Yesaya 9
9
Yesaya avugishwa ivy’ Umwami azovuka, ari we Mukiza
1 #
Mat 4:15, 16. #
2 Abam 15:29; 2 Ngo 16:4. Ariko ntibuzosubira kwiriranira ukundi ku wahoze ari mu mubabaro. Mu gihe ca kera yateye agakēngērwe igihugu ca Zebuloni n’igihugu ca Nafutali, ariko mu gihe co hanyuma yagiteye icubahiro, ku nzira ikikiye ikiyaga, hakurya ya Yorodani, i Galilaya h’abanyamahanga. 2#Luk 1:79; Ef 5:8.Abantu bāgendera mu mwiza babonye umuco mwinshi, abāba mu gihugu c’igitūtu c’urupfu ni bo bākiwe n’umuco. 3#Yes 26:15; Yoh 4:36.Wagwije ihanga, wabongeye umunezero, banezererwa imbere yawe, nk’umunezero wo mw iyimbura, nk’uw’ abantu banezerwa bagabanganye iminyago. 4#Abac 7:19-25; Yes 10:5, 26, 27; Nah 1:13.Kukw igiti c’ingōgo bāmuremēka, n’ubuhiri bāmukubita mu butikorwa, n’inkoni y’uwamuhahaza, wabivunaguye nko kuri wa musi w’Abamidiyani. 5Kukw ivyākīngira abafise ibirwanishwa mu ntambara, n’impuzu zivumbagajwe mu maraso, bizoba ivyo gucanwa, bibe inkwi z’umuriro.
6 #
Yes 7:14; 10:21; 28:29; 63:16; Yer 32:18; Mat 28:18; Luk 2:11; 1 Kor 15:25; Ef 2:14. Kuk’ umwana atuvukiye, duhawe umwana w’umuhungu; ubutware buzoba ku bitugu vyiwe: azokwitwa Igitangaza, Umujanama, Imana y’ubushobozi, Data wa twese ahoraho, Umukama w’amahoro. 7#2 Abam 19:31; Zab 89:4; Yer 23:5; Luk 1:32, 33.Ukugwira kw’ubutware bgiwe n’amahoro ntibizogira iherezo, ku ngoma ya Dawidi no ku bgami bgiwe, bibukomeze, bibushigikize guca imanza zibereye n’ukugororoka, uhereye none ugashitsa ibihe vyose. Umwete w’Uhoraho Nyen’ ingabo uzoshitsa ivyo.
Imana ihana abantu bayo, barushiriza kutayumvira
8Umwami Imana yarungitse ijambo kuri Yakobo, rishika kuri Isirayeli. 9Abantu bose bazobimenya, ni bo Befurayimu n’ababa i Samariya, bavuga bīhayagiza, buzuye ubgibone mu mitima yabo, 10bat’ Amatafari yarasenyutse, ariko tuzokwubakisha amabuye abāje; ibiti vy’imisukomora vyaraciwe, ariko tuzosubizah’ ivy’ amasederi. 11Ico ni co kizotuma Uhoraho abahagurukiriza abansi ba Rezini kubatera, kand’ akabagomorera ababisha babo; 12#2 Abam 16:6; 2 Ngo 28:18; Yes 5:25.Abasiriya bazomuturuka imbere, Abafilisitiya na bo bamuturuke inyuma: bazokwasamira Isirayeli bamutsontsomere. Yamara na ho nyene uburake bg’Uhoraho ntiburahwama, arik’ ukuboko kwiwe kuracabānguye.
13 #
Hos 7:10. Yamar’ abantu ntibāhindukiriye uwabakubise, kandi ntibārondeye Uhoraho Nyen’ ingabo. 14#Gus 28:13; Yes 19:15.Ni co kizotuma Uhoraho azoca Abisirayeli umutwe n’umurizo, ishami ry’ikigazi n’umubere, ku musi umwe. 15Umugabo mukuru w’icubahiro ni we mutwe, kandi kamenyi yigisha ibinyoma ni we murizo. 16Kukw abarōngōra ubu bgoko babuzimiza, kand’ abarōngōwe na bo barahona. 17Ni co gitumye Umwami Imana atazonezererwa imisore yo muri bo, kand’ atazoterwa akagongwe n’impfuvyi zo muri bo n’abapfakazi: kukw abantu bose ar’ abatubaha Imana, bakaba inkozi z’ibibi, kandi n’akanwa kose kakavuga ubupfu. Yamara na ho nyene uburake bg’Uhoraho ntiburahwama, arik’ ukuboko kwiwe kuracabānguye.
18Kukw ibigabitanyo biturira nk’umuriro, utongora imikere n’amahwa, ukadomeka n’ibisaka vyo mw ishamba, bigacika umwotsi wipfundikanya utwaje intunda hejuru. 19#Mik 7:2.Uburake bg’Uhoraho Nyen’ ingabo ni bgo butumye igihugu gitongoka: abantu na bo bakamera nk’inkwi z’umuriro; nta wugirira akagongwe mugenzi we. 20#Yes 8:21.Umuntu azosahurira i buryo bgiwe, ariko yame ashonje; azorya n’ivy’ i bumoso, na ho nyene ntahāge: umuntu wese azorya mugenzi we kw inyama. 21#2 Ngo 28:6-8.Manase azorya Efurayimu, Efurayimu arye Manase; kandi bompi bazokwifatanya gutera Yuda. Yamara na ho nyene uburake bg’Uhoraho ntiburahwama, arik’ ukuboko kwiwe kuracabānguye.
Currently Selected:
Yesaya 9: RUN1967
Highlight
Share
Copy

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967