Itanguriro 30
30
Yakobo avyara ku ncoreke z’abagore biwe
1 #
Ita 29:31. Rakeli abonye atavyaranye na Yakobo akana, agirira ishari mukuru we; abarira Yakobo, ati Mpa abana; utabampaye, mpfuma mpfa. 2#Ita 16:2; 1 Sam 1:5.Maz’ uburake bga Yakobo buziriringira Rakeli, ati Mbega jewe ndi mu gishingo c’ Imana, kw ari yo yakwimye ivyara? 3#Ita 16:2; 29:29; 50:23; Yob 3:12.Aramwishura, at’ Ehe nguyo incoreke yanje: n’umurārire, kugira ngw amvyarire abana, ndonkere ivyara kuri we. 4Amuha Biluha incoreke yiwe: nuko Yakobo aramurārira. 5Biluha asama inda, avyarana na Yakobo umuhungu. 6#Ita 49:16.Rakeli aravuga, at’ Imana inciriye urubanza, ndatsinda, kandi yumvise ijwi ryanje, impa umuhungu: ni co catumye amwita Dani.#30:6 Dani risobanurwa ngo Guca urubanza. 7Maze Biluha, incoreke ya Rakeli araheta, asama inda, avyarana na Yakobo umuhungu wa kabiri. 8Rakeli aravuga, ati Nniganye na mwene mama bikomeye, ndamunesha: amwita Nafutali.#30:8 Nafutali risobanurwa ngo Kunigana.
9 #
Ita 29:24. Leya abonye aretse kuvyara, yābīra Zilupa incoreke yiwe, amuha Yakobo. 10Zilupa incoreke ya Leya avyarana na Yakobo umuhungu. 11Leya aravuga, ati Ngize imana! Amwita Gadi.#30:11 Gadi risobanurwa ngo Kugira imana. 12Maze Zilupa incoreke ya Leya avyarana na Yakobo umuhungu wa kabiri. 13Leya aravuga, ati Ndahiriwe! Kukw abandi bagore bazonyita umuhirwa: amwita Asheri.#30:13 Asheri risobanurwa ngo Kwita uwundi umuhirwa.
14 #
Ind 7:13. Maze mw igenya ry’ingano, Reyubeni aragenda, ahūmuka ku madudayimu#30:14 Amadudayimu ni nk’uduperi Abisirayeli bibgira kw ar’urusango. mu ndimiro, ayazanira nyina Leya. Rakeli asaba Leya, ati Mpa se ku tududayimu umwana wawe azanye. 15Leya aramwishura, at’ Uvyise ivyoroshe kuntwara umugabo? Non’ ugomba kuntwara amadudayimu umwana wanje azanye? Rakeli aramwishura, ati None rero, iri joro arakurārira, n’umpe utududayimu tw’umwana wawe. 16Ku mugoroba Yakobo atashe, avuye mu ndimiro, Leya arasohoka aja kumutega, aramubgira, ati Ni jewe ukwiye kurārira, kuko nagutangiye ingero y’amadudayimu y’umwana wanje. Nukw amurārira iryo joro. 17Imana yumvira Leya, asama inda, avyarana na Yakobo umuhungu agira gatanu. 18Leya aravuga, at’ Imana irangereye, kuko nahaye umugabo wanje incoreke yanje. Amwita Isakari.#30:18 Isakari risobanurwa ngw Ingero. 19Leya asama iyindi nda, avyarana na Yakobo umuhungu agira gatandatu. 20Leya aravuga, at’ Imana ingabiye ingabire nziza, noneh’ umugabo wanje azobana nanje, kuko mmuvyariye abahungu batandatu. Amwita Zebuloni.#30:20 Zebuloni risobanurwa ngo Kubana. 21Hanyuma avyara umukobga, amwita Dina.
22 #
Ita 8:1; 29:31. Maz’ Imana yibuka Rakeli, iramwumvira, izibūra inda yiwe. 23#Yes 4:1; Luk 1:25.Asama inda, avyara umuhungu, at’ Imana irantēturuye: 24#Ita 35:17.amwita Yosefu,#30:24 Yosefu risobanurwa ngo Guheterwa. at’ Uhoraho ampetere uwundi muhungu.
