YouVersion Logo
Search Icon

Mariko 12

12
Umugani w’abarimyi b’abagarariji
1 # Yes 5:1, 2. Atangura kubabgira mu migani, ati Hābaye umuntu yateye uruzabibu, aruzitirira uruzitiro, yimbamw’ ubgato bg’ikinogo, yubakamw’ umutara, arusigarana abarimyi, aja mu mahanga.#Mat 21:33-46; Luk 20:9-19. 2Hageze mw iyera atuma umukozi ku barimyi, ngw aze yake abo barimyi ivyāmūwe mu ruzabibu. 3Baramufata, baramushishagura, bamurungika gusa. 4Yongera kubatumak’ uwundi mukozi, uwo bamukubita uruguma mu mutwe, baramutetereza. 5Atuma uwundi, uwo we baramwica: atuma n’abandi benshi, bamwe barabashishagura, abandi barabica. 6Yar’ agisigaranye umwe, umwana wiwe akunda: hanyuma amubatumako, ati Bazosonera umwana wanje. 7Maz’ abo barimyi baravugana, bat’ Urya ni we samuragwa; ni muze tumwice, umwandu uz’ ube uwacu. 8#Heb 13:12.Baramufata, baramwica, bamukwegera inyuma y’uruzabibu. 9None nyen’ uruzabibu azogenza ate? Abo barimyi azoza abice rubi, uruzabibu arusigarane abandi. 10Mbega nta ho murasoma iki canditswe,
ngw Ibuye abubatsi bāgaye
Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka;#Zab 118:22, 23.
11Ivyo vyavuye k’Uhoraho,
Kandi n’igitangaza mu maso yacu?
12Barondera ingene bomufata, batinya abantu: kuko bamenye yukw ari bo yaciyek’ uwo mugani; bamusiga hano, baragenda.
Abafarisayo bamugezesha ivy’ ikori
13 # Mrk 3:6. Bamutumako bamwe mu Bafarisayo n’abantu ba Herode, ngo bamutegeshe amajambo.#Mat 22:15-22; Luk 20:20-26. 14Bāje baramubgira, bati Mwigisha, turazi yuk’ ur’ umunyakuri, kandi k’udatinya umuntu wese ku kigohe, kuk’ udatinya ijunja ry’abantu, ariko ko wigisha inzira y’Imana vy’ukuri. Mbega biremerwa gutanga ikori rya Kayisari, canke ntivyemerwa? 15Turitange, canke dusigeho? Maz’ amenye uburyarya bgabo arababaza, ati Mungereza iki? Ni munzanire idenariyo, ndayirābe. 16Barayizana. Arababaza, at’ Iki gishushanyo n’ibi vyanditsweko n’ivya nde? Baramwishura, bati N’ivya Kayisari. 17#Rom 13:7.Yesu arababarira, at’ Ivya Kayisari ni mubihe Kayisari, ivy’ Imana mubihe Imana. Baramutangarira cane.
Yesu yishura Abasadukayo ivy’ ukuzuka
18 # Mat 22:23-33; Luk 20:27-38. Maz’ Abasadukayo baza kuri we, abahakana yukw ata kuzuka kuriho, baramubaza, 19#Gus 25:5, 6; Ita 38:8.bati Mwigisha, Mose yatwandikiye yuko mwene nyina w’umuntu ni yapfa, agasiga umugore wiwe, adasize umwana, mwene nyina akwiye gucūra uwo mugore, ngw ahonore mwene nyina. 20Hābaye abavukana ndwi: uwa mbere ararongora, arapfa, ntiyasiga abana; 21uwa kabiri acūra umupfakazi wiwe, na we apfa adasize abana; n’uwa gatatu aba artyo; 22bose ukw ar’ indwi ntibāsiga abana. Hanyuma ya bose, na wa mugore arapfa. 23Mbega mw izuka azoba muka nde muri bo? Ko bāri bamufise bose ukw ar’ indwi! 24Yesu arabishura, at’ Igituma muzimira mbega s’uko mutāmenye ivyanditswe cank’ ubushobozi bg’Imana? 25Aho bazozukira mu bapfuye ntibazorongora kandi ntibazoshingirwa: bazoba nk’abamarayika bo mw ijuru. 26#Kuv 3:2, 6; Mat 8:11; Luk 16:22.Arikw ivy’ abapfuye yuko bazurwa, nta ho murasoma mu gitabo ca Mose hamwe havuga ivy’ Igisaka c’amahwa, ingen’ Imana yamubgiye, iti Ni jewe Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo? 27Imana s’iy’ abapfuye, n’iy’ abariho: mwarazimiye cane.
