Matayo 7
7
Nturābe abandi utīrāvye
1 #
Rom 2:1; 1 Kor 4:5. Ntimugahinyurire mu mitima yanyu, namwe mukazohinyurwa. 2#Mrk 4:24.Kuko, uko muhinyura abandi, ari ko muzohinyurwa namwe; kand’ ingero mugeramwo muzoyigererwa namwe. 3Urābira iki akabango kari mu jisho rya mugenzawe, kand’ inkingi iri mu jisho ryawe ntuyitegereze? 4Wobgira ute mugenzawe, uti Zana ngutosore akabango kari mu jisho ryawe, nawe ufise inkingi mu jisho ryawe? 5Wa ndyarya we, banza witosore inkingi iri mu jisho ryawe, uheze ubone neza gutosora akabango kari mu jisho rya mugenzawe.
6 #
Mat 10:11-14. Ivyera vy’Imana ntimukabihe imbga, kand’ imaragarita#7:6 imaragarita imeze nk’akabuyenge keza cane; ifise igiciro kinini. zanyu ntimuziterere ingurube, kugira ngo ntizizihonyange n’inzāra zazo, maze zikabahindukirira, zikabatabagura.
Gusaba
7 #
Mrk 11:24; Luk 11:9-13; Yer 29:13, 14; Yoh 14:13; 16:23. Musabe, muzohabga; murondere, muzoronka; muramutse, muzokwugururirwa. 8Kuk’ ūsaba wese ahabga; ūrondera aronka; ūramutsa yugururirwa. 9Har’ umuntu muri mwebge, umwana wiwe yomusaba umutsima, akamuha ibuye? 10Canke yomusaba ifi, akamuha inzoka? 11#Yak 1:17.None mwebge, ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega So wo mw ijuru ntazorushiriza rwose guha ivyiza abamusavye? 12#Mat 22:39, 40; Rom 13:8-10.Nukw ivyo mugomba kw abantu babagirira vyose mube ari ko mubagirira namwe; kukw ivyo ar’ ivyagezwe n’ivy’ abavugishijwe n’Imana.
Irembo ripfunganye
13 #
Luk 13:24; Yoh 10:7, 9. Muce mw irembo ripfunganye; kukw irembo ryagutse, n’inzira y’igihamo, ari vyo bijana abantu mu mahonero, kand’ abahaca ni benshi. 14#Mat 19:24; Ivyak 14:22.Arikw irembo ripfunganye, n’inzira ntoya, ni vyo bija mu bugingo, kand’ abahabona ni bake.
Uburyarya si kwo gutungana
15 #
Mat 24:4, 5, 24; Ivyak 20:29. Mwirinde abīgira abavugishwa n’Imana; baza kuri mwebge bambaye nk’intama; arikw imbere ar’ amabingira y’inkazi. 16#Gal 5:19-23; Yak 3:12.Muzobamenyera ku vyo bama. Mbega har’ uwokwamura inzabibu ku munyinya, cank’ insukoni ku bitovu? 17#Mat 12:33.Nukw igiti ciza cose cama ivyiza, arikw igiti kibi cama ibibi. 18Igiti ciza ntigishobora kwama ibibi, kand’ igiti kibi ntigishobora kwama ivyiza. 19#Mat 3:10; Yoh 15:2, 6.Igiti cose kitama ivyiza kiracibga, kigatererwa mu muriro. 20Nuko muzobamenyera ku vyo bama.
21 #
Mat 21:29; Rom 2:13; Yak 1:22, 25; 2:14; 1 Kor 12:3. Umuntu wese amvumereza, ati Mwami, Mwami; si we azokwinjira mu bgami bgo mw ijuru, atar’ ūkora ivyo Data wo mw ijuru agomba. 22#Yer 14:14; 27:15; Luk 13:25-27; 1 Kor 13:1, 2.Benshi bazombgira kuri wa musi, ngo Mwami, Mwami, ntitwavugishwa n’Imana mw izina ryawe, ntitwasenda abadayimoni mw izina ryawe, ntitwakora ibitangaza vyinshi mw izina ryawe? 23#Mat 13:41; 25:41; 2 Tim 2:19; Zab 6:8.Ni ho nzobajinjiburira, nti Nta ho nigeze mbamenya; mviraho, mwa bakora ibizira mwe.
Kwumva no gukora
24 #
Mat 7:21. Uwumva ayo majambo yanje wese, akayakora, asa n’umuntu w’ubgenge yubatse inzu yiwe ku rutare. 25Isegenya iragwa, inkukūra iratwaza, igihuhuta kirahuhuta, bisūrira kuri nya nzu, ntiyagwa, kuko yar’ imase ku rutare. 26Arik’ uwumva ayo majambo yanje wese, ntayakore, asa n’umuntu w’imburabgenge, yubatse inzu yiwe ku musenyi. 27#Ezk 13:10, 11.Isegenya iragwa, inkukūra iratwaza, igihuhuta kirahuhuta, bisūrira kuri nya nzu, irasenyuka, kand’ isenyerana ryayo riba irikomeye.
28 #
Mat 11:1; 13:53; 19:1; 26:1; Mrk 1:22; Luk 4:32. Yesu arangije ayo majambo yose, ishengero ritangazwa n’inyigisho ziwe, 29#Yoh 7:46.kuko yabigisha nk’ūfise ububasha, ntase n’abanyabgenge b’ivyanditswe babo.
Currently Selected:
Matayo 7: RUN1967
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967