YouVersion Logo
Search Icon

Mariko 2

2
Yesu akiza ikimuga
1 # Mat 9:1-8; Luk 5:17-26. Hashize imisi, asubira i Kaperinawumu, bimenyekana kw ari mu nzu. 2Bakoraniraho benshi, ntibakwirwa mu nzu, eka n’imbere y’umuryango hose; ababgira ijambo ry’Imana. 3Haza abazanye ikimuga, bagiteruye ari bane. 4Babuze ingene bamushikīra kubg’ ishengero, basambura inzu hejuru y’ah’ atumbereye; bahejeje kuhatobora, bururukirizamw’ inderuzo, iryamyemw’ ico kimuga. 5Yesu abonye ukwizera kwabo, abgira ico kimuga, ati Mwana wanje, ivyaha vyawe urabihariwe. 6Ariko hārih’ abanyabgenge b’ivyanditswe bamwe bicayeho, bībūranya mu mitima, 7#Yes 43:25.bati N’iki gitumye uyo avuga artyo? Ararogose: ni nde ashobora guharira ivyaha, atar’ umwe, ni we Mana? 8Yesu amenye mu mutima wiwe yuko bībūranya muri bo bartyo, aca arababaza, ati N’iki gitumye mwībūranya ivyo mu mitima yanyu? 9Icoroshe n’ikihe, n’ukubarira ikimuga, nt’ Uhariwe ivyaha vyawe; canke n’ukukibarira, nti Vyuka, wikorere inderuzo yawe, ugende? 10Ariko kugira ngo mumenye k’Umwana w’umuntu afise ububasha mw isi bgo guharira ivyaha — abgira ikimuga, 11ati Ndakubariye nti Vyuka, wikorere inderuzo yawe, utahe. 12Aravyuka, aca yikorera inderuzo, asohoka imbere ya bose: nuko bose barumirwa, bahimbaza Imana, bati Ntitwaribgabone ben’ ibi.
Yesu ahamagara Lewi umutozakori
13 # Mat 9:9-13; Luk 5:27-32. Arasohoka, yongera kuja i ruhande y’ikiyaga: ishengero ryose riza kuri we, arabigisha. 14#Yoh 1:43.Nukw arikw aragenda abona Lewi mwene Alufayo, yicaye aho yatoreza ikibuguro, aramubarira, ati Nkurikira. Ava hasi, aramukurikira.
15Kandi yicaye mu nzu y’uwo, arikw ararya, haza benshi mu batozakori n’abanyavyaha basangira na Yesu n’abigishwa biwe: bāri benshi, kandi bāramukurikira. 16Abanyabgenge b’ivyanditswe bo mu Bafarisayo babonye asangira n’abanyavyaha n’abatozakori babgira abigishwa biwe, bati Mbega kw asangira n’abatozakori n’abanyavyaha! 17Yesu avyumvise, arababgira, at’ Abakomeye nta co bagombera umuvūzi, atar’ abarwaye. Sinaje guhamagara abagororotsi, atar’ abanyavyaha.
Ivy’ ukwisonzesha
18 # Mat 9:14-17; Luk 5:33-38. Kand’ abigishwa ba Yohana bo n’Abafarisayo bāri bisonzesheje. Baraza, baramubaza, bati N’iki gituma abigishwa ba Yohana n’abigishwa b’Abafarisayo bisonzesha, abigishwa bawe ntibisonzeshe? 19Yesu arababaza, ati Mbeg’ abātowe bokwisonzesha bate, bakiri kumwe n’umukwe? Umukwe akiri kumwe na bo ntibashobora kwisonzesha. 20Har’ imisi izoza, umukwe akūrwe muri bo, bazoca bisonzesha uwo musi. 21Nta wobarīra ikiremo c’igitambara gisha ku mpuzu y’umushire; kukw ico kiremo coyitabura, igisha kikavana n’umushire, ikarushiriza gutabuka. 22Kandi nta wotara umutobe wa vino mu mikuza y’insato ibōmbōtse; kuko vino yoturitsa iyo mikuza, vino n’imikuza bigapfana. Arik’ umutobe wa vino bawutara mu mikuza misha.
Yesu n’Umwami w’isabato
23 # Mat 12:1-8; Luk 6:1-5. Kandi kw isabato, agenda aca mu mirima y’ingano; abigishwa biwe bakigenda batangura kumyōza ingano. 24Abafarisayo baramubaza, bati N’iki gitumye bakora ikizira gukorwa kw isabato? 25Na we arababaza, ati Nta ho murasoma ico Dawidi yakoze, aho yar’ aburaniwe ashonje, bo n’abāri kumwe na we? 26#1 Sam 21:1-6; Lew 24:5-9.Ingene yinjiye mu nzu y’Imana, mu misi ya Abiyatari umuherezi mukuru, akarya imitsima y’ibiterekērwa, ar’ umuziro kuribga, ukūye abaherezi, akayihako n’abāri kumwe na we? 27#Gus 5:14.Kand’ arababgira, at’ Isabato yabayeho kubg’ umuntu, arik’ umuntu si we yabayeho kubg’ isabato. 28Ni co gituma Umwana w’umuntu ar’ umwami w’isabato na yo.

Currently Selected:

Mariko 2: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in