1
Matayo 24:12-13
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
Maze kuk’ ubugarariji buzogwira urukundo rw’abenshi ruzotimba. Arik’ uwihangana, agashitsa kw iherezo, ni we azokira.
Compare
Explore Matayo 24:12-13
2
Matayo 24:14
Kand’ ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maz’ umuhero uzoca uza.
Explore Matayo 24:14
3
Matayo 24:6
Muzokwumva intambara n’impuha z’intambara: mwirinde, ntimugahagarike imitima; kuko bitazobura kubaho, arik’ umuhero uzoba utaraza.
Explore Matayo 24:6
4
Matayo 24:7-8
Kukw ihanga rizotera irindi hanga, n’ubgami buzotera ubundi bgami; amapfa no kunyiganyiga kw’isi bizobaho henshi; arikw ivyo vyose n’itanguriro ryo kuramukwa.
Explore Matayo 24:7-8
5
Matayo 24:35
Ijuru n’isi bizorangira, arikw amajambo yanje nta co azoba.
Explore Matayo 24:35
6
Matayo 24:5
Kuko benshi bazoza mw izina ryanje, bati Ni jewe Kristo, kandi bazozimiza benshi.
Explore Matayo 24:5
7
Matayo 24:9-11
Ni ho bazobatanga ngo muzigirizwe, bazobica, kandi muzokwankwa n’amahanga yose, abahōra izina ryanje. Ni ho benshi bizobatsitaza, bazoryarukana, bazokwankana. Kandi hazokwaduka abīgira abavugishwa n’Imana benshi, bazimize benshi.
Explore Matayo 24:9-11
8
Matayo 24:4
Yesu arabishura, ati Mwirinde, ntihagire ūbazimiza.
Explore Matayo 24:4
9
Matayo 24:44
Nuko namwe mwame mwiteguye, kuk’ Umwana w’umuntu azoza mu gihe mutiyumviriye.
Explore Matayo 24:44
10
Matayo 24:42
Nuko mwame mugavye, kuko mutazi umusi Umwami wanyu azozako.
Explore Matayo 24:42
11
Matayo 24:36
Arik’ uwo musi cank’ iyo saha nta wubizi, n’iyo boba abamarayika bo mw ijuru, cank’ Umwana w’Imana, atari Data gusa.
Explore Matayo 24:36
12
Matayo 24:24
Kuko hazokwaduka abīgira Kristo n’abīgira abavugishwa n’Imana, bagakora ibimenyetso bihambaye n’ibitangaza, kugira ngo bazimize n’abātoranijwe ni vyashoboka.
Explore Matayo 24:24
13
Matayo 24:37-39
Kand’ uko vyari biri mu misi ya Nowa ni ko bizoba mu kuza kw’Umwana w’umuntu. Kukw ari ko bāri bameze mu misi umwuzure utaribgatere: bārarya, bāranywa, bārarongora, bārashingira, bageza kuri wa musi Nowa yinjiye muri bga bgato, ntibagira ico bamenya kugeza ah’ umwuzure waziye ubatwara bose; ni k’ukuza kw’Umwana w’umuntu kuzomera.
Explore Matayo 24:37-39
Home
Bible
Plans
Videos