YouVersion Logo
Search Icon

Matayo 23

23
Yesu abuza abigishwa gukurikira ivy’ Abafarisayo
1 # Mrk 12:38-40; Luk 20:45-47; Luk 11:39-52. Maze Yesu abarira ishengero n’abigishwa biwe, 2at’ Abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo bicaye ku ntebe ya Mose. 3#Mal 2:7, 8.Nukw ivyo bababgira vyose mubikore, muvyitondere. Ariko ntimukurikire ibikorwa vyabo, kukw ivyo bavuga atari vyo bakora. 4Kandi bahambira imitwaro iremereye igoye itwara, bakayikoreza abantu ku bitugu, arik’ ubgabo ntibagomba kuyikozako n’urutoke. 5#Mat 6:1; Kuv 13:9; Guh 15:38, 39.Arikw ibikorwa vyabo vyose babikora kugira ngo barābge n’abantu, kukw amambe#23:5 ayo mambe n’utuzingo bambara mu ruhanga no mu kizigira c’ukubamfu. yabo yanditswemw’ amajambo y’Imana bayagira manini, ubuyonga bg’ impuzu zabo bakabgongereza. 6#Luk 14:7; Mat 6:5.Bakunda ivyicaro vyo haruguru aho batumiwe, n’intebe z’icubahiro mu masinagogi, 7no kugirwako bgakeye mu tuguriro, no kwitwa n’abantu: Rabi.#23:7 Rabi n’izina ry’icubahiro ry’abigisha bakuru bo mu Bayuda. 8None, ntimukitwe Rabi, kuk’ umwigisha wanyu ar’ umwe, namwe mwese mur’ abavukana. 9Kandi ntimukīte umuntu wo mw isi Data, kuko So ar’ umwe, ar’ uwo mw ijuru. 10Kandi ntimukīyite umuranzi, kuk’ umuranzi wanyu ar’ umwe, ari Kristo. 11#Mat 20:26, 27.Arik’ umukuru muri mwebge az’ abe umukozi wanyu. 12#Imig 29:23; Yob 22:29; Ezk 21:26; Luk 18:14; 1 Pet 5:5.Ūzokwishira hejuru azocishwa bugufi, kand’ ūzokwicisha bugufi azoshirwa hejuru.
Yesu abūrira Abafarisayo n’abanyabgenge b’ivyanditswe
13Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mwugarirana ubgami bgo mw ijuru imbere y’abantu: kandi ntimubginjiramw’ ubganyu, n’abagomba kubginjiramwo ntimubakundira. [14Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mukirya ingo z’abapfakazi musengesha menshi muhumba: ni co gituma muzocirwa urubanza ruruta izindi.] 15Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mukwiragira mu kiyaga no ku misozi ngo muhindure n’umwe abe uw’ idini yanyu; iy’ ahindutse, mutuma abarusha kabiri kuba umwana wa Gehinomu.
16 # Mat 15:14. Muzobona ibara, mwa ndongozi zihumye mwe, muvuga mut’ Ūzorahira urusengero s’ikigoye, arik’ ūzorahira izahabu yo mu rusengero azoba yikwegeye umwenda. 17Mwa bipfu n’impumyi mwe, non’ igihambaye n’ikihe: n’izahabu canke n’urusengero rweza izahabu? 18Kandi ng’ Ūzorahira igicaniro s’ikigoye, arik’ ūzorahira ishikanwa ririko azoba yikwegeye umwenda. 19#Kuv 29:37.Mwa mpumyi mwe, non’ igihambaye n’ikihe, n’ishikanwa, canke n’igicaniro ceza ishikanwa? 20Nuk’ ūrahiye igicaniro aba akirahiranye n’ibiriko vyose, 21kand’ ūrahiye urusengero aba arurahiranye n’Īrubamwo, 22#Mat 5:34.kand’ ūrahiye ijuru aba arahiye intebe y’Imana n’Iyivyagirako.
23 # Lew 27:30; Mik 6:8. Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, mutanga ikigiracumi c’imbgija na anisi na kumino,#23:23 anisi na kumino n’imboga zimera i Yudaya. ariko mwaretse ibihambaye vyo mu mabgirizwa, guca izibereye, n’imbabazi, n’ukwizera; arikw ivyo mwari mukwiye kubikora, vya bindi na vyo ntimubireke. 24Mwa ndongozi zihumye mwe, muramimina agatūku, arikw ingamiya murayiyongobeza.
25 # Mrk 7:4. Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mwoza igikombe n’inkōko inyuma, arikw imbere vyuzuye ubgambuzi n’ukutigarura. 26#Tit 1:15; Yoh 9:40.Wa Mufarisayo uhumye we, banza woze imbere mu gikombe no mu nkōko, inyuma havyo na ho habone kwera.
27 # Ivyak 23:3. Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko musa n’imva zihomeshejwe ingwa, ziboneka inyuma zīkuyengeje, arikw imbere zuzuye amagufa y’abapfuye n’ibihumanya vyose. 28#Luk 16:15.Namwe ni ko muri: inyuma mubonekera abantu mur’ abagororotsi, arikw imbere mwuzuye uburyarya n’ubugarariji.
29Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mwubakira imva z’abāvugishwa n’Imana, mugashariza ivyibutso vy’abagororotsi, 30mukavuga mut’ Iyo tuba twariho mur’ ico gihe ca ba sogokuruza, ntitwari gufatanya na bo kuvisha amaraso y’abāvugishwa n’Imana. 31#Ivyak 7:52.Uko ni ko mwiyagiriza ko mur’ abana b’abishe abāvugishwa n’Imana. 32None ni mwuzurize ingero ya ba sogokuruza banyu. 33#Mat 3:7.Mwa nzoka mwe, mwa bana b’inzoka, muzohunga mute urubanza rwa Gehinomu? 34#Mat 13:52; 10:23; 1 Tes 2:15.Ehe ngira ntume abavugishwa n’Imana n’abanyabgenge bo n’abanyabgenge b’ivyanditswe; bamwe muri bo muzobica, mubabambe, abandi muzobatonagurira mu masinagogi yanyu, mubatuza mu bisagara vyose; 35#Ita 4:8; 2 Ngo 24:20, 21.bitayeko muzokorwa n’amaraso yose y’abagororotsi yaviriye kw isi, uhereye ku maraso ya Abeli umugororotsi ukageza ku maraso ya Zakariya mwene Barakiya mwiciye hagati y’ahēra h’urusengero n’igicaniro. 36Ndababgire ukuri: Ivyo vyose bizoshika ku b’iki gihe.
37 # Luk 13:34, 35; Ivyak 7:59; 1 Tes 2:15. Ewe Yerusalemu! Ewe Yerusalemu! Wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko, ni kangahe nagomvye gukoranya abana bawe, nk’ukw inkoko ikoranya imiswi yayo iyibundikira mu vyubi vyayo, ntimwakunda! 38#Yer 22:5; 12:7; 1 Abam 9:7, 8.Rāba inzu yanyu muyitānywe ar’ umusaka. 39#Mat 21:9; Zab 118:26.Kuko mbabgira yuko mutazosubira kumbona kuva ubu, kugeza aho muzovugira, muti Hashemezwe ūje mw izina ry’Uhoraho.

Currently Selected:

Matayo 23: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in