YouVersion Logo
Search Icon

Luka 13

13
Abanyagalilaya bishwe na Pilato
1 # Ivyak 5:37. Ico gihe abantu bār’ aho bamwīgānira ivy’ Abanyagalilaya, abo Pilato yavanganije amaraso yabo n’ibimazi vyabo. 2#Yoh 9:2.Arababaza, ati Mbega mwiyumvira yukw abo Banyagalilaya bārusha abandi Banyagalilaya kuba abanyavyaha, kuko bāgizwe bartyo? 3#Zab 7:12.Ndababgire, Si ko biri; ariko ni mutihana, namwe muzohona murtyo mwese. 4Canke ba bandi cumi n’umunani, abo umutara muremure w’amatafari w’i Silowamu wahomvokeyeko, ukabica, mwiyumvira yuko bārusha abandi b’i Yerusalemu bose kuba abanyabicumuro? 5Ndababgire, Si ko biri; ariko ni mutihana, namwe muzohona murtyo mwese.
Umusukoni w’ingumba
6 # Luk 3:9; Mat 3:10; 21:19; Mrk 11:13. Kand’ abacira uyu mugani, ati Hābaye umuntu yar’ afise umusukoni watewe mu ruzabibu rwiwe, araza awuronderakw insukoni arazibura. 7Abgira umukozi w’uruzabibu, ati Rāba, none n’imyaka itatu nza kurondera insukoni kur’ uyu musukoni, sinzibone; uwuce: ugasarira iki aha hantu? 8#2 Pet 3:9, 15.Na we aramwishura, at’ Enda mugenzi, wureke uyu mwaka na wo, ndaworohereze, ndawutabirire: 9hanyuma ni wama insukoni bizoba ari vyiza; ariko n’utama, uzowuca.
Umugore ahetamye
10Ku musi w’isabato yigishiriza mur’ imwe mu masinagogi. 11Hār’ umugore yinjiwemwo n’impwemu itera ubumuga, yar’ amaze imyaka cumi n’umunani ahetamye, adashobora kwunamuka na gatoya. 12Yesu amubonye aramuhamagara, aramubgira, ati Nyina wanje, urabohowe ubumuga bgawe. 13#Mrk 7:32.Amurambikakw ibiganza, uwo mwanya aragororoka, ahimbaza Imana. 14#Kuv 20:9; Gus 5:13.Arik’ umukuru w’isinagogi yitonganiriza ivy’ uko Yesu akijije umuntu kw isabato, abgira abantu, ati Harih’ imisi itandatu, ikwiye gukorwakw ibikorwa; abe ari yo muzako mukizwe, ariko hatari ku musi w’isabato. 15#Luk 14:5.Umwami Yesu aramwishura, ati Mwa ndyarya mwe, mbeg’ umuntu wese muri mwebge ntazitura inka yiwe cank’ indogoba yiwe mu ruhongore kw isabato, akayijana, akayishōra? 16#Luk 19:9; Ivyak 3:25.Non’ uyu, ar’ umukobga wa Aburahamu, yaboshwe na Satani iyo myaka cumi n’umunani yose, ntakwiye kubohorwa iyo ngoyi ku musi w’isabato? 17Akivuga ivyo, abamurwanya bose baramāramāra, ishengero ryose rinezererwa ivyiza vy’agahebuza yakora vyose.
Umugani w’akabuto ka sinapi n’uw’ umwambiro
18 # Mat 13:31-33; Mrk 4:30-32. Kand’ aravuga, at’ Ubgami bg’Imana busa n’iki, kandi ndabushushanye n’iki? 19#Dan 4:12, 21; Ezk 17:23; 31:6.Busa n’akabuto ka sinapi, umuntu yābiriye, akagatera mu ntabire yiwe, kagakura, kakaba igiti, inyoni zo mu kirēre zikārika mu mashami yaco.
20Yongera kuvuga, at’ Ubgami bg’Imana ndabushushanye n’iki? 21Busa n’umwambiro umugore yābiriye akawuvanga n’ingero zitatu z’ifu, gushitsa ah’ iribututumbire yose.
Mbeg’ abakizwa ni bake?
22Ari mu nzira, ahita mu bisagara no mu mihana, yigisha, ari ku rugendo aja i Yerusalemu. 23Umuntu aramubaza, ati Mugenzi, mbeg’ abakizwa ni bake? Na we arababarira, 24#Mat 7:13, 14; Flp 3:12; 1 Tim 6:12.ati Mushishikare guca mw irembo ripfunganye: ndababgira yuko benshi bazogomba kuricamwo, ntibabishobore. 25#Mat 25:11, 12.Nyen’ inzu ni yaheza guhaguruka, akugara urugi, mugatangura gukomanga muhagaze hanze, mukavuga, muti Mupfasoni, n’utwugururire: ni ho azobishura, ati Simbazi, sinzi n’iyo muvuye. 26#Mat 7:22, 23.Ni ho muzotangura kuvuga, mut’ Erega twarīra, twanywera imbere yawe, kandi wigishiriza mu nzira z’i wacu. 27#Zab 6:8.Azobabgira, ati Ndababgire, sinzi iyo muvuye; mviraho, mwa bakora ibizira mwese mwe. 28#Mat 8:11, 12.Aho ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo, aho muzobonera Aburahamu na Isaka na Yakobo n’abāvugishwa n’Imana bose bari mu bgami bg’Imana, namwe muhindiwe hanze. 29#Mal 1:11; Yes 49:12; 59:19; Zab 107:3; Luk 14:15.Hazoza abava i burasirazuba n’i burengerazuba n’i burārūko n’i bumanuko, bazokwicara mu bgami bg’Imana. 30#Mat 19:30.Kandi har’ ab’ inyuma bazoba ab’ imbere, n’ab’ imbere bazoba ab’ inyuma.
Babarira Yesu yuko Herode agomba kumwica; arizwa n’i Yerusalemu
31Uwo mwanya haza Abafarisayo bamwe, baramubarira, bati Va hano ugende, kuko Herode agomba kukwica. 32Arababarira, ati Genda mubgire iyo mbgebge, mut’ Umve, arasenda abadayimoni, arakiza abantu uyu musi n’ejo, ku musi ugira gatatu azotunganywa rwose. 33Ariko nkwiye kugenda uyu musi n’ejo na hirya y’ejo, kuko bidashoboka k’ūvugishwa n’Imana yicwa, atar’ i Yerusalemu. 34#Mat 23:37-39.Ewe Yerusalemu, ewe Yerusalemu, wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko! Ni kangahe nagomvye gukoranya abana bawe, nk’ukw inkoko ikoranya imiswi yayo iyibundikira mu vyubi vyayo, ntimwakunda. 35#Yer 12:7; 22:5; Zab 69:25; 118:26.Rāba, inzu yanyu muyitānywe ar’ umusaka. Kandi ndababgire, Ntimukimbona kugeza aho muzovugira, muti Hashemezwe ūje mw izina ry’Uhoraho.

Currently Selected:

Luka 13: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in