Yohana 17
17
Yesu Umuherezi Mukuru wacu asengera abiwe
1 #
Yoh 11:41; 13:1. Yesu avuze ivyo, arangamiza mw ijuru, ati Data, igihe kirashitse: shimagiza Umwana wawe, ng’ Umwana agushimagize; 2#Mat 11:27.nk’uko wamuhaye ububasha ku bafise umubiri bose, ngw abo wamuhaye bose abahe ubugingo budashira. 3#1 Yoh 5:20; 1 Tes 1:9.Ubu ni bgo bugingo budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo. 4#Yoh 4:34.Nagushimagije mw isi, nnonosoye igikorwa wampaye gukora. 5#Yoh 1:1; 17:24; Flp 2:6.Na none Data, unshimagizanye nawe, unshimagirishije bga bgiza nahoranye ndi kumwe nawe, isi itararemwa.
6 #
Yoh 17:9; Mat 6:9. Nahishuriye izina ryawe abantu wampaye mu b’isi; bar’ abawe, urabampa, kandi bitondeye ijambo ryawe. 7None bamenye yukw ivyo wampaye vyose biva kuri wewe: 8#Yoh 16:30.kukw amajambo wampaye nayabahaye, na bo bakayākīra, bakamenya vy’ukuri ko naturutse kuri wewe; bakizera kw ari wewe wantumye. 9#Yoh 6:37, 44.Ndabasabira; sinsabira ab’ isi, ariko nsabira abo wampaye, kukw ar’ abawe; 10#Yoh 16:15; Luk 15:31.kand’ ivyanje vyose n’ivyawe, n’ivyawe na vyo n’ivyanje, kandi nashimagijwe muri bo. 11#Yoh 10:30; Mat 6:13.Sinkiri mw isi, ariko bo bari mw isi, nanje ndaje kuri wewe. Data wera, ubazigamire mw izina ryawe wampaye, ngo babe umwe nk’uko natwe turi. 12#Yoh 6:39; Zab 41:9; 109:8; 2 Tes 2:3.Nkiri kumwe na bo, nabazigamiye mw izina ryawe wampaye. Narabashibamyeko, kandi nta n’umwe muri bo yapfuye rubi, atari wa mwana wo gupfa rubi, kugira ngw ivyanditswe bishike. 13#Yoh 15:11.Ariko none ndaje kuri wewe, kand’ ibi mbivuga ndi mw isi, kugira ngo bagire umunezero wanje wuzure muri bo. 14#Yoh 15:19.Nabahaye ijambo ryawe; kand’ ab’ isi barabanka, kukw atar’ ab’ isi, nk’uko nanje ntar’ uw’ isi. 15#2 Tes 3:3; 1 Yoh 5:18; Mat 6:13; Luk 22:32.Singusaba ng’ ubakūre mw isi, ariko ng’ ubarinde wa Mubi. 16S’ab’ isi, nk’uko nanje ntar’ uw’ isi. 17#Yoh 6:63.Ubeze mu kuri: ijambo ryawe ni ryo kuri. 18#Yoh 20:21.Nk’uko wantumye mw isi, ni ko nanje nabatumye mw isi: 19#Heb 10:10.kandi nanje niyeza kubgabo, kugira ngo na bo babe bejejwe mu kuri.
20 #
Yoh 17:9. Sinsabira aba gusa, ariko ndasabira n’abo bazonyizera kubg’ ijambo ry’aba, 21#Gal 3:28.kugira ngo bose babe umwe, nk’uko wewe, Data, uri muri jewe, nanje nkaba muri wewe, ngo na bo abe ari ko baba muri twebge, ngw isi yizere kw ari wewe wantumye. 22#Ivyak 4:32.Nanje nabahaye ubgiza wampaye, ngo babe umwe, nk’uko natwe tur’ umwe. 23#1 Kor 6:17; Gal 2:20.Jewe mbe muri bo, nawe ube muri jewe, ngo bahīngūrwe babe umwe, kugira ngw isi imenye kw ari wewe wantumye, ukabakunda, nk’uko wankunze. 24#Yoh 10:29; 12:26; Ef 1:4.Data, abo wampaye ndagomba kw aho ndi na bo bahabana nanje, ngo barābe ubgiza bganje wampaye, kuko wankunze itanguriro ry’isi ritarashirwaho. 25Data ugororotse, isi ntiyakumenye, ariko jewe narakumenye, n’aba na bo bamenye kw ari wewe wantumye. 26Nabamenyesheje izina ryawe, kandi nzoribamenyesha, ng’ urukundo wankunze rube muri bo, nanje mbe muri bo.
Currently Selected:
Yohana 17: RUN1967
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967