YouVersion Logo
Search Icon

Matayo 24

24
Ibimenyetso vyerekana uguhona kw’i Yerusalemu, n’ukugaruka kwa Yesu
1 # Mrk 13:1-37; Luk 21:5-36. Yesu arasohoka ava mu rusengero; akigenda abigishwa biwe baramwēgēra ngo bamwereke inyubako y’urusengero. 2#Luk 19:44.Arababgira, ati Ntimubona ivyo vyose? Ndababgire ukuri: Aha ntihazosigazwa ibuye rigeretse ku rindi, ridasamburiwe hasi.
3Yicaye ku musozi wa Elayono, abigishwa biwe baramwēgēra bihereranye, baramubaza, bati Tubgire, ivyo bizobaho ryari, kand’ ikimenyetso kizoba iki c’ukuza kwawe n’ic’ umuhero w’isi? 4Yesu arabishura, ati Mwirinde, ntihagire ūbazimiza. 5#Mat 24:24; Yoh 5:43; Ivyak 5:36, 37; 1 Yoh 2:18.Kuko benshi bazoza mw izina ryanje, bati Ni jewe Kristo, kandi bazozimiza benshi. 6#Dan 2:28.Muzokwumva intambara n’impuha z’intambara: mwirinde, ntimugahagarike imitima; kuko bitazobura kubaho, arik’ umuhero uzoba utaraza. 7#Yes 19:2; 2 Ngo 15:6.Kukw ihanga rizotera irindi hanga, n’ubgami buzotera ubundi bgami; amapfa no kunyiganyiga kw’isi bizobaho henshi; 8arikw ivyo vyose n’itanguriro ryo kuramukwa.
9 # Mat 10:17, 22; Yoh 16:2. Ni ho bazobatanga ngo muzigirizwe, bazobica, kandi muzokwankwa n’amahanga yose, abahōra izina ryanje. 10#Dan 11:41.Ni ho benshi bizobatsitaza, bazoryarukana, bazokwankana. 11#Mat 7:15; 1 Yoh 4:1.Kandi hazokwaduka abīgira abavugishwa n’Imana benshi, bazimize benshi. 12#2 Tes 2:10; 2 Tim 3:1-5.Maze kuk’ ubugarariji buzogwira urukundo rw’abenshi ruzotimba. 13#Mat 10:22; Ivyah 13:10.Arik’ uwihangana, agashitsa kw iherezo, ni we azokira. 14#Mat 28:19; 10:18.Kand’ ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maz’ umuhero uzoca uza.
15 # Dan 9:26, 27; 12:11. Nukw aho muzobonera ca kizira c’ubuyobe bg’ubugesera, gihagaze ahantu hēra, cavuzwe na Daniyeli yavugishwa n’Imana — ūsoma ni yiyubare — 16ico gihe abazoba bar’ i Yudaya baze bahungire ku misozi miremire, 17#Luk 17:31.ūzoba ari hejuru ku nzu ntaze yururutswe no gusahura ibiri mu nzu yiwe, 18ūzoba ari mu mirima ntaz’ asubizwe inyuma no gusahura umutamana wiwe. 19Ariko mur’ iyo misi abazoba batwaye inda n’abonsa bazobona ibara. 20#Ivyak 1:12.Kandi muze musenge kugira ng’ uruhungo rwanyu ntiruze rube mu rushana canke kw isabato. 21#Dan 12:1; Yow 2:2.Kuko mur’ iyo misi hazoba amarushwa ahambaye atigeze kubaho kuva kw itanguriro ry’isi ugashitsa n’ubu, kandi ntazokwongera kubaho. 22Kand’ iyo misi iy’ itagerurwa ntihorokotse umuntu n’umwe; ariko kubg’ abatoranijwe iyo misi izogerurwa. 23Ico gihe ni hāgira umuntu ababgira, at’ Ehe Kristo ari hano, canke, at’ Ari hariya: ntimuze muvyemere. 24#Mat 5:11; Gus 13:1-3; 2 Tes 2:8, 9.Kuko hazokwaduka abīgira Kristo n’abīgira abavugishwa n’Imana, bagakora ibimenyetso bihambaye n’ibitangaza, kugira ngo bazimize n’abātoranijwe ni vyashoboka. 25Rāba ndabibabgiye bitaraba. 26Nuko ni bababgira, bat’ Eh’ ari mu bugaragwa, ntimuze mujeyo; canke, ngw Ari haruguru mu mpete, ntimuze muvyemere. 27#Luk 17:23, 24.Nk’uk’ umuravyo urabiriza i burasirazuba ukabonekera iyo rirengera, ni k’ukuza kw’Umwana w’umuntu kuzomera. 28#Yob 39:30; Hab 1:8; Luk 17:37.Ah’ umuvyimba uri hose, ni ho ibinyakabaka bizokoranira.
