YouVersion Logo
Search Icon

Mariko 13

13
Ibimenyetso vyerekana uguhona kw’i Yerusalemu, n’ukugaruka kwa Yesu
1 # Mat 24:1-51; Luk 21:5-36. Arikw arasohoka mu rusengero, umwe mu bigishwa biwe aramubgira, ati Mwigisha, rāba aya mabuye ukw ari, n’iyi nyubako ukw iri! 2Yesu aramubaza, at’ Urarāba iyi nyubako ihambaye? Ntihazosigazwa ibuye rigeretse ku rindi, ridasamburiwe hasi.
3Yicaye ku musozi wa Elayono yerekeye ku rusengero, Petero na Yakobo na Yohana na Andereya baramubaza bihereranye, 4bati Tubgire, ivyo bizobaho ryari, ikimenyetso kizoba iki, c’igihe ivyo vyose bizoba bigira bishike? 5Yesu atangura kubabgira, ati Mwirinde ntihagire ūbazimiza. 6Benshi bazoza mw izina ryanje, bati Ndi we; kandi bazozimiza benshi. 7Kandi ni mwumva intambara n’impuha z’intambara, ntimuze muhagarike imitima: ntibizobura kubaho, arik’ umuhero uzoba utaraza. 8#Yes 19:2; 2 Ngo 15:6.Kukw ihanga rizotera irindi hanga, n’ubgami buzotera ubundi bgami, isi izonyiganyiga henshi, amapfa azotera. Ivyo n’itanguriro ryo kuramukwa.
9 # Mat 10:17-22; Luk 21:12-17. Ariko mwiyubare: kuko bazobashengerana mu manza, muzoshishagurirwa mu masinagogi, kandi muzohagarara imbere y’abaganza n’abami babampōra, mube ikimenyetso kibabere icabona. 10#Mrk 16:15.Ubutumwa bgiza bukwiye kubanza kuvugwa mu mahanga yose. 11Kandi ni babajana babashengeranye, ntimuze muhagarikire imitima ico muzovuga; ico muzohabga cose mur’ ako kanya, muze mube ari co muvuga: kukw atazoba ari mwebge muvuga, azoba ari Mpwemu Yera. 12#Mik 7:6.Umuntu azoshengerana uwo bavukana ngo bamwice, na se w’umwana azomushengerana, n’abana bazogābagābira abavyeyi babicishe. 13#Yoh 15:21.Muzoba mwanswe na bose, babahōra izina ryanje: arik’ uwihangana, agashitsa iherezo, ni we azokira.
14 # Dan 9:27; 12:4, 10. Ariko, aho muzobonera ca kizira c’ubuyobe bg’ubugesera gihagaze aho kidakwiye, (ūsoma ni yiyubare), ico gihe abazoba bar’ i Yudaya baze bahungire ku misozi miremire, 15ūzoba ari hejuru ku nzu ntaze yururutswe no kwinjira gusahura ikintu cose mu nzu yiwe: 16ūzoba ari mu mirima ntaz’ asubizwe inyuma no gusahura umutamana wiwe.
17Ariko mur’ iyo misi abazoba batwaye inda n’abonsa bazobona ibara: 18kandi muze musenge kugira ngo ntibize bibe mu rushana. 19#Dan 12:1; Yow 2:2.Kukw iyo misi izoba iy’ amarushwa atigeze kubaho, kuva kw itanguriro ry’ibiremwa Imana yaremye ugashitsa n’ubu, kand’ atazokwongera kubaho. 20Iyaba Umwami Imana itogeruye iyo misi, ntihorokotse umuntu n’umwe, ariko kubg’ abatoranijwe yatoranije, yarayigeruye. 21Ico gihe ni hagira umuntu ababgira, at’ Ehe Kristo ari hano; cank’ at’ Ari hariya: ntimuze muvyemere. 22#Gus 13:1.Kuko hazokwaduka abīgira Kristo n’abīgira abavugishwa n’Imana, bagakora ibimenyetso n’ibitangaza, kugira ngo bazimize n’abatoranijwe, ni vyashoboka. 23Ariko mweho mwiyubare: rāba ndabibabgiye vyose bitaraba.
24 # Yes 13:10. Ariko mur’ iyo misi, hanyuma y’ayo marushwa, izuba rizocura umwiza, n’ukwezi ntikuzoba kucaka umuco wakwo, 25#Yes 34:4.n’inyenyeri zizoba ziriko zirakoragurika ziva kw ijuru, n’ivy’ inkomezi vyo mu majuru bizonyiganyizwa. 26#Dan 7:13.Ni ho bazobona Umwana w’umuntu aje mu bicu, ari n’ububasha bginshi n’ubgiza. 27#Zek 2:6; Gus 30:4; Mat 13:41.Ni ho azotuma abamarayika, akoranye abatoranijwe biwe, bave mu birēre bine, guhēra ku mpera y’isi kugeza impera y’ijuru.
28Ni mwigire ku musukoni umugani wawo: ishami ryawo iyo ritoshe, amababi agatutuza, mumenya yukw agatāsi kari hafi: 29nuko namwe ni mwabona ivyo bibaye, muze mumenye kw ari hafi, ku rugi. 30Ndababgire ukuri: Ab’iki gihe ntibazorangira, ivyo vyose bitarashika. 31Ijuru n’isi bizorangira, arikw amajambo yanje nta co azoba. 32Arik’ uwo musi cank’ iyo saha, nta wubizi, n’iyo boba abamarayika bo mw ijuru, cank’ Umwana w’Imana, atari Data gusa. 33Mwiyubare, mube maso, musenge; kuko mutazi igihe bizoshikira. 34#Mat 25:14; Luk 19:12.Ni nk’umuntu yasize urugo rwiwe, aja mu kindi gihugu, asigarana abashumba biwe urugo, kand’ ahejeje kugerera umuntu wese igikorwa ciwe, abarira umuteramyi ngo yame agavye. 35#Luk 12:38.Nuko mwame mugavye, kuko mutazi igihe nyen’ urugo azozamwo, namb’ ari ku mugoroba, canke mu gicugu, canke mu nkoko, cank’ umutwenzi ukītse: 36kugira ngo ni yaza giturumbuka, ntasange musinziriye. 37Arikw ico mbabariye, ndakibarira bose, nti Mwame mugavye.

Currently Selected:

Mariko 13: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in