1
Yesaya 9:6
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
Kuk’ umwana atuvukiye, duhawe umwana w’umuhungu; ubutware buzoba ku bitugu vyiwe: azokwitwa Igitangaza, Umujanama, Imana y’ubushobozi, Data wa twese ahoraho, Umukama w’amahoro.
Compare
Explore Yesaya 9:6
2
Yesaya 9:2
Abantu bāgendera mu mwiza babonye umuco mwinshi, abāba mu gihugu c’igitūtu c’urupfu ni bo bākiwe n’umuco.
Explore Yesaya 9:2
3
Yesaya 9:7
Ukugwira kw’ubutware bgiwe n’amahoro ntibizogira iherezo, ku ngoma ya Dawidi no ku bgami bgiwe, bibukomeze, bibushigikize guca imanza zibereye n’ukugororoka, uhereye none ugashitsa ibihe vyose. Umwete w’Uhoraho Nyen’ ingabo uzoshitsa ivyo.
Explore Yesaya 9:7
4
Yesaya 9:5
Kukw ivyākīngira abafise ibirwanishwa mu ntambara, n’impuzu zivumbagajwe mu maraso, bizoba ivyo gucanwa, bibe inkwi z’umuriro.
Explore Yesaya 9:5
5
Yesaya 9:1
Ariko ntibuzosubira kwiriranira ukundi ku wahoze ari mu mubabaro. Mu gihe ca kera yateye agakēngērwe igihugu ca Zebuloni n’igihugu ca Nafutali, ariko mu gihe co hanyuma yagiteye icubahiro, ku nzira ikikiye ikiyaga, hakurya ya Yorodani, i Galilaya h’abanyamahanga.
Explore Yesaya 9:1
6
Yesaya 9:3
Wagwije ihanga, wabongeye umunezero, banezererwa imbere yawe, nk’umunezero wo mw iyimbura, nk’uw’ abantu banezerwa bagabanganye iminyago.
Explore Yesaya 9:3
7
Yesaya 9:4
Kukw igiti c’ingōgo bāmuremēka, n’ubuhiri bāmukubita mu butikorwa, n’inkoni y’uwamuhahaza, wabivunaguye nko kuri wa musi w’Abamidiyani.
Explore Yesaya 9:4
Home
Bible
Plans
Videos