YouVersion Logo
Search Icon

Itanguriro 31

31
Yakobo acikana ivyiwe vyose ava kwa Labani
1Bukeye Yakobo yumva amagambo y’abahungu ba Labani, bat’ Ivyar’ ivya data Yakobo yavyinyagiye vyose, mbere mu vya data ni ho yakūye ubgo butunzi bgose. 2Yakobo abona yuko Labani atakimurāba ijisho ryiza nka mbere. 3#Ita 28:15.Maz’ Uhoraho abarira Yakobo, ati Ngo usubire mu gihugu ca ba sogokuruza muri bene wanyu: nanje nzobana nawe. 4Nuko Yakobo atuma guhamagaza Rakeli na Leya ngo bamusange mu mukuku wiwe iy’ aragiye. 5#Ita 21:22; Yes 41:10.Arababgira, ati Nabonye so atakindāba ijisho ryiza nka mbere; arikw Imana ya data yagumanye nanje. 6#Ita 30:29.Namwe murazi yuko nakoreye so uko nashoboye kwose. 7#Ita 15:1; Guh 14:22; Yob 19:3.Kandi so yagiye angunga, ahindura ingero zanje ibihetangabo cumi; arikw Imana ntiyamukundiye kugira ico ankorako. 8#Ita 30:32.Iy’ ambariye, at’ Iz’ imifumberi ni zo zizoba ingero yawe, umukuku wose waca uvyara imifumberi; yambarira, ngw Iz’ ibibaba ni zo zizoba ingero yawe, umukuku wose ugaca uvyara iz’ ibibaba. 9#Ita 31:1, 16.Uko ni kw Imana yanyaze so ibitungwa vyiwe, ikabimpa. 10Kand’ igihe umukuku war’urinze, nunamuye amaso ndi mu nzozi, ndota mbona impfizi z’impene zūrira umukuku zar’iz’ ibibaba n’iz’ imifumberi n’iz’ ibidorodonzi. 11Maz’ umumarayika w’ Imana ampamagarira mur’ izo nzozi, ati Yakobo! Nti Sabge! 12#Kuv 3:7.Arambarira, at’ Unamura amaso yawe, urābe: eh’ impfizi z’ impene zose zūriye umukuku n’iz’ ibibaba n’iz’ imifumberi n’iz’ ibidorodonzi: kuko nabonye ivyo Labani akugirira vyose. 13#Ita 28:18-22; 31:3; 32:9.Ni jewe Mana yakubonekeye i Beteli, hamwe wasiga amavuta ku nkingi y’ibuye, ukahansezeranira isezerano: nuko none va hasi, uve mur’ iki gihugu, usubire mu gihugu wavukiyemwo. 14#Ita 2:24; 2 Sam 20:1; 1 Abam 12:16.Rakeli na Leya baramwishura, bati Mbega mu rugo rwa data har’ umugabane tuhafise, cank’ ivyo tuzoragwa? 15#Ita 29:20, 30.Ntaduharūra nk’abanyamahanga? Ko yatuguze, akaba yarahejeje inkwano zacu. 16Ubutunzi bgose Imana yanyaze data n’ubgacu n’abana bacu: nukw ico Imana ikubgiye cose, ugikore.
17Maze Yakobo ava hasi, ashira abana biwe n’abagore biwe ku ngamiya; 18ashorera n’ubusho bgiwe bgose n’ubutunzi bgose yaronse, ubusho yaronkeye i Padan‐aramu, kugira ngw aje kwa se Isaka mu gihugu c’i Kanani. 19#Abac 17:5; 1 Sam 19:13; Ezk 21:21; Hos 3:4.Maze Labani yari yagiye gukemuza intama ziwe; nuko Rakeli yiba ibigirwamana vya se. 20Yakobo yiyiba Labani Umwaramu mu gucika, kukw ata co yarinze kumubarira. 21#2 Abam 12:17; Luk 9:51.Nukw acikana ivyo yar’ afise vyose; arīkora, ajabuka uruzi, agenda atumbereye umusozi w’i Gileyadi.
Labani akurikira Yakobo amurakiye
22Ku musi ugira gatatu babūrira Labani yuko Yakobo yacitse. 23Ajana na bene wabo, amara imisi ndwi amwometse inyuma, araruha amuhambiriza ku musozi w’i Gileyadi.
24 # Ita 20:3; 24:50; 2 Sam 13:22. Mw ijoro, Imana iza kuri Labani Umwaramu mu nzozi, iramubarira, iti Wirinde, ntugire iryo ubarira Yakobo iry’ ari ryo ryose. 25Nuko Labani ashikīra Yakobo. Yakobo yar’ashinze amahema ku musozi, Labani na bene wabo na bo bashinga ku musozi w’i Gileyadi. 26Labani abaza Yakobo, at’ Ico wakoze ico n’iki, catumye unyiyiba, ukajana abana banje nk’inyagano? 27#Ita 31:20.Wabitewe n’iki gucika mu mpisho, ukanyiyiba, ntumbarire ngo ngusēzeze ikiyāgo c’umunezero no kuririmba no kuvuza agashāko k’ingoma n’inanga, 28#Rus 1:9; 1 Abam 19:20; Ivyak 20:37.ntunkundire kugūmbīra abuzukuru banje n’abana banje? Wakoze ivy’ ubupfu. 29#Ita 31:24.Nari kugira ico mbakorako, arikw Imana ya so yambariye mur’ iri joro, iti Wirinde ntugire iryo ubarira Yakobo iry’ ari ryo ryose. 30#Ita 31:19; Abac 18:24.None ko war’ ugomvye kugenda ni koko, kuk’ ukumbuye cane i wanyu; ariko n’iki catumye wiba imana zanje? 31Yakobo yishura Labani, at’ Irya mbere, n’uko natinye ko wonnyaga abakobga bawe; 32#Ita 44:9.irya kabiri, uwo uribubonane imana zawe, akwiye gupfa: enda n’usake icawe coba mu vyanje, ngaha imbere ya bene wacu, ukijane! Kuko Yakobo atar’ azi ko Rakeli yazivye.
