YouVersion Logo
Search Icon

Luka 3

3
Yohana Umubatizi atangura kubatiza no kwigisha abantu
1Mu mwaka ugira icumi na gatanu Kayisari Tiberiyo ari ku ngoma, Pontiyo Pilato ar’ icēgēra ciwe i Yudaya, Herode na we ar’ umwami w’i Galilaya, na Filipo mwene se ar’ umwami w’igihugu co muri Ituraya n’i Tirakoniti, na Lusaniya ar’ umwami w’i Abilene, 2na Anasi na Kayafa ar’ abaherezi bakuru, mur’ uwo mwaka ijambo ry’Imana rishika kuri Yohana mwene Zakariya, ari mu bugaragwa. 3#Mat 3:1-12; Mrk 1:1-8.Aja mu gihugu cose giherereye kuri Yorodani, yigisha abantu ukubatizwa kwo kwihana ngo bakūrwekw ivyaha: 4nk’uko vyanditswe mu gitabo c’amajambo y’uwavugishwa n’Imana Yesaya,
ngw Ijwi ry’ūsemererera mu bugaragwa,
Ati Ni mutegure inzira y’Uhoraho,
Mugorore iz’ ibihamo ziwe.#Yes 40:3-5.
5Umwonga wose uzokwuzuzwa,
N’umusozi wose n’akarambi bizoringanizwa,
Ibigoramye bizogororoka,
N’inzira z’ubukiru zizosenwa,
6 # Ivyak 28:28. Maz’ abafise umubiri bose bazobona agakiza k’Imana.
Yohana yishura abamubajije ivyo bakwiye gukora
7 # Mat 23:33; Yoh 3:36. Nukw abgira ishengero ryari rivuye i wabo rije kubatizwa na we, ati Mwa bana b’inzoka mwe, ni nde yababūriye ngo muhunge uburake buzoza? 8Nuko mwame imbuto zikwiranye n’ukwihana: kandi ntimutangure kwiyumvira mu mitima, muti Ko dufise Aburahamu, ni we sogokuruza. Ndababgira yukw aya mabuye Imana ishobora kuyavyuramw’ abana ba Aburahamu. 9Arikw incabiti igenekerejwe ku bitsina vy’ibiti; nuko rero, igiti cose kitama ivyiza kiracibga, kigatererwa mu muriro.
10Ishengero riramubaza, riti None tugire dute? 11Arabishura, at’ Ūfise amapfundo abiri, rimwe n’arihe ūtarifise, n’ūfise ivyo kurya n’agire artyo. 12Kandi haza n’abatozakori kubatizwa, baramubaza, bati Mwigisha, tugire dute? 13Arabishura, ati Ntimugatoze abantu ibiruta ivyo mwagezwe. 14N’abasoda baramubaza, bati Tweho tugire dute? Arabishura, ati Ntihakagire umuntu mutangisha impongano canke mwagiriza ibinyoma, kand’ ingero zanyu zibabumbe.
Yohana abgira abantu ivya Yesu
15 # Yoh 1:19-28. Kand’ abantu bāri barorereye ibizoba, bose bakabūranisha imitima ngo kumbure Yohana yoba Kristo. 16#Ivyak 13:25.Yohana ababarira bose, ati N’ukuri jeho ndababatirisha amazi, ariko hazoza ūndusha ubushobozi, ntibimbereye no gupfundurura utugozi tw’inkweto ziwe: uyo azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro. 17Urutaro rwiwe ruri mu kuboko kwiwe, ngw akubure imbuga yiwe neza, yimburire ingano mu kigega ciwe, maz’ umuguruka awuturire mu muriro utazima.
Herode afata Yohana
