YouVersion Logo
Search Icon

Yohana 18

18
Bafata Yesu
1 # Mat 26:36; Mrk 14:32; Luk 22:39; 2 Sam 15:23. Yesu avuze ivyo, avanayo n’abigishwa biwe afata hakurya y’umugezi witwa Kidironi; aho hār’ itongo: ashikaho, bo n’abigishwa biwe. 2#Luk 21:37.Kandi na Yuda amugura yar’ azi aho hantu, kuko Yesu yahora ajanayo n’abigishwa biwe kenshi.#Mat 26:47-56; Mrk 14:43-52; Luk 22:47-53. 3Nuko Yuda amaze guhabga n’abaherezi bakuru n’Abafarisayo ingabo z’abasoda, bo n’abagendanyi, ajayo, bari n’amatara n’ibimuri n’ibirwanishwa. 4#Yoh 19:28.Nuko Yesu amenye ibigira bimubeko vyose, arabasanganira, arababaza, ati Murondera nde? 5Na bo baramwishura, bati Yesu Umunyanazareti. Arababgira, ati Ni jewe. Kandi Yuda, amugura, yar’ ahagararanye na bo. 6Amaze kubabarira, ati Ni jewe, bagenza imigongo, bagwa hasi. 7Na we asubira kubabaza, ati Murondera nde? Na bo bati Yesu Umunyanazareti. 8Yesu arabishura, ati Mbabgiye kw ari jewe: asangw’ ari jewe murondera, mureke aba, bīgīre. 9#Yoh 17:12.Ukwo kwar’ ukugira ngo rya jambo yavuze rishike, ngo Mu bo wampaye nta n’umwe najimije. 10Simoni Petero yari n’inkota, arayisokōra, aca ugutwi kw’i buryo kw’umuntu w’umuherezi mukuru: uwo muntu yitwa Malikusi. 11#Mat 26:39.Maze Yesu abarira Petero, ati Subiza inkota mu rwubati: mbeg’ igikombe Data yampaye ndeke kukinywa?
Yesu aregerwa imbere ya Kayafa; Petero amwihakana gatatu
12 # Mat 26:57-75; Mrk 14:53-72; Luk 22:54-71. Nukw abasoda n’umukuru w’abagabisha babo n’abagendanyi b’Abayuda bafata Yesu, baramuboha, 13babanza kumujana kwa Anasi, kuko yari sebukwe wa Kayafa umuherezi mukuru wo mur’ uwo mwaka. 14#Yoh 11:49, 50.Kandi Kayafa ni we yari yagīriye inama Abayuda, yukw ar’ ibibereye k’umuntu umwe apfira ubgo bgoko.
15 # Yoh 20:3; 21:20; Ivyak 3:1. Simoni Petero akurikira Yesu, bo n’uwundi mwigishwa. Uwo mwigishwa yar’ azinanyi n’umuherezi mukuru, ashikana na Yesu mu rugo rw’uwo muherezi mukuru, 16ariko Petero asigara ahagaze kw irembo. Wa wundi mwigishwa yar’ azinanyi n’umuherezi mukuru, ashika kw irembo, avugana n’umukumirizi, araheza ashikana Petero imbere. 17Maz’ iyo ncoreke ikumīra ibaza Petero, iti Mbega nawe uri mu bigishwa b’uyo muntu? Petero at’ Oya, sindimwo. 18Abashumba n’abagendanyi bāri bahagaze bacanye umuriro w’amakara, kuko hār’ imbeho, bariko barōta; kandi Petero na we yari kumwe na bo, ahagaze yōta.
