YouVersion Logo
Search Icon

Mariko 14

14
Baja inama yo kwica Yesu
1 # Mat 26:1-5; Luk 22:1-2. Hāri hasigaye imisi ibiri, imisi mikuru ya Pasika ikagera, ni yo yo kurya imitsima itambiwe. Abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe barondera uburyo bgo gusuka Yesu ngo bamufate bamwice: 2kuko bāvuga, bati Ntitumufate mu misi mikuru, abantu bogūmūka.
Yesu asukirwakw amavuta mu nzu kwa Simoni umunyamibembe
3 # Luk 7:36. Ar’i Betaniya mu nzu kwa Simoni umunyamibembe, yicaye arikw ararya, haza umugore afise ikebano ry’amavuta atāmirana, y’igiciro kinini cane, y’agati kitwa narada: amena iryo kebano, amavuta ayamusuka ku mutwe.#Mat 26:6-13; Yoh 12:1-8. 4Bamwe muri bo barītonganya, bati Mbeg’ ubu buhombe bg’aya mavuta n’ubg’ iki? 5Kuko yoshoboye kugurwa idenariyo amajana atatu arenga, zigahabga aboro: baramwidodombera. 6Yesu arababarira, ati Ni mumureke! Mumubabariza iki? Ankoreye igikorwa ciza. 7#Gus 15:11.Aboro murāmana imisi yose; aho mwogombera mwobagirira neza; ariko jeho ntituja kwamana imisi yose. 8Akoze ukw ashoboye, ansutse amavuta ku mubiri kuwutegurira guhambga bitaraba. 9Ndababgire ukuri: Ah’ ubutumwa bgiza buzovugwa hose mw isi yose, n’ico uyu akoze kizovugwa, kibe icibutso ciwe.
Yuda agura Yesu
10 # Mat 26:14-16; Luk 22:3-6. Kandi Yuda Isikaryota, yar’ umwe muri bamwe cumi na babiri, aja ku baherezi bakuru, ngw az’ amubaronkere. 11Bavyumvise baranezerwa, basezerana kumuha amahera y’ifeza. Arondera uburyo bgo kumubaronkera.
Yesu n’abigishwa biwe basangira ivya Pasika
12 # Mat 26:17-19; Luk 22:7-13. Ku musi w’intangamarāra wo kurya imitsima itambiwe, uwo bābāgak’ umwagazi w’intama wa Pasika, abigishwa biwe baramubaza, bat’ Ugomba ko twoja hehe gutegura ivya Pasika ng’ ubirye? 13Atuma babiri mu bigishwa biwe, arababarira, ati Ni muje mu gisagara, umugabo muribuhūre yikoreye umubindi w’amazi mumukurikire. 14#Mrk 11:3.Ah’ aja kwinjira mubgire nyen’ urwo rugo, mut’ Umwigisha agize ngw Indāro yiwe iri hehe, ah’ asangirira ivya Pasika n’abigishwa biwe? 15Ubgiwe aribubereke inzu nini yo hejuru, isēzeye, iteguritse; abe ari yo muduteguriramwo. 16Ba bigishwa baragenda, baja mu gisagara, babisanga uko yabibabariye: bategura ivya Pasika.
17 # Mat 26:20-29; Luk 22:14-23; Yoh 13:21-26. Bugorovye azanana na bamwe cumi na babiri. 18#Zab 41:9.Bicaye bariko bararya, Yesu arababgira, ati Ndababgire ukuri: Umwe muri mwebge, uwo dusangira, agira angure. 19Batangura kubabara, bamubaza umwe‐umwe, bati Mbega ni jewe? 20Arabishura, at’ Umwe muri mwebge cumi na babiri, uwo turiko turakoreza amaboko rimwe mu mubehe, ni we. 21Umwana w’umuntu agira agende uko vyanditswe kuri we: arik’ uwo muntu agura Umwana w’umuntu azobona ibara; uwo muntu ivyomubereye vyiza iyaba atāvutse.
