1
Luka 14:26
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
at’ Umuntu ni yaza kuri jewe, ntiyanke se, na nyina, n’umugore wiwe, n’abana biwe, na bene nyina, na bashiki biwe, mbere n’amagara yiwe na yo, ntashobora kuba umwigishwa wanje.
Compare
Explore Luka 14:26
2
Luka 14:27
Ūtikorera umusaraba wiwe ngw ankurikire, ntashobora kuba umwigishwa wanje.
Explore Luka 14:27
3
Luka 14:11
Kuk’ umuntu wese yishira hejuru azocishwa bugufi, kand’ uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.
Explore Luka 14:11
4
Luka 14:33
Ni ko biri, umuntu wese muri mwebge adaheba ivy’ afise vyose ntashobora kuba umwigishwa wanje.
Explore Luka 14:33
5
Luka 14:28-30
Ni nde muri mwebge agomba kwubaka umutara w’amatafari muremure, ntiyobanza kwicara, akarimbura igitigiri c’amahera yowubaka, ngw amenye yukw afise ayowunonosora? Ngo kumbure yoba ahejeje kwubaka amatafari y’itanguriro, ntashobore kuwuzuza; ababibonye bose bagatangura kumutwenga, bat’ Uyu yatanguye kwubaka, ntashobora kwuzuza.
Explore Luka 14:28-30
6
Luka 14:13-14
Ariko ni wagira amazimano, upfume utumira aboro n’ibirema n’abacumbagira n’impumyi: ni ho uzoba uhiriwe; kuko badafise ivyo kukwishura, arik’ uzokwishurwa mw izuka ry’abagororotsi.
Explore Luka 14:13-14
7
Luka 14:34-35
Umunyu ni mwiza; arik’ umunyu wo, woshira uburyohe, woba ukiryoshwa n’iki? Nta co umaze mu ndimiro canke mw icukiro: bapfa kuwuta. Ūri n’amatwi yumva ni yumve.
Explore Luka 14:34-35
Home
Bible
Plans
Videos