19Nuk’ umuherezi mukuru asiguza Yesu ivy’ abigishwa biwe n’inyigisho ziwe. 20#Yoh 7:14, 26; Mat 10:27.Yesu aramwishura, ati Nabarira ab’ isi mvyeruye, nahora nigishiriza mu masinagogi no mu rusengero ah’ Abayuda bose bakoranira, nta co navugiye mu mpisho. 21Umbarije iki? Baza abāhora bavyumva ico nababariye: erega ni bo bazi ivyo navuze. 22#Yoh 19:3; Ivyak 23:2; 18:28—19:15; Mat 27:2, 11-30; Mrk 15:1-19; Luk 23:1-25.Avuze artyo, umwe mu bagendanyi ahagazeho akubita Yesu urushi, at’ Uko ni ko wishura umuherezi mukuru? 23Yesu aramubaza, ati Namba mvuze nabi, nyagiriza ico kibi; ariko namb’ ari neza, unkubitiye iki? 24Nuko Anasi amurungika aboshwe kwa Kayafa umuherezi mukuru.
25Simoni Petero yar’ ahagaze yōta; nuko baramubaza, bati Mbega nawe uri mu bigishwa biwe? Na we arahakana, at’ Oya, sindimwo. 26Umwe mu bashumba b’umuherezi mukuru, yar’ incuti y’umwe Petero yaciye ugutwi, aramubaza, ati Sinakubonye uri kumwe na we muri rya tongo? 27Maze Petero yongera kubihakana, ako kanya inkoko ica irabika.
Yesu ashikirizwa Pilato
28Bakūra Yesu kwa Kayafa, bamujana mw iboma: hāri mu mutwenzi. Arik’ ubgabo ntibinjira mw iboma, ngo boye kwihumanya, kugira ngo babone ingene barya Pasika. 29Kubg’ ivyo Pilato arasohoka aja aho bari, arababaza, at’ Ikirego mufise kur’ uyu muntu n’igiki? 30Baramwishura, bat’ Ugira ng’ uyu, iyaba atākoze ibibi tuba tumukuzaniye? 31#Yoh 19:6, 7; Ivyak 18:15.Nuko Pilato arababgira, ati Ni mumujane mwebge, mumucire urubanza nk’ukw ivyagezwe vyanyu bivuga. Abayuda baramwishura, bat’ Erega twebge ntitwemererwa kwica umuntu. 32#Yoh 12:32, 33; Mat 20:19.Ngw ijambo rya Yesu rishike, iryo yavuze abamenyesha urupfu azopfa urw’ ari rwo.
33Nuko Pilato asubira mw iboma, ahamagaza Yesu, aramubaza, ati Ni wewe Mwami w’Abayuda? 34#Mat 16:13.Yesu ati Mbeg’ ivyo ubibajije kubgawe, canke n’abandi bakubariye ivyanje? 35#Yoh 1:11; Mat 21:39.Pilato ati Mbega nanje nd’ Umuyuda? Ab’ ubgoko bganyu n’abaherezi bakuru ni bo bakunzaniye. Wakoze iki? 36Yesu aramwishura, at’ Ubgami bganje s’ubgo mur’ iyi si; iyaba ubgami bganje bgar’ ubgo mur’ iyi si, abagendanyi banje baba bārwanye, ngo simpabge Abayuda. Ariko noneh’ ubgami bganje s’ubg’ ino. 37#1 Tim 6:13; Yoh 8:47; 10:27.Nuko Pilato aramubaza, at’ Ubgo wewe ur’ umwami? Yesu ati Ni wewe uvyivugiye ko nd’ umwami. Iki ni co navukiye, kand’ iki ni co canzanye mw isi, n’ukugira ngo nshingire intahe ukuri. Uw’ ukuri wese yumva ijwi ryanje. 38Pilato aramubaza, ati Mbeg’ ukuri n’iki?
Amaze kuvuga ivyo, asubira gusohoka, aja ah’ Abayuda bari, arababgira, ati Jewe nta gicumuro mbonye kuri we. 39Ariko musanganywe umugenzo ko mbarekurira umwe mu misi ya Pasika: none muragomba ko mbarekurira umwami w’Abayuda? 40Nuko basubira gusemerera, bati S’uyo, ariko turekurire Baraba. Yamara Baraba yar’ umwambuzi.

Currently Selected:

Yohana 18: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in