YouVersion Logo
Search Icon

Matayo 6

6
Yesu abihaniza ngo ntibakoreshwe ivyiza no gushimwa n’abantu
1Mwirinde ntimugakorere ivyiza vyanyu mu maso y’abantu kugira ngo babarābe: ni mwagira murtyo, ntimuzogira impēra kuri So wo mw ijuru. 2Ni wagira ubuntu, ntuz’ uvugishe inzamba imbere yawe, nk’ukw indyarya zikora mu masinagogi no mu nzira, ngo bashimwe n’abantu: ndababgire ukuri: Baramaze guhabga impēra zabo. 3Ariko weho ni wagira ubuntu, ntumenyeshe ukubamfu kwawe ico ukuryo kwawe gukora,#Mat 25:37–40; Rom 12:8 4kugira ng’ ubuntu bgawe bugirirwe mu mpisho: kandi So, abona ibihishijwe, azoguhēra.
Gusenga
5Iyo musenga ntimukabe nka za ndyarya, kuko bakunda gusenga bahagaze mu masinagogi no mu mayirabiri, ngo biyerekane imbere y’abantu; ndababgire ukuri: Baramaze guhabga impēra zabo.#Mat 23:5, 6 6Ariko weho, iy’ usenga, uje haruguru mu nzu yawe, wugare urugi, usenge So aba mu mpisho, kandi So, akuboneye mu mpisho azoguhēra.#2 Abam 4:33 7Kandi ni mwasenga, ntimukabomboranye amanwa nk’ukw abanyamahanga bagira: biyumvira yuko bazokwumvirwa kubg’ amajambo yabo menshi.#Yes 1:15 8Ntimuze muse na bo; kuko So azi ivyo mukennye mutaramusaba.#Mat 6:32 9Nuko musenge murtya,
muti Data wa twese wo mw ijuru, izina ryawe ryubahwe,#Luk 11:2–4; Yoh 17:6 10ubgami bgawe buze, ivyo ugomba bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru.#Mat 7:21; Luk 22:42 11Uduhe ivyo kurya dukwiranye uyu musi; 12uduhebere imyenda yacu, nk’uko natwe twahebeye abari mu myenda yacu;#Mat 18:21–35 13kandi ntutujane mu bitwosha nabi, arik’ udukize wa Mubi. [Kuk’ ubgami n’ubushobozi n’ icubahiro ar’ ivyawe ibihe bidashira. Amen.]#1 Ngo 29:11–13; Yoh 17:11, 15 14Kuko ni mwaharira abantu ivyaha vyabo, na So wo mw ijuru azobaharira namwe.#Mrk 11:25, 26 15Ariko ni mutāharira abantu ivyaha vyabo, na So na we ntazobaharira ivyaha vyanyu.
Kwisonzesha
16Kand’ iyo mwisonzesha, ntimwijirwe nk’uko za ndyarya zigira. Kuko bīyoberanya mu maso ngo babonwe n’abantu ko bisonzesheje. Ndababgire ukuri: Baramaze guhabga impēra zabo.#Yes 58:5–9 17Ariko weho, ni wisonzesha, wīsīge amavuta mu mutwe, wiyuhagire mu maso, 18ngo ntubonwe n’abantu ko wisonzesheje, arik’ ubonwe na So aba mu mpisho, kandi So, abona ivyo mu mpisho, azoguhēra.
Ubutunzi nyakuri
19Ntimukīrundanirize ubutunzi mw isi, ah’ inyenzi n’ingese bibumara, n’ibisuma bikīmba bikabgiba. 20Ariko mwirundanirize ubutunzi mw ijuru, ah’ inyenzi n’ingese bitabumara, hatariyo n’ibisuma vyimba ngo vyibe.#Mat 19:21; Luk 12:33, 34; Kol 3:1, 2 21Kukw ah’ ubutunzi bgawe buri, ari ho umutima wawe uzoba.
Umuco w’umubiri
22Itara ry’umubiri n’ijisho. Ijisho ryawe iy’ ari ryiza, umubiri wawe wose uba uri n’umuco.#Luk 11:34–36 23Arikw ijisho ryawe iy’ ari ribi, umubiri wawe wose uba uri n’ umwiza. Nuko wa muco uba muri wewe, woramuka ubaye umwiza, uwo mwiza wongana ute!#Mat 20:15
Ntimukiganyire
24Nta wusaba abami babiri: kuko yokwanka umwe, agakunda uwundi, canke yoguma kur’ umwe, akagaya wa wundi. Ntimushobora gusaba Imana n’Itunga.#Luk 16:9, 13
25Ni co gitumye ndababarira, nti Ntimukaganyire amagara yanyu ku vyo muzorya canke ku vyo muzonywa, cank’ umubiri wanyu ku vyo muzokwambara. Mbeg’ amagara ntaruta ivyo kurya, cank’ umubiri nturuta ivyambarwa?#Luk 12:22–31#Flp 4:6; 1 Pet 5:7; 1 Tim 6:6; Heb 13:5 26Ni murābe ibiguruka vyo mu kirēre, ntibibiba, ntibishwabura, kandi ntivyimburira mu bigega, ariko So wo mw ijuru arabitunga; mbega mwebge ntimubiruta cane?#Mat 10:29–31 27Ni nde muri mwebge yoshobozwa n’amaganya kwisumvya uko yareha nk’ukuboko kumwe? 28Ikibaganyisha impuzu n’iki? Ni murābe amashurwe yo ku misozi ingen’ akura, ntiyirirwa aratama, ntajisha impuzu; 29ariko ndababgira yuko na Salomo mu bgiza bgiwe bgose atar’ ashajije nka rimwe mur’ ayo.#1 Abam 10:1–29 30Non’ Imana ko yambika ivyatsi vyo ku misozi irtyo, birih’ uyu musi, ariko nk’ ejo bigatererwa mu ziko, mbega ntizorushiriza kubambika, mwebge ab’ ukwizera guke mwe? 31Nuko ntimukiganyire, ngo Tuzorya iki? canke Tuzonywa iki? canke Tuzokwambara iki? 32Kukw ivyo vyose abanyamahanga ari vyo bitwaririka; ariko So wo mw ijuru arazi kw ivyo vyose mubikena.#Mat 6:8 33Ariko mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose muzovyongerwa.#Rom 14:17; 1 Abam 3:13, 14; Zab 37:4, 25 34Ntimukiganyire ivy’ ejo, kuk’ umusi w’ejo uzoba wiganyira ivyawo; umusi ukwiranye n’amagorwa yawo.#Kuv 16:19

Currently Selected:

Matayo 6: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in