zekariya 7

7
Ukwisonzesha Imana idashima
1Mu mwaka ugira kane Dariyo ari ku ngoma, ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Zekariya ku musi wa kane w’ukwezi kw’icenda kwitwa Kisilevu. 2#1 Sam 13:12; Mal 1:9.Nukw ab’i Beteli bāri batumye Shareseri na Regemu‐Meleki n’abantu babo, ngo binginge Uhoraho abahangaze, 3#2 Abam 25:8; Zek 12:12.kandi ngo babonane n’abaherezi bo mu ngoro y’Uhoraho Nyen’ ingabo n’abavugishwa n’Imana, bababaze, bati Mbega dukwiye kwama turira mu kwezi kwa gatanu, twigungiye ukwacu, nk’uko twabigenza mur’ iyo myaka yose ukw ingana? 4Maz’ ijambo ry’ Uhoraho Nyen’ ingabo rinzako, 5#2 Abam 25:25; Yes 58:4, 5; Zek 1:12.riti Barira abantu bose bo mu gihugu, bo n’abaherezi, uti Hamwe mwahora mwisonzesha mukaboroga mu kwezi kwa gatanu no mu kw’indwi mur’ iyi myaka yose ukw ari mirongwirindwi, mbega ni jewe ubganje mwagiye mwisonzeshereza? 6#1 Kor 11:20, 21.Kand’ iyo murya cank’ iyo munywa, mbega si mwebge mwīrīra ubganyu, mukīnywera ubganyu? 7#Yer 17:26.Mbega ntimwari mukwiye kwumva amajambo Uhoraho yavugiye mu bāvugishwa na we ba kera, hamwe Yerusalemu hāri hagitūritse, hakir’ amahoro, bo n’ibisagara vyaho bihakikije, kand’ igihugu c’i bumanuko no mu biyaya na vyo bigitūritse?
8Maz’ ijambo ry’Uhoraho riza kuri Zekariya, 9#Kuv 22:21, 22; Imig 22:22; Yer 5:28; 21:12; Mik 6:8; Mat 23:23.rit’ Uku ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo yagize, ati Ni muce imanza ziroranye, umuntu wese agirire mugenzi we imbabazi n’ikigongwe. 10Kandi mureke kurya abapfakazi n’impfuvyi n’ingenzi na ba nyarucari; ntihagire n’umwe muri mwebge yīgīra imigabo mu mutima wiwe yo kugirira nabi mugenzi we. 11#Neh 9:29.Ariko banka kwumva, bantera ibitugu, bīziba amatwi ngo boye kwumva. 12#2 Ngo 36:16; Neh 9:30; Ezk 11:19.Mbere bīkomantaje imitima imera nk’isare, ngo boye kwumva ivyagezwe n’amajambo Uhoraho Nyen’ ingabo yarungitse muri Mpwemu wiwe, ayavugira mu bavugishwa na we ba kera; ni co catumye uburake buhambaye buva k’Uhoraho Nyen’ ingabo. 13#Imig 1:24-28; Yer 11:11.Kandi nk’uko nahamagaye bakica amatwi, ni ko na bo bazohamagara nanje nkica amatwi, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize; 14#Ezk 12:15, 19; Zef 3:6.ariko nzobasābagirisha agashururu, baje mu mahanga yose batīgeze kumenya. Uko ni kw igihugu kizosigara ar’ amatongo bakivuyemwo; ntihagire umuntu n’umwe aba akihaca cank’ agisubirayo: kukw igihugu c’igikundiro bāri bagihinduye amatongo.

Currently Selected:

Zekariya 7: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in