Yesu atanguza Ingaburo Yera
22 # 1 Kor 11:23-25. Maze bariko bararya, yābīra umutsima; awuhezagiye arawumanyagura, arawubaha, ati Ni mwābīre, uyu n’umubiri wanje. 23Yābīra igikombe; agishimiye Imana arakibaha, bakinywerako bose. 24#Kuv 24:8; Zek 9:11.Arababarira, at’ Ico n’amaraso yanje y’isezerano, aviriye benshi. 25Ndababgire ukuri: Sinzokwongera kunywa ku nzabibu, gushitsa kuri wa musi nzonywera umutobe wazo musha mu bgami bg’Imana.
Yesu avuga yuko Petero ahava amwihakana gatatu
26 # Zab 113—118. Bahejeje kuririmba, barasohoka, baja ku musozi wa Elayono.#Mat 26:30-35; Luk 22:31-34, 39.
27 # Zek 13:7. Maze Yesu arababgira, ati Mwese muhava mutsitazwa: kuko handitswe, ngo Nzokubita umwungere, intama zisanzare. 28#Mrk 16:7.Ariko ni namara kuzurwa, nzobītangira imbere kuja i Galilaya. 29Maze Petero aramubgira, ati N’iyo vyotsitaza bose, urakūra jeho. 30#Yoh 13:38.Yesu aramubgira, ati Ndakubgira ukuri yuko wewe ubgawe uyu musi mur’ iri joro nyene, inkoko itaragereka uhava unyihakana gatatu. 31#Yoh 11:16.Arikw arīhanukīra cane, ati N’iyo noba nkwiye gupfana nawe, sinokwihakana. N’abandi na bo bavuga bartyo bose.
Yesu asengana umubabaro, ar’i Getsemane
32 # Yoh 18:1. Maze bashika ahantu hitwa i Getsemane, abarira abigishwa biwe, ati Ba muricaye hano, mbanze nje gusenga.#Mat 26:36-46; Luk 22:40-46. 33Ajana Petero na Yakobo na Yohana, atangura kwumirwa no guhagarika umutima cane. 34#Yoh 12:27; Zab 43:5.Arababgira, at’ Umutima wanje uri n’akabonge kagomba kunyica; ba muragumye hano, mube maso. 35Yunguruza imbere gatoya, yubama hasi arasenga ngw ico gihe kimurengāne, asangwa bishoboka. 36#Mrk 10:38.Ati Abba, Data, vyose biragushobokera: kūra iki gikombe kindēngāne: ariko ntibibe uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba. 37Aragaruka, asanga basinziriye, abaza Petero, ati Simoni, urasinziriye? Nturushe uba maso n’isaha n’imwe? 38Ni mube maso, musenge, ntimuje mu mosha mabi. Umutima ni wo ukunze, arik’ umubiri ufise intege nke. 39Yongera kugenda, arasenga, avuga amajambo amwe n’aya mbere. 40Yongera kugaruka, asanga basinziriye, kukw amaso yabo yar’ aremerewe cane, ntibāmenya ico bamwishura. 41Agaruka ubugira gatatu, arababarira, ati Ni mwisinzirire noneho, muruhuke: biraheze. Igihe kirashitse; rāba Umwana w’umuntu ashizwe mu maboko y’abanyavyaha. 42#Yoh 14:31.Ni muvyuke, tugende: eh’ ūnguze ari hafi.
Bafata Yesu
43 # Mat 26:47-58; Luk 22:47-55; Yoh 18:2-18. Buno nyene akivuga, Yuda, umwe muri bamwe cumi na babiri, araza, azananye n’igitero kizanye inkota n’amahiri, kivuye ku baherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe n’abashingantahe. 44Arik’ ūmugura yari yabahaye ikimenyetso, at’ Uwo nja gusoma azoba ari we, mumufate, mumujane mumugumije. 45Ashitse, aca aramwēgēra, ati Mwigisha: maz’ aramusomagura. 46Bamushōrerakw amaboko, baramufata. 47Maz’ umwe mu bahagazeho asokora inkota, ayikubita umushumba w’umuherezi mukuru, amuca ugutwi. 48Yesu arababaza, ati Mbega munziye kumfata nk’umwambuzi, muzanye inkota n’amahiri? 49Ko nāmana namwe mu rusengero nigisha imisi yose, ntimumfate: arikw ibi bibaye kugira ngw ivyanditswe bishike. 50Maze bose baramuta barahunga.