33Nuko Labani yinjira mw ihema rya Yakobo, no mu rya Leya, no mu rya za ncoreke zompi; arazibura. Ava mw ihema rya Leya, yinjira mu rya Rakeli. 34Ariko Rakeli yari yabiriye vya bigirwamana, abishira mu matandiko y’ingamiya, avyicarako. Labani asaka mw ihema hose, arabura. 35#Kuv 20:12; Lew 19:32.Rakeli abgira se, ati Ntungirire umwikomo ko ntaguhagurukiye, nyakwubahwa, n’uke ndi mu mihango y’abagore. Nukw arasaka, ariko ntiyabona vya bigirwamana.
36Yakobo araraka, atonganya Labani; aramubaza, ati Nagucumuyekw iki, nakoze icaha ki, catumye uzinga bufuri ukanyoma inyuma? 37#1 Sam 12:3.None k’usatse mu bintu vyanje vyose, ubonye iki co mu vyo mu rugo rwawe? Kizane hano, ugishire hagati y’izi ncuti zanje n’izawe, badutātūre. 38Mur’ iyi myaka mirongwibiri twamaranye, intama zawe n’impene zawe ntizaramburuye, amapfizi y’intama yo mu mukuku wawe sinayariye. 39#Kuv 22:10, 12.Iyatabaguwe n’igikōko sinakuzanira ikirangara, yapfira jewe; izibge warazindihisha, ar’izo ku murango canke mw ijoro. 40Eh’ ayo nabonye: ku murango nicwa n’indugumba, mw ijoro nkicwa n’ imbeho; itiro rikaguruka ku maso. 41#Ita 29:20, 30; 31:7.Mur’ iyi myaka ukw ari mirongwibiri naba i wawe, nagukoreye imyaka cumi n’ine nca abakobga bawe bompi, n’iyindi itandatu ngucak’ umukuku w’intungwa: kandi wahinduye ingero zanje ibihetangabo cumi. 42#Ita 29:32; 31:24; Zab 124:1, 2; Yes 8:13.Iy’ itaba Imana ya data yarabanye nanje, Imana ya Aburahamu, iyo Isaka nyene yubaha, ntiwari kubura kundungika nd’inkokore. Imana yabonye umubabaro wanje n’ubutame bganje, maz’ iri joro yarāye irwahukanije.
Yakobo na Labani bacana urusāgi
43Maze Labani yishura Yakobo, at’ Ereg’ aba bakobga n’abanje, n’aba bana n’abanje, n’iyi mikuku n’iyanje, n’ivyo ubona ibi vyose n’ivyanje: none noshobora nte kugira ico ngirira aba bakobga banje, cank’ abana bāvyaye? 44#Ita 26:28.None rero ngo ducane urusāgi twe nawe, habe icabona hagati yanje nawe. 45#Ita 28:18.Yakobo yābīra ibuye, arishinga nk’inkingi. 46Yakobo abarira incuti ziwe, ati Ni mukoranye amabuye; nuko barayazana, bayagira ikigūngūzi;#31:46 Ico kigūngūzi bāgize ni ko gahābga. basangirira aho nyene kur’ ico kigūngūzi. 47Labani acita Yegari‐sahaduta: Yakobo na we acita Galedi.#31:47 Yegari‐sahaduta risobanurwa mu Kinyaramu, ngw Ikigūngūzi c’icabona; Galedi mu Giheburayo risobanurwa ben’uko nyene. 48#Yos 24:27.Labani aravuga, at’ Iki kigūngūzi kibaye icabona hagati ya twe nawe uyu musi. Ni co catumye citwa Galedi: 49bo na Mizipa,#31:49 Mizipa risobanurwa ng’ Umunara. kuko Labani yavuze, at’ Uhoraho yame ahagaze hagati ya twe nawe tumaze gutandukana. 50#Abac 11:10; Yer 42:5; Mik 1:2.Ni waramuka ugiriye nabi abakobga banje, canke ni wabaharika, umenye yuko, nah’ ata wundi muntu azoba ariho, Imana izoba ari yo cabona hagati ya twe nawe. 51Kandi Labani abarira Yakobo, ati Ngiki ikigūngūzi n’iyi nkingi nshinze hagati yacu. 52Iki kigūngūzi ni kibe icabona, n’iyi nkingi na yo nyene n’ibe icabona, yuko ntazorenga iki kigūngūzi nzanywe no kukugirira nabi, nawe k’utazorenga iki kigūngūzi n’iyi nkingi uzanywe no kungirira nabi. 53#Ita 16:5; 31:42.Imana ya Aburahamu, Imana ya Nahori, Imana ya se w’abo bompi, n’ibe kamaramagambo hagati yacu. Yakobo arahira Iyo se Isaka yubaha. 54Yakobo atangira ikimazi kur’ uwo musozi, ahamagara izo ncuti ziwe ngo basangire: nuko bararya, barāra iryo joro kur’ uwo musozi.
55 # Ita 31:28. Labani azinduka kare mu gatondo, agūmbīra abuzukuru biwe n’abakobga biwe, arabahezagira: nuko Labani arataha, asubira i wabo.

Currently Selected:

Itanguriro 31: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in