YouVersion Logo
Search Icon

Matayo 22

22
Ubukwe bg’umwana w’umwami
1Yesu yongera kuvuganira na bo mu migani, 2#Yoh 3:29.at’ Ubgami bgo mw ijuru busa n’umwami atahisha ubukwe bg’umwana wiwe arongora.#Luk 14:16-24. 3Atuma abagendanyi biwe, ngo bahamagare abātōrewe gutaha ubukwe, banka kuza. 4#Mat 21:36.Yongera gutuma abandi bagendanyi, ati Mubgire abatowe, muti Rāba amazimano yiwe yayiteguye, n’amapfizi n’amagumba vyiwe vyābāzwe, kandi vyose biriteguwe: ni muze mutahe ubukwe. 5Ariko barirengagiza barīgīra, umwe aja mw itongo ryiwe, uwundi mu bidandazwa vyiwe. 6Abasigaye bafata abo bagendanyi biwe, babakorera ibara, barabica. 7#Mat 24:2.Uwo mwami araraka, agomora ingabo ziwe, ahonnya abo bicanyi, ayigiza igisagara cabo. 8Maz’ abgira abagendanyi biwe, at’ Ubukwe buriteguwe, arikw abābutorewe ntibāri babukwiye. 9#Mat 13:47; 21:43.Nuko ni mugende mu mayirabiri, abo muribuboneyo bose mubahamagare, baze babutahe. 10Abo bagendanyi baragenda baja mu nzira bakoranya abo babonye bose, ababi n’abeza; mu bukwe huzura ababutorewe. 11Umwami yinjiye kurāba abatowe abonamw’ umuntu atambaye impuzu y’ubukwe; 12aramubaza, ati Mugenzi wanje, winjiye ute hano utambaye impuzu y’ubukwe? Arajorerwa. 13#Mat 8:12.Maz’ umwami abgira abakozi biwe, ati Ni mumubohe amaboko n’amaguru, mumuterere hanze mu mwiza; ni ho hazoba amarira n’ukuryanya insya z’amenyo. 14Kukw abatowe ari benshi, arikw abatoranijwe bakaba bake.
Abafarisayo bamugezesha ivy’ ikori
15 # Yoh 8:6. Bun’ Abafarisayo baragenda baja inama, ngo baronke ingene bomutegera mu majambo yovuga.#Mrk 12:13-17; Luk 20:20-26. 16#Mrk 3:6; Yoh 3:2.Bamutumakw abigishwa babo hamwe n’abantu ba Herode, bati Mwigisha, turazi yuk’ ur’ umunyakuri, kandi ko wigisha inzira y’Imana vy’ukuri, kandi k’udatinya umuntu n’umwe ku kigohe; kuk’ udatinya ijunja ry’abantu: 17non’ utubgire, wiyumvira ute? Biremerwa gutanga ikori rya Kayisari, canke ntivyemerwa? 18Ariko Yesu amenya ububi bgabo, arababaza, ati Mungereza iki ga mwa ndyarya mwe? 19Ni munyereke ihera ry’ikori. Bamuzanira idenariyo. 20Arababaza, at’ Iki gishushanyo n’ibi vyanditsweko n’ivya nde? 21#Rom 13:7.Bati N’ivya Kayisari. Bun’ arababgira, ati Nuko rer’ ivya Kayisari ni mubihe Kayisari, ivy’ Imana mubihe Imana. 22#Yoh 8:9.Bavyumvise baratangara, bamusigaho barīgīra.
Yesu yishura Abasadukayo ivy’ ukuzuka
23 # Ivyak 23:6, 8. Nya musi Abasadukayo baza kuri we, abahakana yukw ata kuzuka kuriho, baramubaza,#Mrk 12:18-27; Luk 20:27-40. 24#Ita 38:8; Gus 25:5, 6.bati Mwigisha, Mose yavuze ng’umuntu ni yapfa adasize abana, mwene nyina acūre umugore wiwe, ngw ahonore mwene nyina. 25I wacu hār’ abavukana ndwi. Uwa mbere yararongoye, arapfa, maze kukw adasize umwana umugore wiwe amuraga mwene nyina. 26Nuko n’uwa kabiri, n’uwa gatatu biba birtyo gushitsa ku wa ndwi. 27Hanyuma ya bose nya mugore arapfa. 28None mw izuka azoba muka nde mur’ abo ukw ar’ indwi? Ko bari bamufise bose!
29Yesu arabishura, ati Mwarazimiye, ko mutāmenye ivyanditswe n’ubushobozi bg’Imana. 30Mw izuka ntibazorongora kandi ntibazoshingirwa: bazoba nk’abamarayika bo mw ijuru. 31Arikw ivyo kuzuka kw’abapfuye nta ho murasoma ico Imana yababgiye, 32#Mat 8:11; Kuv 3:6.iti Ni jewe Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo? Imana s’iy’ abapfuye, n’iy’ abariho. 33Ishengero rivyumvise, ritangazwa n’inyigisho ziwe.
Ibgirizwa rikuru
34 # Mrk 12:28-31; Luk 10:25-28. Abafarisayo bumvise ko Yesu yajoreje Abasadukayo, bakoranira hamwe. 35Umwe muri bo w’umwigisha w’ivyagezwe aramubaza amugeza, 36ati Mwigisha, ibgirizwa risumba ayandi mu vyagezwe n’irihe? 37#Gus 6:5.Aramwishura, ati Mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose n’ubgenge bganyu bgose. 38Iryo ni ryo rihambaye rya mbere. 39#Lew 19:18.Har’ irindi rya kabiri rimeze nka ryo, n’iri: Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda. 40#Mat 7:12; Rom 13:10; Gal 5:14.Kur’ ayo mabgirizwa yompi ivyagezwe vyose n’amajambo y’abavugishwa n’Imana ni yo vyenenako.
Umwana wa Dawidi
41 # Mrk 12:35-37; Luk 20:41-44. Abafarisayo bagikoraniye hamwe, Yesu arababaza, 42#Yoh 7:42.at’ Ivya Kristo muvyiyumvira mute? Ni mwene nde? Baramwishura, bati Ni mwene Dawidi. 43Na we arababaza, ati None Dawidi mu vya Mpwemu yamwitiye iki Umwami?
44 # Mat 26:64; Zab 110:1. at’ Uhoraho yabariye Umwami wanje,
At’ Icara i buryo bganje,
Ushitse aho nzoshirira abansi bawe musi y’ibirenge vyawe.
45None Dawidi ko yamwise Umwami, yoshobora ate kuba umwana wiwe? 46Ntihāgira ūshobora kumwishura ijambo na rimwe, kand’ uhereye kur’ uwo musi nta muntu yubahutse gusubira kumubaza ikindi.

Currently Selected:

Matayo 22: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in