Yohana 19
19
Pilato acira Yesu urubanza
1Maze Pilato afata Yesu, aramukubitisha. 2Abasoda na bo batsiba igitsibo c’amahwa bakimwambika mu mutwe, baraheza bamwambika impuzu y’inyambarabami.#19:2 inyambarabami: rāba Luk 16:19. 3#Yoh 18:22.Baramwēgēra, bati Ndagize bgakeye, Mwami w’Abayuda. Maze baramubīngūra.
4Maze Pilato asubira gusohoka, arababgira, at’ Ehe ndamusohokanye aho muri, ngo mumenye kw ata gicumuro mbonye kuri we. 5Nuko Yesu asohoka yambaye ico gitsibo c’amahwa na ya mpuzu y’inyambarabami. Pilato arababgira, at’ Ehe rāba uwo muntu! 6Maz’ abaherezi bakuru n’abagendanyi bamubonye, barasemerera, bati Mubambe, mubambe. Pilato arababgira, ati Ni mube ari mwebge mumwishorerera, mumubambe, kuko jewe ata gicumuro mbonye kuri we. 7#Yoh 5:18; 10:33; Lew 24:16.Abayuda baramwishura, bati Twebge dufise icagezwe, kandi kubg’ ico cagezwe akwiye gupfa, kuko yigize Umwana w’Imana. 8Nuko Pilato yumvise iryo jambo, arushiriza gutinya; 9asubira kwinjira mw iboma, abaza Yesu, at’ Ur’ uwa hehe? Ariko Yesu ntiyamwishura na rimwe. 10Nuko Pilato aramubaza, ati Nta co umbarira? Ntuzi yuko mfise ububasha bgo kukurekura, kandi mfise ububasha bgo kukubamba? 11#Yoh 10:18; Ivyak 2:23.Yesu aramwishura, ati Nta bubasha war’ ufise kuri jewe, shit’ ubuhawe buvuye hejuru, ni co gituma uwakunshikirije afise icaha kirengeje.
12 #
Ivyak 17:7. Uhereye aho Pilato arondera uburyo bg’uko yomurekura, arikw Abayuda barasemerera, bati Ni warekura uyo, ntuzoba ucuzura na Kayisari, kuk’ uwīgira umwami wese aba agararije Kayisari. 13Nuko Pilato yumvise ayo magambo, asohora Yesu, yicara ku ntebe y’imanza, yar’ ahantu hitwa Musezero w’amabuye, mu Giheburayo hitwa Gabata. 14War’ umusi wo kwitegurira Pasika, hari nk’isaha zitandatu. Abgira Abayuda, at’ Ehe rāba umwami wanyu. 15#Yoh 19:6.Na bo barasemerera, bati Mukūreho, mukūreho, umubambe. Pilato arababaza, ati Mbambe umwami wanyu? Abaherezi bakuru bati Nta mwami dufise, atari Kayisari. 16#Mat 27:31-50; Mrk 15:20-37; Luk 23:26-46.Araheza aramubahereza, ngw abambge.
Babamba Yesu
Nuko basūmira Yesu. 17Avayo, yiyikorereye umusaraba, ashika ahantu hitwa Nyagihanga, mu Giheburayo hitwa Gologota; 18bamubambaho, hamwe n’abandi babiri, umwe hirya, uwundi hino, Yesu yari hagati. 19Pilato yandika icandiko, agishira ku musaraba; canditswe ngo YESU UMUNYANAZARETI UMWAMI W’ABAYUDA. 20Benshi mu Bayuda bāsoma ico candiko, kukw aho hantu Yesu yabambge hari hafi y’igisagara; kandi cari canditswe mu Giheburayo no mu Kiroma no mu Kigiriki. 21Nukw Abaherezi bakuru b’Abayuda babgira Pilato, bati Nta co wandika ng’ Umwami w’Abayuda, arik’ uti Yivuze ngo Ni jewe Mwami w’Abayuda. 22Pilato arabishura, at’ Ico nanditse, nacanditse.
