YouVersion Logo
Search Icon

Itanguriro 48

48
Yakobo ahezagira abana ba Yosefu
1Hanyuma y’ivyo babarira Yosefu, bat’ Umuvyeyi wawe ararwaye. Aca ahitana abana biwe bompi, Manase na Efurayimu. 2Babarira Yakobo, bat’ Ehe umwana wawe Yosefu araje. Isirayeli aca arinanata, yicara ku buriri. 3#Ita 28:13, 19.Yakobo abarira Yosefu, at’ Imana Ishobora vyose yanyiyerekeye i Luzi ho mu gihugu c’i Kanani, irampezagira; 4#Ita 35:11, 12.irambarira, it’ Ehe nzokurondora, nkugwize, nguhindure igugu ry’amahanga; kand’ iki gihugu nzogiha uruvyaro rwawe ruzogukurikira, kibe ishamvu yarwo ibihe vyose. 5#Ita 46:20; Yos 14:4.Non’ aba bahungu bawe bompi wavyaye n’abanje, abo wavyariye ino mu gihugu ca Egiputa ntaraza iy’ uri: mbere Efurayimu na Manase babaye abanje, babaye kimwe na Reyubeni na Simeyoni. 6Ni hagira abandi bana uvyara hanyuma bazoba abawe, maze mw iragwa ryabo bazoja mu gishingo ca bakuru babo. 7#Ita 35:16-19.Kand’ igihe nava i Padani nabonye amagorwa, Rakeli arapfa, turi mu rugendo mu gihugu c’i Kanani, twari dushigaje akarere tugashika muri Efurata; ndamuhamba ku nzira ija muri Efurata, ari ho Betelehemu.
8Isirayeli abona bene Yosefu, aramubaza, at’ Aba ni ba nde? 9#Ita 33:5.Yosefu yishura se, ati N’abana banje, bamwe Imana yampereye ino. Aramubarira, at’ Enda banyegereze, ndabahezagire. 10Kand’ amaso ya Isirayeli yar’ asigaye abona ivyijiji kubgo gusāza, ntiyar’ acihweza. Arabamwēgereza, na we arabasoma, arabagūmbīra. 11#Ita 45:26.Isirayeli abarira Yosefu, ati Sinari ncibgira yuko nzosubira kugukubita ijisho; ariko non’ Imana inyeretse n’uruvyaro rwawe. 12Yosefu abakūra hagati y’ amavi ya se, arunama akubita inkoro hasi. 13Yosefu arabafata bompi, arabamwēgereza; afatisha Efurayimu ukuboko kwiwe kw’i buryo, amutumbereza ukuboko kw’i bubamfu kwa Isirayeli, afatisha Manase ukuboko kwiwe kw’i bubamfu, amutumbereza ukuboko kwa Isirayeli kw’i buryo. 14Isirayeli aramvura ukuboko kwiwe kw’i buryo, arambika ikiganza ku mutwe wa Efurayimu, ari we muhererezi, arambika ikiganza ciwe c’i bubamfu ku mutwe wa Manase: anyuranya amaboko yiwe ibigirankana, kuko Manase ari we yar’ imfura. 15#Ita 17:1; 24:40.Ahezagira Yosefu, at’ Imana, iyo sogokuru Aburahamu na data Isaka bagendera imbere, Imana yandagiye mu kubaho kwanje kwose igashitsa n’ubu, 16#2 Sam 4:9; Yes 63:9.umumarayika yandokoye mu vyago vyose, ihe aba bahungu umugisha; ni bitirirwe izina ryanje, n’irya sogokuru Aburahamu n’irya data Isaka; barakarondoka, babe benshi cane mw isi. 17#Ita 48:14.Maze Yosefu abonye yuko se arambitse ikiganza ciwe c’i buryo ku mutwe wa Efurayimu, biramubabaza; aterura ukuboko kwa se, ngw agukūre ku mutwe wa Efurayimu, agushire ku wa Manase. 18Yosefu abarira se, at’ Oyaye muvyeyi, s’uko: uyu ni we mfura, ba ari we urambika ikiganza c’i buryo ku mutwe. 19#Guh 2:19, 21; Gus 33:17.Se aranka, ati Ndabizi mwananje, ndabizi: uwo na we azohinduka ubgoko, bitayekw azoba agakomeye; yamara murumuna we azomurusha, kand’ uruvyaro rwiwe ruzohinduka amahanga menshi. 20#Rus 4:11, 12.Abahezagira kur’ uwo musi, at’ Abisirayeli iyo bahezagirana, bazovuga kuri mwebge, bat’ Imana irakakugira nka Efurayimu na Manase. Na ho nyene yabanje Efurayimu ataravuga Manase. 21#Ita 46:4.Isirayeli abarira Yosefu, at’ Ehe ngiye gupfa: arikw Imana izobana namwe, izobasubiza mu gihugu ca ba sogokuruza banyu. 22#Yos 24:32.Kand’ umusozi w’i Shekemu ndawuguhayek’ ubuheta muri bagenzi bawe, uwo nanyagishije Abamori inkota yanje n’umuheto wanje.

Currently Selected:

Itanguriro 48: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in