YouVersion Logo
Search Icon

Matayo 8

8
Yesu akiza umunyamibembe
1Amanutse uwo musozi, ishengero ryinshi riramukurikira.#Mrk 1:40–44; Luk 5:12–14 2Maz’ umunyamibembe aza kuri we, aramupfukamira, ati Mugenzi, ukunze, woshobora kumpumanura. 3Aramvura ukuboko, amukorako, ati Ndakunze, humanuka. 4Bun’ aca akira imibembe yiwe. Yesu aramubgira, ati Wirinde, ntugire uwo ubgira, ariko genda wiyereke umuherezi, utange ishikanwa ryagezwe na Mose, ribe ikimenyetso kibabere icabona.#Mat 9:30; Mrk 7:36; Luk 17:14; Lew 13:49; 14:2–32
Yesu akiza umushumba w’umugabisha w’abasoda
5Ashitse i Kaperinawumu, haza umugabisha w’abasoda ijana, aramwinginga,#Luk 7:1–10#Yoh 4:47 6ati Mushingantahe, umuhungu wanje n’ikimuga, aryamye mu nzu, arasinzikaye cane. 7Aramubgira, ati Ndaje kumukiza. 8Umugabisha aramwishura, ati Mugenzi, ntibimbereye ko winjira mu nzu yanje; vuga ijambo gusa, uwo muhungu arakira. 9Kuko nanje nd’umuntu agendera musi y’abanganza, mfise abasoda ntwara: iyo mbariye umwe, nti Genda, aragenda; n’uwundi nti Ngwino, akaza; nabarira umushumba wanje, nti Kora iki, akagikora. 10Yesu avyumvise, biramutangaza, abgira abamukurikiye, ati Ndababgire ukuri: Sinaribgabone ukwizera kungana gurtyo no mu Bisirayeli.#Mat 15:28 11Ndababgira yuko benshi bazoza, bavuye i burasirazuba n’i burengerazuba, bazokwicarana na Aburahamu na Isaka na Yakobo mu bgami bgo mw ijuru;#Luk 13:28, 29; Yes 49:12; 59:19; Mal 1:11; Zab 107:3 12arikw abana b’ubgo bgami bazohindirwa hanze mu mwiza, ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo.#Mat 22:13; 24:51; 25:30 13Yesu abgira uwo mugabisha, at’ Igīre, bikubere nk’uko wizeye. Nuko wa muhungu akira uno mwanya.#Mat 9:29; 15:28
Yesu akiza inabukwe wa Petero
14Yesu yinjiye mu nzu kwa Petero, abona inabukwe aryamye afashwe n’umururumbo.#Mrk 1:29–34; Luk 4:38–41#1 Kor 9:5 15Amukora ku kuboko, umururumbo urazima; aravyuka, aramu zimana. 16Ku kagoroba, bamuzanira benshi binjiwemwo n’ abadayimoni; izo mpwemu mbi azirukanisha ijambo, akiza abāri barwaye bose, 17ngw ivyavuzwe n’uwavugishwa n’Imana Yesaya biboneke, ng’ Ubgiwe ni we yatwara ubumuga bgacu, akikorera n’indwara zacu.#Yes 53:4
Gukurikira Yesu
18Yesu abonye ishengero ryinshi rimukikije, agera ko bajabuka hakurya.#Mrk 4:35; Luk 8:22 19Haza umunyabgenge w’ivyanditswe, aramubgira, ati Mwigisha, ndagukurikira ah’ uja hose.#Luk 9:57–60 20Yesu aramubgira, at’ Imbgebge ziri n’imyobo, n’ibiguruka mu kirēre biri n’ivyari; arik’ Umwana w’umuntu we ntagira ah’ arambika umusaya.#2 Kor 8:9 21Uwundi mu bigishwa aramubgira, ati Mugenzi, banza undekure, ngende mpambe data.#1 Abam 19:20 22Ariko Yesu aramubgira, ati Nkurikira, reka abapfuye bahambe abapfuye babo.#Yoh 1:43; 5:25; Rom 6:13
Inkūbi y’umuyaga mu kiyaga
23Atambukira mu bgato, abigishwa biwe baramukurikira.#Mrk 4:36–41; Luk 8:23–25 24Haza igihuhuta gikomeye mu kiyaga, bituma ubgato buzimirira mu mipfunda: ariko we yar’ asinziriye.#Zab 4:8 25Baraza baramukangura, bati Mugenzi, dukize, turapfuye. 26Arababaza, ati N’iki kibateye ubgoba, mwa bafise ukwizera guke mwe? Bun’ aravyuka azibiza ingunza n’ikiyaga, haba agahwekere rwose.#Mat 14:31; 16:8 27Maz’ abo bantu baratangara, bat’ Uyu n’ umuntu ki, umuyaga n’ikiyaga ko bimwumvira?
Yesu asenda abadayimoni mu bantu babiri
28Afashe hakurya mu gihugu c’ Abagadareni, babiri binjiwemwo n’abadayimoni baramusanganira bava mu masenga y’imva, bari bakaze cane, bituma ata wushobora guhita mur’ iyo nzira.#Mrk 5:1–17; Luk 8:26–37 29Barasemerera, bati Duhuriye hehe ga Mwana w’Imana? Uje hano kutubabaza agashinyaguro igihe cacu kitarashika?#Luk 4:41; 2 Pet 2:4 30Kure yabo hār’ umukuku w’ingurube nyinshi zirisha. 31Abadayimoni baramwinginga, bati Namb’ udusenda, uturungike mur’ uriya mukuku w’ingurube. 32Arababgira, ati Ni mugende. Babasokorokamwo, baragenda, baja mur’ izo ngurube. Wa mukuku wose wirukira ku gatembge, zīsuka mu kiyaga, zihonera mu mazi. 33Abāziragira barahunga; bashitse mu gisagara bavuga ivyo babonye vyose n’ivy’ abāri binjiwemwo n’abadayimoni. 34Abo mur’ ico gisagara bose baja gusanganira Yesu. Bamubonye, baramwinginga ngw ave mu ntāra yabo.

Currently Selected:

Matayo 8: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in