23Nukw abasoda, bamaze kubamba Yesu, bābīra impuzu ziwe, bazigaburamw’ imigabane ine, umusoda wese umugabane wiwe; hasigara umwinjiro. Kand’ uwo mwinjiro ntiwar’ ufise umubarīro, war’ ujishwe kumwe, uhereye hejuru kugeza hasi. 24Nuko baravugana, bati Twoye kuwutabura, tuwupfindire, ugire ūwegukiye. Kwar’ ukugira ngw ivyanditswe bishike,
ngo Bagabuye impuzu zanje,
Bapfindira umwambaro wanje.
Ivyo ni kw abasoda babikoze.#Zab 22:18.
25Arikw i ruhande y’umusaraba wa Yesu hāri hahagaze nyina na nyinabo na Mariya muka Kilopa na Mariya Magadalene. 26#Yoh 13:23.Yesu abonye nyina na wa mwigishwa yakunda ahagazeho, abarira nyina, ati Nyina wanje, nguyo umwana wawe. 27Maz’ abarira wa mwigishwa, ati Nguyo nyoko. Uhereye ako kanya uwo mwigishwa amujana i we.
Urupfu rwa Yesu
28 #
Yoh 13:3; 18:4; Zab 22:15. Hanyuma y’ivyo Yesu amenye yuko noneho vyose birangiye, kugira ngw icanditswe gishike, aravuga, ati Mfise inyota. 29#Zab 69:21.Aho hantu hari hateretse inkono yuzuye inkarisha, nuko bashira sipongo#19:29 sipongo n’ikintu kimeze nk’icangwe, ni co gikuyabeza. yuzuyemw’ inkarisha kw irenga, bayirungika ku munwa wiwe. 30Yesu amaze kuyihabga, aravuga, ati Birarangiye. Araheza ajondamika umutwe, umutima uraca.
31 #
Gus 21:23. Uwo musi war’ uwo kwitegurira Pasika; nuko kugira ngw abābambge ntibagume ku misaraba kw isabato, kuk’ uwo musi w’isabato wari mukuru, Abayuda basaba Pilato ngw amaguru yabo avunwe, kandi ngo babambūrwe. 32Maz’ abasoda baraza, bavuna amaguru y’uwa mbere n’ay’ uwundi yabambanywe na we. 33Ariko bashitse kuri Yesu, babonye amaze gupfa, ntibāba bakimuvuna amaguru, 34arik’ umwe mu basoda amucumita icumu mu rubavu; ako kanya hava amaraso n’amazi. 35Uwabibonye ni we yabishingiye intahe kand’ intahe yiwe n’iy’ ukuri, kand’ arazi kw avuga ukuri, kugira ngo namwe mwizere. 36#Kuv 12:46; Guh 9:12; Zab 34:20.Kukw ivyo vyabayeho kugira ngw icanditswe gishike, ngo Nta n’igufa ryiwe rizovunwa. 37#Zek 12:10; Ivyah 1:7.Kandi har’ ikindi canditswe, kivuga ngo Bazobona uwo bācumise.
Yosefu aja guhamba Yesu
38 #
Mat 27:57-61; Mrk 15:42-47; Luk 23:50-55. Hanyuma y’ivyo Yosefu Umunyarimataya, yar’ umwigishwa wa Yesu, ariko mu mpisho, kubgo gutinya Abayuda, yaka Pilato ikiziga ca Yesu ngw akijane: Pilato aremera; nukw araza ajana ikiziga ciwe. 39#Yoh 3:2; Mat 2:11.Kandi haza na Nikodemo, umwe yaza kuri Yesu mw ijoro ubga mbere, azana ikivange c’isenga n’imbazi nk’ibilo mirongwitanu. 40Nuko bābīra ikiziga ca Yesu, bakizingira mu mpuzu zera derere, hamwe n’ivyo bimota neza, nk’uk’ umugenzo w’Abayuda wo guhamba war’ uri. 41Kand’ aho hantu yabambge hār’ itongo; kandi mur’ iryo tongo hār’ imva nsha itarahambgamw’ umuntu; 42aho ni ho bāhamvye Yesu, kuko war’ umusi wo kwitegura kw’ Abayuda, kand’ iyo mva ikaba hafi.
Currently Selected:
Yohana 19: RUN1967
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967