18Kand’ abarira abantu ubutumwa bgiza, abahanūrisha ibindi vyinshi; 19#Mat 14:3, 4; Mrk 6:17, 18.maz’ ahishutse umwami Herode ku vya Herodiya muka mwene se, no ku vy’ ibindi bibi vyose Herode yakoze, 20kur’ ivyo vyose Herode agerekakw iki, yugaranira Yohana mw ibohero.
Kubatizwa kwa Yesu
21 # Mat 3:13-17; Mrk 1:9-11; Yoh 1:32. Nukw abantu bose babatijwe, na Yesu ahejeje kubatizwa, arikw arasenga, ijuru rirakinguruka, 22#Luk 9:35; Zab 2:7; Yes 42:1.Mpwemu Yera aramanuka amugwako, afise ishusho y’umubiri usa n’inuma; ijwi riva mw ijuru, riti Ni wewe Mwana wanje nkunda ukampimbara.
Ba sekuruza ba Yesu
23 # Luk 4:22. Aho Yesu yatangura kwigisha, yar’ amaze imyaka nka mirongwitatu avutse, kandi biyumvira ko yari mwene Yosefu, Yosefu mwene Heli,#Mat 1:1-17. 24Heli mwene Matati, Matati mwene Lewi, Lewi mwene Meluki, Meluki mwene Yanayi, Yanayi mwene Yosefu, 25Yosefu mwene Matatiya, Matatiya mwene Amosi, Amosi mwene Nahumu, Nahumu mwene Esili, Esili mwene Nagayi, 26Nagayi mwene Mati, Mati mwene Matatiya, Matatiya mwene Semeyini, Semeyini mwene Yoseki, Yoseki mwene Yoda, Yoda mwene Yohanani, 27#1 Ngo 3:17; Ezr 3:2.Yohanani mwene Resa, Resa mwene Zerubabeli, Zerubabeli mwene Shalutiyeli, Shalutiyeli mwene Neri, 28Neri mwene Meluki, Meluki mwene Adi, Adi mwene Kosamu, Kosamu mwene Elumadamu, Elumadamu mwene Eri, Eri mwene Yesu, 29Yesu mwene Eliyezeri, Eliyezeri mwene Yorimu, Yorimu mwene Matati, Matati mwene Lewi, 30Lewi mwene Simeyoni, Simeyoni mwene Yuda, Yuda mwene Yosefu, Yosefu mwene Yonamu, Yonamu mwene Eliyakimu, Eliyakimu mwene Meleya, 31#1 Sam 16:1, 13; 2 Sam 5:14.Meleya mwene Mena, Mena mwene Matata, Matata mwene Natani, Natani mwene Dawidi, 32#Rus 4:22.Dawidi mwene Isayi, Isayi mwene Obedi, Obedi mwene Bowazi, Bowazi mwene Salumoni, Salumoni mwene Nahasoni, 33#1 Ngo 2:1-5; Ita 29:35.Nahasoni mwene Aminadabu, Aminadabu mwene Aruni, Aruni mwene Hesironi, Hesironi mwene Peresi, 34#Ita 21:2, 3; 11:10-26; 1 Ngo 1:24-27.Peresi mwene Yuda, Yuda mwene Yakobo, Yakobo mwene Isaka, Isaka mwene Aburahamu, Aburahamu mwene Tera, Tera mwene Nahori, 35Nahori mwene Serugi, Serugi mwene Reyu, Reyu mwene Pelegi, Pelegi mwene Eberi, Eberi mwene Shela, Shela mwene Kayinani, 36#Ita 5:3-32; 1 Ngo 1:1-4; Ita 4:25; 11:10.Kayinani mwene Arupakisadi, Arupakisadi mwene Shemu, Shemu mwene Nowa, 37Nowa mwene Lameki, Lameki mwene Metusela, Metusela mwene Henoki, Henoki mwene Yeredi, Yeredi mwene Mahalaleyeli, 38#Ita 5:1-3.Mahalaleyeli mwene Kayinani, Kayinani mwene Enoshi, Enoshi mwene Seti, Seti mwene Adamu, Adamu w’Imana.

Currently Selected:

Luka 3: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in