Itanguriro 47
47
Yosefu ajana se kwa Farawo
1 #
Ita 45:10; 46:31. Yosefu araheza aragenda, abgira Farawo, ati Data n’abo tuvukana bashitse ino bavuye mu gihugu c’i Kanani, bo n’imikuku yabo n’amasho yabo n’ivyo bafise vyose; none bari ngaho mu gihugu c’i Gosheni. 2Maz’ arobanura batanu muri bene se, abashīra Farawo. 3#Ita 46:33, 34.Farawo abaza bene se ba Yosefu, at’ Umwuga wanyu n’umuki? Bishura Farawo, bat’ Abasavyi bawe tur’ abama baragira, twebge ubgacu uhereye no kuri ba sogokuruza. 4#Ita 43:1.Kandi baramubarira, bati Tuzanywe no gusuhukira mur’ iki gihugu, kukw abasavyi bawe twabuze ubgatsi bg’ imikuku yacu, kukw ikigoyi ari cinshi cane mu gihugu c’i Kanani; none rero turasavye, wemerere abasavyi bawe, tube mu gihugu c’i Gosheni. 5Farawo abarira Yosefu, ati So n’abo muvukana ko baje kuri wewe, 6igihugu ca Egiputa ngico: ubagerēre aharuta ahandi ubgiza, babe mu gihugu c’i Gosheni; kandi namb’ uzi abahanga muri bo, ubagire abatongore b’ inka zanje.
7Yosefu araheza yinjiza na se Yakobo, amushikana imbere ya Farawo: Yakobo ahezagira Farawo. 8Farawo abaza Yakobo, at’ Imyaka umaze n’ingahe? 9#Ita 11:32; 25:7; 35:28; Yob 14:1; Zab 39:12; 119:54; Umus 2:23; Heb 11:13.Yakobo yishura Farawo, at’ Imyaka y’ukuyerera kwanje kw isi n’ijana na mirongwitatu: iyo myaka mbayeho ibaye mike kandi mibi, ntingana n’imyaka ba sogokuruza bamaze, mu misi y’ukuzenzagira kwabo. 10Yakobo ahezagira Farawo, araheza ava imbere yiwe. 11#Ita 45:10; 47:6; Kuv 1:11; 12:37.Yosefu agerēra se n’abo bavukana, abaha ishamvu mu gihugu ca Egiputa, aharuta ahandi ubgiza, mu ntāra y’i Ramesesi, nk’uko Farawo yageze. 12Yosefu aha se n’abo bavukana n’abo mu rugo rwa se bose ivyo kubatunga, uko mu nzu zabo bangana.
Yosefu agura ivy’ Abanyegiputa bafise vyose
13Nuko mu gihugu cose ntihaba hakiboneka ivyo kurya, kukw ikigoyi cari cinshi cane, bituma abo mu gihugu ca Egiputa n’abo mu gihugu c’i Kanani bagwa isari kubg’ inzara. 14#Ita 41:56.Yosefu akoranya amahera yose yari mu gihugu ca Egiputa no mu gihugu c’i Kanani bazanye gusumisha, ayajana kwa Farawo. 15Amahera yose ashize mu gihugu ca Egiputa no mu gihugu c’i Kanani, Abanyegiputa bose baja kuri Yosefu, bati Duhe ivyo kurya, twoye kugwa imbere yawe, kukw amahera yacu ashize. 16Yosefu arabishura, ati Ni muzane amatungo yanyu, nanje ndabagurira ivyo kurya ku matungo yanyu, asangwa amahera yashize. 17Bazanira Yosefu amatungo yabo; Yosefu abagurira ivyo kurya ku mafarasi n’imikuku n’amasho n’indogoba: abasumira ivyo kurya uwo mwaka, abibaguriye ku matungo yabo yose. 18Uwo mwaka ushize, mu mwaka ugira kabiri, baza kuri we, baramubarira, bati Mugenzi, ntitwoguhisha yukw amahera yacu yose yashize, kand’ amasho yacu yose yacitse ayawe, mugenzi. Non’ urabona kw ata co tugisigaranye, mugenzi, atar’ imibiri yacu n’amatongo yacu: 19#Neh 5:4, 5.none twoye kugwa imbere yawe, amatongo yacu ngw ahinduke imisaka, n’uduhe utwo kurya, ube utuguranye n’amatongo yacu, ducike abagurano ba Farawo, atuganzanye n’amatongo yacu: uduhe n’imbuto, ntidupfe, tubeho, igihugu coye guhinduka imisaka. 20Nuko Yosefu agurira Farawo amatongo yose yo muri Egiputa, kuk’ Umunyegiputa wese yagura indimiro yiwe, kukw ikigoyi cabateye cane: nukw igihugu cose gicika ishamvu ya Farawo. 21Abantu na bo abagira abagurano, mu gihugu cose ca Egiputa, iyo kiva kikagera. 22#Ezr 7:24.Amatongo y’ abaherezi ni yo yonyene atāguze: kukw abaherezi bari bafise ivyo kubatunga bagerewe na Farawo, bikaba ari vyo barya: ni co catumye batagura amatongo yabo. 23Yosefu abarira abantu, at’ Eh’ uyu musi ndabaguze, mubaye aba Farawo, mwe n’amatongo yanyu: none ngizi imbuto zo kuja kubiba. 24Arik’ uko muzokwimbura kwose, muzokwama muha Farawo igihimba ca gatanu c’ivyo mwimbuye; namwe ibihimba bine bizoba ivyanyu, ngo mubikūrekw imbuto, bibe n’ivyo kurya vyanyu n’abo mu ngo zanyu n’abana banyu. 25#Ita 33:15.Baramubarira, bat’ Udukijije urupfu! Komeza uduhangaze, mugenzi, natwe tuzoba abagurano ba Farawo. 26#Ita 47:22.Nuko Yosefu abigira icagezwe, kikiriho na bugingo n’ubu, yukw igihimba ca gatanu c’ivyimburwa vyo mu gihugu ca Egiputa kizoba ica Farawo: amatongo y’abaherezi yonyene ni yo atabaye aya Farawo. 27#Ita 26:4; Kuv 1:7; Zab 105:24; Ivyak 7:17.Abisirayeli baba mu gihugu ca Egiputa, mu ntāra y’i Gosheni; baronkeray’ ibintu, bararondoka, baragwira cane.
Yakobo arahiza Yosefu yukw azomuhamba i Kanani
28Yakobo amara imyaka cumi n’indwi ari mu gihugu ca Egiputa: nukw imyaka Yakobo yamaze n’ ijana na mirongwine n’indwi, iyo ni yo myaka y’ukubaho kwiwe. 29#Ita 24:2, 49; 50:25.Nukw igihe co gupfa kwa Isirayeli kiri hafi, ahamagaza umwana wiwe Yosefu, aramubarira, ati Ni waba uzongirira neza, ndakwinginze, n’ushire ukuboko kwawe musi y’ikibero canje, wemere kunyobokera, no kumbera umwizigirwa. Ndakwinginze, ntuz’ umpambe muri Egiputa: 30#Ita 49:29, 30; Ivyak 7:16.ariko ni nagera guhamvya ba sogokuru, uz’ unkūre muri Egiputa, umpambe mw isenga yabo bāhambgemwo. Aramwishura, ati Nzogenza uk’ umbariye. 31#Ita 48:2; 1 Abam 1:47; Heb 11:21.Aramubarira, ati Ndahira: aramurahira. Isirayeli araheza yūnama ku musego wo ku buriri bgiwe.
Currently Selected:
Itanguriro 47: RUN1967
Highlight
Share
Copy

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967