1
Mariko 14:36
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
Ati Abba, Data, vyose biragushobokera: kūra iki gikombe kindēngāne: ariko ntibibe uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.
Compare
Explore Mariko 14:36
2
Mariko 14:38
Ni mube maso, musenge, ntimuje mu mosha mabi. Umutima ni wo ukunze, arik’ umubiri ufise intege nke.
Explore Mariko 14:38
3
Mariko 14:9
Ndababgire ukuri: Ah’ ubutumwa bgiza buzovugwa hose mw isi yose, n’ico uyu akoze kizovugwa, kibe icibutso ciwe.
Explore Mariko 14:9
4
Mariko 14:34
Arababgira, at’ Umutima wanje uri n’akabonge kagomba kunyica; ba muragumye hano, mube maso.
Explore Mariko 14:34
5
Mariko 14:22
Maze bariko bararya, yābīra umutsima; awuhezagiye arawumanyagura, arawubaha, ati Ni mwābīre, uyu n’umubiri wanje.
Explore Mariko 14:22
6
Mariko 14:23-24
Yābīra igikombe; agishimiye Imana arakibaha, bakinywerako bose. Arababarira, at’ Ico n’amaraso yanje y’isezerano, aviriye benshi.
Explore Mariko 14:23-24
7
Mariko 14:27
Maze Yesu arababgira, ati Mwese muhava mutsitazwa: kuko handitswe, ngo Nzokubita umwungere, intama zisanzare.
Explore Mariko 14:27
8
Mariko 14:42
Ni muvyuke, tugende: eh’ ūnguze ari hafi.
Explore Mariko 14:42
9
Mariko 14:30
Yesu aramubgira, ati Ndakubgira ukuri yuko wewe ubgawe uyu musi mur’ iri joro nyene, inkoko itaragereka uhava unyihakana gatatu.
Explore Mariko 14:30
Home
Bible
Plans
Videos