YouVersion Logo
Search Icon

Luka 14

14
Yesu akiza umuntu arwaye urusina
1 # Luk 6:6-11; 11:37. Yinjiye mu nzu y’umwe mu bakuru b’Abafarisayo kw isabato kurya, baramugenza. 2Imbere yiwe hār’ umuntu arwaye urusina.#14:2 urusina ni rwo rusima. 3Yesu abaza abigisha ivyagezwe n’Abafarisayo, ati Mbega biremerwa gukiza umuntu kw isabato, canke ntivyemerwa? 4Maze barihorera. Aramufata, aramukiza, aramusezera. 5#Luk 13:15; Mat 12:11.Kand’ arababaza, ati Ni nde muri mwebge afise umwana cank’ inka, hogira igikorokera mw iriba, ntiyoca agikūrayo kw isabato? 6Ntibāshobora kumwishura mur’ ivyo.
Uwishira hejuru azocishwa bugufi
7 # Mat 23:6. Kand’ acira umugani abātumiwe, abonye ingene bitoraniriza ivyicaro vy’abakuru; 8#Imig 25:6.arababgira, at’ Umuntu ni yagutorera ubukwe, ntuze wicare mu cicaro c’abakuru: ngo kumbure ntihabeh’ umuntu akurusha igitinyiro yatowe, 9kand’ uwabatoye mwempi akaza akakubgira, ati Habise uyu: ni ho uzomāramāra, ukagenda, ukicara inyuma y’abandi bose. 10Ariko ni watorwa, ugende, wicare inyuma y’abandi bose, kugira ng’uwagutoye aje, akubgire, at’ Igira ino haruguru mugenzi; ni ho uzobona icubahiro imbere y’abo mwicaranye musangira bose. 11#Luk 18:14; Mat 23:12.Kuk’ umuntu wese yishira hejuru azocishwa bugufi, kand’ uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.
12Kand’ abgira uwamutumiye, ati Ni wagira amazimano ku murango canke mw ijoro, ntuz’ utumire abagenzi bawe cank’ abo muvukana cank’ incuti zawe cank’ ababanyi bawe b’abatunzi; kuko kumbure na bo bogutumira, bakakwishura. 13#Gus 14:29.Ariko ni wagira amazimano, upfume utumira aboro n’ibirema n’abacumbagira n’impumyi: ni ho uzoba uhiriwe; 14#Yoh 5:29.kuko badafise ivyo kukwishura, arik’ uzokwishurwa mw izuka ry’abagororotsi.
Umugani w’abatumiwe babi
15 # Luk 13:29. Maz’ umwe mu bicaranye na we avyumvise, aramubgira, ati Hahirwa ūzorīra mu bgami bg’Imana. 16#Mat 22:2-10.Na we aramubgira, ati Hābaye umuntu yarondeje amazimano menshi, atora benshi: 17igihe co kurya gishitse, atuma umushumba wiwe kubarira abātowe, ngo Ni muze, kuko bihejeje gutegurwa. 18Bose batangura kuzangazanga n’umutima uhūye. Uwa mbere, ati Naguze itongo, nkwiye kuja kurirāba; ndakwinginze, uramvugira antunge. 19Uwundi, ati Naguze inka cumi, ngiye kuzirimisha ngo ndābe; ndakwinginze, uramvugira antunge. 20#1 Kor 7:33.Uwundi, ati Nārongoye, ni co kimbujije kuza. 21Maze wa mushumba agarutse, abgira shebuja uko vyagenze. Nyen’ urugo araraka, abarira umushumba wiwe, ati Genda n’ingoga, uje mu nzira z’ibihamo no mu nzira nto‐nto zo mu gisagara, uzane hano aboro n’ibirema n’impumyi n’abacumbagira. 22Umushumba wiwe, ati Mugenzi, ico umbariye ndagikoze, arikw imyanya iracasigaye. 23Shebuja abarira uno mushumba wiwe, ati Genda uje mu nzira z’iroro no mu mihōra, ubagōbēre baze, kugira ngw inzu yanje yuzure. 24Ndababgira yukw ata muntu n’umwe wo mur’ abo natumiye aza kugira ico atamira mu vyo nabateguriye.
Gukurikira Yesu
25Kand’ ishengero ryinshi ryari rijanye na we: arahindukira, arababgira, 26#Gus 33:9, 10; Luk 18:29, 30; Yoh 12:25.at’ Umuntu ni yaza kuri jewe, ntiyanke se, na nyina, n’umugore wiwe, n’abana biwe, na bene nyina, na bashiki biwe, mbere n’amagara yiwe na yo, ntashobora kuba umwigishwa wanje.#Mat 10:37, 38. 27#Luk 9:23.Ūtikorera umusaraba wiwe ngw ankurikire, ntashobora kuba umwigishwa wanje. 28Ni nde muri mwebge agomba kwubaka umutara w’amatafari muremure, ntiyobanza kwicara, akarimbura igitigiri c’amahera yowubaka, ngw amenye yukw afise ayowunonosora? 29Ngo kumbure yoba ahejeje kwubaka amatafari y’itanguriro, ntashobore kuwuzuza; ababibonye bose bagatangura kumutwenga, 30bat’ Uyu yatanguye kwubaka, ntashobora kwuzuza. 31Canke har’ umwami yoba agiye guhūra n’uwundi ngo barwane, ntiyobanza kwicara, akaja inama, ko yoshobora kujana ingabo ibihumbi cumi guhwana n’ūmuteye ari n’ingabo ibihumbi mirongwibiri? 32Bisanzwe atari ko biri, wa wundi akiri kure cane, amutumakw intumwa, akamubaza ico yomuhongera ngo babane amahoro. 33Ni ko biri, umuntu wese muri mwebge adaheba ivy’ afise vyose ntashobora kuba umwigishwa wanje. 34#Mat 5:13; Mrk 9:50.Umunyu ni mwiza; arik’ umunyu wo, woshira uburyohe, woba ukiryoshwa n’iki? 35Nta co umaze mu ndimiro canke mw icukiro: bapfa kuwuta. Ūri n’amatwi yumva ni yumve.

Currently Selected:

Luka 14: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in