YouVersion Logo
Search Icon

Mariko 1

1
Yohana Umubatizi
1Itanguriro ry’ubutumwa bgiza bga Yesu Kristo, Umwana w’Imana.
2Nk’uko vyanditswe na Yesaya yavugishwa n’Imana,
Ng’ Umve, ngira ntume integuza yanje imbere y’amaso yawe,
Ikuroranirize inzira.#Mat 3:1-12; Luk 3:1-18; Yoh 1:19-30.#Mal 3:1; Mat 11:10; Yoh 3:28.
3 # Yes 40:3. Ijwi ry’ūsemererera mu bugaragwa,
Ati Ni mutegure inzira y’Uhoraho,
Mugorore iz’ ibihamo ziwe.
4Ni ko Yohana yaje, abatiriza mu bugaragwa, yigisha ukubatizwa kwo kwihana, ngo babohorwe ivyaha. 5Igihugu c’i Yudaya cose n’ab’i Yerusalemu bose bava i wabo, baza kuri we: ababatiriza mu ruzi Yorodani, bātuye ivyaha vyabo. 6#2 Abam 1:8; Zek 13:4.Kandi Yohana yambara ubgoya bg’ingamiya, akabukenyeza umukanda w’urusato mu rukenyerero, kandi yarya inzige n’ubūki bgo mw ishamba. 7#Ivyak 13:25.Yaravuga, at’ Ūndusha ubushobozi azoza mu nyuma yanje, ntibimbereye no kwunama ngo mpfundurure utugozi tw’inkweto ziwe. 8Jeho ndababatirishije amazi, ariko we azobabatirisha Mpwemu Yera.
Yesu amaze kubatizwa ageragezwa na Satani
9 # Luk 2:51. Mur’ iyo misi Yesu ava i Nazareti i Galilaya, araza, abatizwa na Yohana muri Yorodani.#Mat 3:13-17; Luk 3:21-22; Yoh 1:31-34. 10Avuye mu mazi, aca abona ijuru ritandukanye, Mpwemu aramanuka amugwako, asa n’inuma. 11#Mrk 9:7; Zab 2:7; Yes 42:1.Ijwi riva mw ijuru, riti Ni wewe Mwana wanje nkunda ukampimbara.
12 # Mat 4:1-11; Luk 4:1-13. Mpwemu aca amushorera mu bugaragwa. 13#Zab 91:13; Yoh 1:51.Amaray’ imisi mirongwine, ageragezwa na Satani; kandi yaba hamwe n’ibikōko, abamarayika bakamukorera.
Yesu avuga ubutumwa bgiza, atangura guhamagara abigishwa
14 # Mat 4:12-17; Luk 4:14, 15. Yohana amaze gushirwa mw ibohero, Yesu aja i Galilaya, ababgira ubutumwa bgiza bg’Imana, 15#Gal 4:4.at’ Igihe kirashitse, ubgami bg’Imana buri hafi: mwihane, mwemere ubutumwa bgiza.
16 # Mat 4:18-22; Luk 5:1-11. Aciye i ruhande y’ikiyaga c’i Galilaya, abona Simoni na Andereya mwene nyina baterera urusenga#1:16 Urwo rusenga abo ku kiyaga barwita umukwabu. mu kiyaga, kuko bār’ abarovyi. 17#Mat 13:47.Yesu arababarira, ati Ni munkurikire, nzobagira abaroba abantu. 18Baca bareka insenga, baramukurikira. 19Yīgiye imbere gato, abona Yakobo mwene Zebedayo na Yohana mwene nyina, na bo bari mu bgato basana insenga. 20Aca arabahamagara, basiga se Zebedayo mu bgato hamwe n’abakozi biwe, baramukurikira.
Akiza umuntu yinjiwemwo n’impwemu ihumanye
21 # Mat 4:13. Bashika i Kaperinawumu, aca yinjira mw isinagogi kw isabato, arabigisha.#Luk 4:31-37. 22#Mat 7:28, 29.Batangazwa n’inyigisho ziwe, kuko yabigisha nk’ūfise ububasha, ntase n’abanyabgenge b’ivyanditswe. 23Uwo mwanya mw isinagogi yabo hār’ umuntu yinjiwemwo n’impwemu ihumanye, arasemerera, 24#Mrk 5:7; Zab 16:10.ati Duhūriye hehe ga Yesu Munyanazareti? Uje kuduhonnya? Ndakuzi uw’ uri we, ur’ Uwera w’Imana. 25Yesu aramuzibiza, ati Hora, muvemwo. 26#Mrk 9:26.Iyo mpwemu ihumanye iramujegeza, irasemerera, ivuga n’ijwi rirenga, imuvamwo. 27Bose baratangara, bituma babazanya, bat’ Iki n’iki? N’ukwigisha gusha! N’ububasha agera n’impwemu zihumanye na zo, zikamwumvira. 28Inkuru yiwe ica ikwira hose mu gihugu cose c’i Galilaya kihakikije.
Akiza inabukwe wa Simoni n’abandi benshi
29 # Mat 8:14-16; Luk 4:38-41. Bavuye mw isinagogi, baca bajana na Yakobo na Yohana mu nzu kwa Simoni na Andereya. 30Kandi inabukwe wa Simoni yar’ aryamye, afashwe n’umururumbo, baca bamubarira ivyiwe. 31Araza, amufata ukuboko, aramuvyutsa, umururumbo urazima, arabazimana.
32Ku kagoroba, ku kirengazuba, bamuzanira abarwaye bose n’abinjiwemwo n’abadayimoni. 33Igisagara cose gikoranira kw irembo. 34#Ivyak 16:17, 18.Akiza benshi bāri barwaye indwara zitari zimwe, asenda abadayimoni benshi, ntiyakundira abo badayimoni ko bavuga, kuko bāri bamuzi.
Ava i Kaperinawumu, kand’ akiza umunyamibembe
35 # Luk 4:42-44. Mw ijoro rishīra ubuca aravyuka, arasohoka, aja mu gahinga, asengerayo. 36Simoni n’abandi bāri kumwe na we baramukurikira: 37bamubonye baramubgira, bati Bose bariko barakurondera. 38Arabishura, ati Tuje ahandi mu bisagara biri hafi, na ho nyene nigisheyo, kukw ari co canzanye. 39Yinjira mu masinagogi yabo i Galilaya hose, avuga ijambo ry’Imana, asenda abadayimoni.
40 # Mat 8:2-4; Luk 5:12-16. Haza umunyamibembe kuri we, amwinginga amupfukamiye, at’ Ukunze, woshobora kumpumanura. 41Amugirira akagongwe, aramvura ukuboko, amukorako, ati Ndakunze, humanuka. 42Imibembe ica imuvako, arakira. 43#Mrk 3:12; 7:36.Aramwihanikiriza rwose, aca amurungika uwo mwanya, 44#Lew 13:49; 14:2-32.aramubarira, ati Wirinde, ntugire uwo ubikerukiriza, ariko genda, wiyereke umuherezi, utange ivy’ uguhumanurwa kwawe, nk’uko Mose yageze, bibe ikimenyetso kibabere icabona. 45Maz’ avaho, atangura kwandagaza no gukwiza ivyabaye; ni co catumye Yesu atābaye agishobora kuja mu gisagara abandi babizi, arikw aguma inyuma yaco mu gahinga: abava hose baza kuri we.

Currently Selected:

Mariko 1: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in