nk’uko vyanditswe mu gitabo c’amajambo y’uwavugishwa n’Imana Yesaya,
ngw Ijwi ry’ūsemererera mu bugaragwa,
Ati Ni mutegure inzira y’Uhoraho,
Mugorore iz’ ibihamo ziwe.
Umwonga wose uzokwuzuzwa,
N’umusozi wose n’akarambi bizoringanizwa,
Ibigoramye bizogororoka,
N’inzira z’ubukiru zizosenwa,
Maz’ abafise umubiri bose bazobona agakiza k’Imana.