Itanguriro 29
29
Yakobo ashika kwa Labani
1 #
Guh 23:7; Abac 6:3. Yakobo araheza akomeza urugendo, ashika mu gihugu c’ababa i burasirazuba. 2Agize artya, abona iriba ku musozi, ririkw imikuku y’intama iri gutatu, ziryamye; kuko kur’ iryo riba ari ho bāshōra imikuku. Kand’ ikibuye gipfundikiye umunwa w’iriba cari kinini. 3Aho ni ho imikuku yose yakoranira, bagatembagaza ico kibuye, bakagikūra ku munwa w’iriba, bakavomera intama, bagaheza bakagisubiza ku munwa w’ iriba, aho cahora. 4#Ita 27:43.Yakobo abaza abungere, ati Bagenzi, mbega mur’ aba hehe? Baramwishura, bati Tur’ Abanyaharani. 5Arababaza, ati Mbega Labani mwene Nahori muramuzi? Bati Turamuzi. 6Arababaza, at’ I we n’ amahoro? Baramwishura, bati N’ amahoro; kandi ngurya n’umwigeme wiwe Rakeli azanye intama. 7Arababgira, at’ Ehe rāba, izuba riracariho, amataha ntaragera ngo mwegeranye intama: ni muzishōre, muje kuba muraziragiye. 8Baramwishura, bati Ntitubishobora, imikuku yose itarakorana; kukw ikoranye, ni ho batembagaza ikibuye, bakagikūra ku munwa w’ iriba, tukabona kuvomera intama, zigashōka.
9 #
Kuv 2:16. Akivugana na bo, Rakeli arashika, azanye intama za se, kukw ari we yaziragira. 10#Kuv 2:17.Nuko Yakobo abonye Rakeli mwene Labani inarume, n’intama za inarume nyene Labani, aca yegera iriba, atembagaza ca kibuye agikūra ku munwa w’iriba, avomera umukuku wa Labani inarume, zirashōka. 11Yakobo agūmbīra Rakeli, araheza araturika ararira. 12#Ita 13:8; 14:14.Yakobo yibarira Rakeli kw afitanye akamwe na se, kw ar’ umwana wa Rebeka: na we aca arirukanga, abibgira se.
13 #
Ita 24:29. Nuko Labani yumvise inkuru ya Yakobo mwishwa we, arirukanga, aramusanganira, amugwa mu nda aramugūmbīra, amujana i we. Na we adondera Labani ivyabaye vyose. 14#Ita 2:23; Abac 9:2; 2 Sam 5:1; 19:12, 13.Labani aramubgira, ati N’ukuri ur’ ubura bganje, ur’ amaraso yanje.#29:14 Mu Giheburayo ng’ Ur’ igufa ryanje n’umubiri wanje.
Yakobo akorera Labani ngw amuhe Rakeli
Bamaranye ukwezi kumwe, 15Labani abarira Yakobo, ati Mbega kuko dufitaniye akamwe, ico cotuma unkorera ku busa? Enda mbarira: nze nkugerere iki? 16Kandi Labani yar’ afise abakobga babiri: umukuru yitwa Leya, umutoya yitwa Rakeli. 17Leya yar’ afise amaso atarābika neza, ariko Rakeli yari mwiza wese w’umunyakaranga. 18#Ita 30:26; 31:41.Yakobo agomwa Rakeli; yishura Labani, ati Nzogukorera imyaka ndwi, uz’ umpe umwigeme wawe mutoya Rakeli. 19Labani aramwishura, ati Kumuha wewe biruta kumuha uwundi muntu wese: igumire ngaho. 20#Hos 12:12.Nuko Yakobo akora imyaka ndwi kugira ngw ahabge Rakeli; imuhindukira nk’imisi mikeya, kubg’ urukundo amukunda.
Yakobo ashingirwa Leya, uwo atāsavye
21Maze Yakobo abarira Labani, ati Mpa umugeni wanje, ndamurongore, kukw imisi wanciriye yashitse. 22#Abac 14:10; Yoh 2:1.Labani atorera ubukwe abantu bose b’aho hantu, atereka amazimano. 23Ahenga mu kagoroba, azana Leya umwana wiwe aramumuha, aramurongora. 24Labani atanga Zilupa incoreke yiwe, amuha Leya umwana wiwe ngw amucorekere. 25Bukeye Yakobo agize artya, asanga ni Leya: abaza Labani, at’ Ivyo wangize n’ ibiki? Sinagukoreye kuri Rakeli? Icatumye umpenda n’iki? 26Labani aramwishura, at’ I wacu ntibagenza bartyo, gutanga umutoya umukuru akir’ aho. 27#Abac 14:12.Mara imisi ndwi yo mu nkinga, mwe n’ uyo, duheze tuguhe uwundi na we, nawe uz’unkorere iyindi myaka ndwi. 28Yakobo abigenza artyo, amara iyo misi ndwi y’inkinga; Labani araheza amushingira Rakeli umwana wiwe wundi. 29Labani aha uwo mwana wiwe Rakeli incoreke yiwe Biluha, ngw amucorekere. 30#Ita 30:26.Yakobo arongora Rakeli na we, maz’ aramukundwakaza amurutisha Leya; nuko akorera Labani iyindi myaka ndwi.
31Maz’ Uhoraho abona yuko Leya yanswe, aca azibūra inda yiwe; ariko Rakeli aragumbaha. 32#Kuv 3:7; Gus 26:7.Leya asama inda, avyara umuhungu, amwita Reyubeni,#29:32 Reyubeni risobanurwa ngo Kubona umuhungu. ati N’uk’ Uhoraho yabonye umubabaro wanje; noneh’ umugabo wanje azonkunda. 33Asama inda y’ubuheta, avyara umuhungu, at’ Uhoraho kuko yumvise ko nanswe, ni co gitumye anyongera n’uyu: amwita Simeyoni.#29:33 Simeyoni risobanurwa ngo Kwumva. 34#Guh 18:2, 4.Yongera gusama inda, avyara umuhungu; ati Noneh’ umugabo wanje arifatanya nanje, kuko mmuvyariye abahungu batatu: ni co catumye yitwa Lewi.#29:34 Lewi risobanurwa ngo Kwifatanya. 35#Ita 49:8.Yongera gusama inda, avyara umuhungu; at’ Ubuho ndashima Uhoraho: ni co catumye amwita Yuda.#29:35 Yuda risobanurwa ngo Gushima. Nukw aba araretse kuvyara.
Currently Selected:
Itanguriro 29: RUN1967
Highlight
Share
Copy
![None](/_next/image?url=https%3A%2F%2Fimageproxy.youversionapi.com%2F58%2Fhttps%3A%2F%2Fweb-assets.youversion.com%2Fapp-icons%2Fen.png&w=128&q=75)
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967