YouVersion Logo
Search Icon

Luka 4

4
Yesu ageragezwa na Satani
1 # Mat 4:1-11; Mrk 1:12, 13. Yesu yuzuzwa Mpwemu Yera, ava kuri Yorodani, agendagendeshwa mu bugaragwa na Mpwemu, amaray’ imisi mirongwine, 2ageragezwa n’Umurwanizi. Kandi mur’ iyo misi nta co yariye; ishize arasonza. 3Umurwanizi aramubgira, ati Ni waba ur’ Umwana w’Imana, bgira iri buye ricike umutsima. 4#Gus 8:3.Yesu aramwishura, ati Vyanditswe ng’ Umuntu ntatungwa n’umutsima gusa. 5Aramudūgana, amwereka ubgami bgose bgo mw isi mu kanya gato. 6Umurwanizi aramubgira, ati Ndaguha ubu bubasha bgose n’ubgiza bgabgo, kuko jewe nabuhawe, kandi mbuha uwo ngomba wese: 7nuko ni wampfukamira, ukansenga, ubgo bgose buraba ubgawe. 8#Gus 6:13, 14.Yesu aramwishura, ati Vyanditswe ng’ Usenge Uhoraho, Imana yawe, abe ari yo usaba yonyene. 9Amujana i Yerusalemu, amuhagarika mu gatwe k’urusengero, aramubgira, ati Ni waba ur’ Umwana w’Imana, ikororere hasi, 10kuko vyanditswe,
ngw Azokuragiza abamarayika biwe, ngo bakuzigame:#Zab 91:11, 12.
11kandi
ngo Bazokuramira mu maboko yabo,
Ngo kumbure ntutsitare kw ibuye.
12 # Gus 6:16. Yesu aramwishura, ati Vyaravuzwe, ngo Ntukagerageze Uhoraho, Imana yawe. 13#Heb 4:15.Umurwanizi arangije ivy’ amugerageresha vyose, amara igihe amuretse.
Ab’i Nazareti bageza kwica Yesu
14 # Mat 4:12-17; Mrk 1:14, 15. Maze Yesu asubira i Galilaya, ari n’ubushobozi bga Mpwemu, inkuru yiwe ikwira mu gihugu cose kihakikije. 15Yigishiriza mu masinagogi yabo, bose baramushima.
16 # Mat 13:53-58; Mrk 6:1-6. Aja i Nazareti, iyo yakuriye; ku musi w’isabato yinjira mw isinagogi, nk’uko yamenyereye, ava hasi ngw asome. 17#Yes 61:1, 2; 18:6.Bamuha igitabo c’uwavugishwa n’Imana Yesaya, arakizingurura, abona ahantu handitswe,
18ngo Mpwemu w’Uhoraho ari kuri jewe,
Ni co catumye andobanuza amavuta kugira ngo mbgire aboro ubutumwa bgiza:
Yantumye kumenyesha abarindwa ko barekuwe,
N’impumyi ko zihumūka,
No kubohora abanywagutse imitima,
19 # Lew 25:10. No kumenyesha abantu umwaka wo kwemererwamwo n’Uhoraho.
20Azinga igitabo, agisubiza umusanzi w’inzu, aricara; abantu bose bāri mw isinagogi bamuhanga amaso. 21Atangura kubabgira, at’ Ivyo vyanditswe birashitse uyu musi, nk’ukw amatwi yanyu yiyumviye. 22#Yoh 6:42.Bose baramushima, batangazwa n’amajambo y’igikundiro avuye mu kanwa kiwe, bati Mbeg’ uyu si we mwene Yosefu? 23#Mat 4:13.Arababgira, ati Ntimuzobura kuncirak’ uyu mugani, muti Muvūzi, wivūre. Ivyo twumvise vyose ko wakoreye i Kaperinawumu, ubikorere n’ino mu ntāra y’i wanyu. 24#Yoh 4:44.Kand’ ati Ndababgire ukuri, Nta muntu avugishwa n’Imana yemerwa mu ntāra y’i wabo. 25#1 Abam 17:1, 9; 18:1; Yak 5:17.Ariko ndababgire ukuri, Hārih’ abapfakazi benshi mu Bisirayeli mu gihe ca Eliya, hamwe ijuru ryakingwa, imvura igatara imyaka itatu n’amezi atandatu, ikigoyi cinshi kigatera mu gihugu cose; 26yamara Eliya ntiyatumwa kuri n’umwe muri bo, arikw atumwa i Zarefati mu gihugu c’i Sidoni ku mugore w’umupfakazi. 27#2 Abam 5:14.Kandi hārih’ abanyamibembe benshi mu Bisirayeli mu gihe c’uwavugishwa n’Imana Elisa, ntihākizwa n’umwe muri bo, atari Namani Umusiriya. 28Abo mw isinagogi bose bumvise ivyo barashungumirwa, 29bava hasi, baramushika bamukūra mu gisagara cabo, bamujana ku manga y’umusozi wubatswekw igisagara cabo, ngo bamutembagarizeyo: 30arikw aca hagati muri bo, arīgīra.
Yesu akiza umuntu yinjiwemwo na dayimoni
31 # Mat 4:13; Yoh 2:12. Aramanuka aja i Kaperinawumu, igisagara c’i Galilaya: kand’ arikw arabigisha kw isabato,#Mrk 1:21-28. 32#Mat 7:28, 29; Yoh 7:46.batangazwa n’inyigisho ziwe, kukw ijambo ryiwe ryari n’ububasha. 33Kandi mw isinagogi hār’ umuntu yinjiwemwo n’impwemu ya dayimoni ahumanye, asemerera n’ijwi rirenga, 34ati Yō! Duhūriye hehe ga Yesu Munyanazareti? Uje kuduhonnya? Ndakuzi uw’ uri we, ur’ Uwera w’Imana. 35Yesu aramuzibiza, ati Hora, muvemwo. Dayimoni amutūye hasi hagati yabo, amuvamwo, atagize ico amugira. 36Bose baratangara, barabazanya, bat’ Iryo n’ijambo ki? N’ububasha n’ubushobozi agera impwemu zihumanye zigasohoka. 37Inkuru yiwe ikwira hose mu ntāra ihakikije.
Akiza inabukwe wa Simoni, n’abandi benshi
38 # Mat 8:14-17; Mrk 1:29-39. Ava hasi, arasohoka ava mw isinagogi, yinjira mu nzu kwa Simoni. Kandi inabukwe wa Simoni yar’ afashwe n’umururumbo ukomeye, baramumwingingira. 39Amuhagarara i ruhande, akankamira umururumbo, urazima; avyuka uwo mwanya, arabazimana.
40Kandi ku kirengazuba, abari bafise abarwaye bose barwaye indwara zitari zimwe barabamuzanira. Abarambikakw ibiganza umwe‐umwe, arabakiza. 41#Mat 8:29; Mrk 3:11, 12.Kandi n’abadayimoni bava muri benshi, basemerera, bat’ Ur’ Umwana w’Imana. Arabazibiza, ntiyabakundira ko bavuga, kuko bāri bazi yukw ari Kristo.
42Kand’ ijoro rikeye, arasohoka, aja mu gahinga: ishengero riramurondera, bashika ah’ ari, bageza kumubuza ngo ntave muri bo. 43#Luk 8:1.Maz’ arababgira, ati Nkwiye kuvuga ubutumwa bgiza bg’ubgami bg’Imana no mu bindi bisagara, kukw ari co natumwe.
44 # Mat 4:23. Nukw avugira ijambo ry’Imana mu masinagogi y’i Galilaya.

Currently Selected:

Luka 4: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in