51Kand’ umuhungu umwe w’umusore amuja inyuma, yikuvyekw impuzu imwe gusa, baramufata: 52abatāna impuzu yiwe, ahunga amēnya.
Abaherezi n’abashingantahe bacira Yesu urubanza rwo gupfa
53Bajana Yesu ku muherezi mukuru, abaherezi bakuru bose n’abashingantahe n’abanyabgenge b’ivyanditswe bakoraniraho. 54Petero amuja inyuma barenga arenguka, ashika imbere mu rugo rw’umuherezi mukuru; yicarana n’abagendanyi yota umuriro. 55#Mat 26:59-68; Luk 22:63-71; Yoh 18:19-24.Maz’ abaherezi bakuru n’abashingantahe b’amakombe bose baronderera Yesu ibirego vyomwicisha, barabibura. 56Nah’ abāmurega ibinyoma bāri benshi, ibirego vyabo ntivyari bihūye. 57Bamwe bava hasi, baramubeshera, 58#Yoh 2:19; 4:21, 23.bati Twebge twaramwumvise avuga, ati Nzosambura uru rusengero rwubatswe n’intoke nubake urundi mu misi itatu, rutubatswe n’intoke. 59Ariko na ho nyene amagambo yabo ntiyar’ ahūye. 60Umuherezi mukuru arahaguruka, ahagarara hagati, abaza Yesu, ati Nta co wiregura? Aba bakwagirije iki? 61#Mrk 15:5; Yes 53:7.Arihorera, ntiyamwishura na rimwe. Umuherezi mukuru yongera kumubaza, ati Ni wewe Kristo, Umwana w’Īshimwa? 62#Dan 7:13; Zab 110:1.Yesu aramwishura, ati Ndi we; kandi muzobona Umwana w’umuntu yicaye i buryo bg’Ububasha, azananye n’ibicu vyo kw ijuru. 63Maz’ umuherezi mukuru yitantamurirakw imyambaro yiwe, aravuga, ati Turacaronderera iki ivyabona? 64#Yoh 19:7.Murīyumviye ingen’ arogose: mugira ngw iki? Bose bamucira urubanza ngw akwiye gupfa. 65Bamwe batangura kumuvuma amate, bamupfuka mu maso, bamukubita ibipfunsi, bati N’udupfīndūre. Abagendanyi bamushikizakw inshi.
Petero yihakana Yesu
66 # Mat 26:69-75; Luk 22:56-62; Yoh 18:25-27. Petero akiri mu rugo ahahera hepfo, haza umwe mu ncoreke z’umuherezi mukuru, 67abonye Petero yota umuriro, aramwitegereza, aramubgira, ati Nawe nyene mwari kumwe na wa Munyanazareti Yesu. 68Na we arabihakana, ati Sinzi ico uvuze, singitahuye. Maz’ arunguruza, ashika mu bikingi vy’irembo; inkoko irabika. 69Ya ncoreke imubonye, itangura kwongera kubgira abahagazeho, it’ Uyu n’uwo muri bo. 70Na we yongera kubihakana. Maze hahise akanya, abahagazeho bongera kubgira Petero, bati N’ivy’ ukuri ur’ uwo muri bo, bitayeko ur’ Umunyagalilaya. 71Na we atangura kurahira arīsiba, at’ Uyo muntu muvuga sindanamuzi. 72#Mrk 14:30.Uwo mwanya inkoko ibika ubugira kabiri. Petero yibuka rya jambo Yesu yamubgiye, at’ Inkoko itaragereka, uja kunyihakana gatatu; avyiyumviriye, ararira.

Currently Selected:

Mariko 14: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in