Ibgirizwa rikuru
28 # Luk 10:25-28. Haza umwe mu banyabgenge b’ivyanditswe yumva babazanya, amenye kw abishuye neza, aramubaza, at’ Ibgirizwa ry’imbere muri yose n’irihe?#Mat 22:34-40; Luk 20:39, 40. 29#Gus 6:4, 5.Yesu aramwishura, at’ Iry’ imbere n’iri, ngo Ni mwumve, yemwe Bisirayeli: Uhoraho Imana yacu ni we Uhoraho wenyene. 30#Yoh 15:12.Kandi mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose, n’ubugingo bganyu bgose, n’ubgenge bganyu bgose, n’inkomezi zanyu zose. 31#Lew 19:18.Irya kabiri ngiri, Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda; nta rindi bgirizwa risumba ayo. 32#Gus 4:35; 6:4.Uno munyabgenge w’ivyanditswe aramubgira, ati Ni koko, Mwigisha, uvuze ivy’ ukuri yukw ar’ Imwe, nta yindi, atari yo yonyene: 33#1 Sam 15:22.kandi kuyikundisha umutima wose, n’ugutahura kwose, n’inkomezi zose, bo n’ugukunda mugenzawe nk’uko wikunda, biruta cane ibimazi vyose vyoshejwe n’ibitoshejwe. 34#Ivyak 26:27-29.Yesu abonye amwishuranye ubgenge, aramubgira, ati Nturi kure y’ubgami bg’Imana. Ntihāgira ūsubira kwubahuka kugira ico amubaza.
Umwana wa Dawidi
35 # Mat 22:41-46; Luk 20:41-44. Kandi Yesu yigishiriza mu rusengero, arababaza, at’ Abanyabgenge b’ivyanditswe bavuga bate yuko Kristo ari mwene Dawidi? 36Dawidi ubgiwe yavugishijwe na Mpwemu Yera, aravuga,
at’ Uhoraho yabariye Umwami wanje,
At’ Icara i buryo bganje,
Ushitse aho nzoshirira abansi bawe musi y’ibirenge vyawe.#Zab 110:1; 2 Sam 23:2; Yoh 7:42.
37Dawidi kw ari we amwita Umwami, non’ ivyo kuba umwana wiwe vyavuye hehe? Abenshi mw ishengero banezererwa kumwumva.
Yesu abuza abigishwa gukurikira abanyabgenge b’ivyanditswe
38 # Mat 23:1-39; Luk 20:45-47. Kand’ ababarira mu kwigisha kwiwe, ati Mwirinde abanyabgenge b’ivyanditswe, bakunda kugenda bambaye imvune, no kugirwako bgakeye mu tuguriro, 39no kwicara ku ntebe z’icubahiro mu masinagogi, n’ivyicaro vyo haruguru aho batumiwe. 40Barya ingo z’abapfakazi, kandi basengesha menshi bahumba: abo bazocirwa urubanza ruruta izindi.
Umupfakazi w’umworo
41 # 2 Abam 12:9. Yicara yerekeye ku masandugu y’amahera, abona ingen’ ishengero rishikana amahera, bayaterera mur’ ayo masandugu: benshi b’abatunzi batereramwo menshi.#Luk 21:1-4. 42Haza umupfakazi w’umworo, atereramw’ amasenge abiri, ni yo kuta. 43Ahamagara abigishwa biwe, arababgira, ati Ndababgire ukuri, Uyu mupfakazi w’umworo ashikanye ibirengeye ivyo bose batereye mu masandugu: 44#2 Kor 8:12.kuko bose bashikanye ku bibasāgutse, ariko we ku bgoro bgiwe ashikanye ivyo yar’ afise vyose, n’ibimutunze vyose.

Currently Selected:

Mariko 12: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in