Yakobo yongera gucana ingero na Labani
25Nuko Rakeli amaze kuvyara Yosefu, Yakobo abarira Labani, ati Ndekura ngende, nsubire i wacu mu gihugu cacu. 26#Ita 29:20, 30.Mpa abagore banje n’abana banje, abo nakoreye, nīgīre; kuk’ uzi ukuntu nagukoreye. 27#Ita 39:3, 5.Labani aramwishura, at’ Icompa ukanezererwa kugumana nanje! Kuko nabonye rwose yuk’ Uhoraho yampaye umugisha kubgawe. 28#Ita 29:15.Ati Ncira ingero nzokugerera, nanje nzoyitanga. 29#Ita 31:6, 38-40.Aramwishura, at’ Urazi ingene nagukoreye, n’ukuntu nagendanye imikuku yawe. 30Kukw ivyo war’ ufise ntaraza vyari bike, none vyaragwiriye biba ibitayega; kand’ Uhoraho yaguhaye umugisha uhereye aho nashinze ikirenge hose: none jeho nzokwironderera ryari ivy’ urugo rwanje na rwo? 31Aramubaza, ati None nokugerera iki? Yakobo aramwishura, ati Nta co nkwātse: ndemeye gukomeza kukuragirira umukuku wawe no kuwuzigama, ni wemera kunkorera kino: 32#Ita 31:8.ko nogendagenda mu mukuku wawe wose uyu musi, ngasobanuramw’ igitungwa cose c’umufumberi n’ic’ amabara y’ibigabo, ar’ intama yose y’ikiyumbu, ar’ impene z’amabara y’ibigabo n’iz’ imifumberi: ben’ izo ni zo zizoba ingero yanje. 33Uku ni k’ukuri kwanje kuzontsindira mu gihe c’imbere: ni waza kwitegereza ingero zanje zivuye i wawe, hakaramuka habonetsemw’ impene itar’ iy’ umufumberi cank’ iy’ amabara y’ibigabo, cank’ intama itar’ ikiyumbu, mu z’iwanje, uz’ uyite inyibano. 34Labani aramwishura, ati Ndavyemeye: bize bibe nk’uk’ uvuze. 35Ariko Labani ahenga uwo musi nyene, arobanura amapfizi y’impene y’ibibaba n’ay’ amabara y’ibigabo, n’izivyara zose z’imifumberi n’iz’ ibigabo, impene yose y’ibara ryera, n’intama zose z’ibiyumbu, aziragiza abahungu biwe. 36Ashira itandukaniro hagati yabo na Yakobo ry’urugendo rw’imisi itatu. Nuko Yakobo aragira imikuku ya Labani isigaye.
37Yakobo aca inkoni mbisi zitwa imilebeni n’izitwa shakedi n’ izitwa imyarumoni, azicakw amabara yera asa n’imisengo, agaragaza ahēra h’imbere ku nkoni. 38#Kuv 2:16.Ashira izo nkoni yaciyekw amabara imbere y’imikuku ku migende no ku ngomero ah’imikuku iza kunywera: kand’ iyo zije kunywa zaca zima. 39Imikuku yimira imbere y’izo nkoni, ikavyara iz’ ibibaba n’iz’ imifumberi n’iz’ amabara y’ibigabo. 40Izivutse Yakobo yazishira ukwazo, maz’ imikuku akayibangurira iz’ ibibaba n’iz’ ibiyumbu zose mu mukuku wa Labani; agashira imikuku yiwe ukwayo, ntayisukiranye n’iya Labani. 41Kand’ ukw inziza zo mu mukuku zirinze, Yakobo yashira za nkoni imbere y’umukuku ku migende, kugira ngo zimire hagati y’izo nkoni. 42Arikw iyo zibaye mbi‐mbi ntazishireho: bituma imbi ziba iza Labani, inziza ziba iza Yakobo. 43#Ita 24:35; 26:13, 14.Uwo mugabo agwiza itunga cane, agira imikuku myinshi n’abatungano b’abakobga n’abahungu n’ingamiya n’ indogoba.
Currently Selected:
Itanguriro 30: RUN1967
Highlight
Share
Copy
![None](/_next/image?url=https%3A%2F%2Fimageproxy.youversionapi.com%2F58%2Fhttps%3A%2F%2Fweb-assets.youversion.com%2Fapp-icons%2Fen.png&w=128&q=75)
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967