29 # Yes 13:10; 34:4; 2 Pet 3:10. Hanyuma y’ayo marushwa y’ico gihe, uwo mwanya izuba rizocura umwiza, n’ukwezi ntikuzoba kucaka umuco wakwo, n’inyenyeri zizokoragurika zive kw ijuru, n’ivy’ inkomezi vyo mu majuru bizonyiganyizwa. 30#Ivyah 1:7; Mat 26:64; Dan 7:13, 14; Zek 12:10; Ivyah 19:11.Bun’ ikimenyetso c’Umwana w’umuntu kizobonekera kw ijuru, ni ho amoko yose yo mw isi azoboroga, bazobona Umwana w’umuntu aje mu bicu vyo kw ijuru ari n’ububasha n’ubgiza bginshi. 31#1 Kor 15:52; 1 Tes 4:16; Ivyah 8:1, 2; Yes 27:13; Zek 2:6; Gus 30:4.Azotuma abamarayika biwe n’ijwi rirenga ry’inzamba, bakoranye abatoranijwe biwe, bave mu birēre bine, guhēra iy’ ijuru ritangurira kugeza iyo riherera.
32Ni mwigire ku musukoni umugani wawo: ishami ryawo iyo ritoshe, amababi agatutuza, mumenya yukw agatāsi kari hafi. 33Nuko namwe, ni mwabona ivyo vyose bishitse, muze mumenye kw ari hafi, ku rugi. 34Ndababgire ukuri: Ab’ iki gihe ntibazorangira, ivyo vyose bitarashika. 35#Mat 5:18.Ijuru n’isi bizorangira, arikw amajambo yanje nta co azoba.
36 # 1 Tes 5:1, 2. Arik’ uwo musi cank’ iyo saha nta wubizi, n’iyo boba abamarayika bo mw ijuru, cank’ Umwana w’Imana, atari Data gusa. 37#Ita 6:11-13; Luk 17:26, 27.Kand’ uko vyari biri mu misi ya Nowa ni ko bizoba mu kuza kw’Umwana w’umuntu. 38#2 Pet 3:5, 6; Ita 7:7.Kukw ari ko bāri bameze mu misi umwuzure utaribgatere: bārarya, bāranywa, bārarongora, bārashingira, bageza kuri wa musi Nowa yinjiye muri bga bgato, 39ntibagira ico bamenya kugeza ah’ umwuzure waziye ubatwara bose; ni k’ukuza kw’Umwana w’umuntu kuzomera. 40#Luk 17:35, 36.Ico gihe abagabo babiri bazoba mu murima, umwe azojanwa, uwundi arekwe. 41Abagore babiri bazoba bariko barasēra hamwe ku rusyo, umwe azojanwa, uwundi arekwe. 42#Mat 25:13.Nuko mwame mugavye, kuko mutazi umusi Umwami wanyu azozako. 43#Luk 12:39-46.Arikw ibi mubimenye: iyaba nyen’ urugo yar’ asanzwe azi igihe igisuma kiziramwo, yogavye, ntiyokunze kw inzu yiwe yimbga. 44#Ivyah 16:15.Nuko namwe mwame mwiteguye, kuk’ Umwana w’umuntu azoza mu gihe mutiyumviriye.
45None ni nde mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge shebuja yosigarana abo mu rugo rwiwe, ngw abagaburire igihe kigeze? 46Hahirwa uwo mushumba shebuja agarutse azosanga akora artyo. 47#Mat 25:21, 23.Ndababgira ukuri yukw azomuha kugaba ivy’ afise vyose. 48#Umus 8:11.Arik’ umushumba mubi ni yibgira mu mutima wiwe, ati Databuja aracatevye: 49maz’ agatangura gukubita abashumba bagenzi biwe no gusangira n’ababorerwa; 50shebuja w’uwo mushumba azoza ku musi atamwiteze no mu gihe atazi: 51#Mat 8:1.azomucamwo kubiri, amusangize umugabane wiwe n’indyarya: ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo.

Currently Selected:

Matayo 24: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in