YouVersion Logo
Search Icon

Kuvayo 1

1
Abisirayeli bagwirira muri Egiputa
1 # Ita 35:23-26. Aya ni yo mazina ya bene Isirayeli bagiye muri Egiputa, bajanye na Yakobo, umuntu wese ajana n’abo mu rugo rwiwe: 2Reyubeni, na Simeyoni, na Lewi, na Yuda, 3na Isakari, na Zebuloni, na Benyamini, 4na Dani, na Nafutali, na Gadi, na Asheri. 5#Ita 46:27; Gus 10:22.Abantu bose bāndurutse mu rura rwa Yakobo bari mirongwirindwi, hakora Yosefu yar’ asanzwe ari muri Egiputa. 6#Ita 50:26; Ivyak 7:15.Nuko Yosefu arapfa, n’abo bavukana bose barapfa, bo n’ urunganwe rwose rw’ico gihe. 7#Ita 46:3; Gus 26:5; Ivyak 7:17.Abisirayeli bararondoka, baravyara cane, baragwira, baba igisata; buzura ico gihugu.
Farawo yikenga Abisirayeli, bituma abagira abaja
8 # Ivyak 7:18. Nuko muri Egiputa hima uwundi mwami, atigeze kumenya ivya Yosefu. 9#Zab 105:24.Maz’ abarira abantu biwe, ati Rāba Abisirayeli bahindutse ihanga rituruta mu bginshi riturusha n’inkomezi. 10#Zab 83:3, 4; 105:25; Ivyak 7:19.Enda tubaronderere inama y’ubgenge, kugira ngo boye kugwira, bakazohava bīfatanya n’abansi bacu, haramutse habaye intambara, bakaturwanya, bakava mur’ iki gihugu. 11#Ita 15:13; 47:11; Kuv 2:11; 5:4, 5; 6:6, 7; Gus 26:6; Zab 81:6.Nuko babaha abo kubakebera ibikebere ngo babatwaze ituntu babīkoreze ibiremereye. Bubakira Farawo ibisagara vyitwa Pitomu na Ramusesi vy’ibigega. 12#Guh 22:3.Ariko, uko barushiriza kubatwaza ituntu, na bo ni ko barushiriza kugwira no kugasāra; nukw Abanyegiputa karabarya mu nda kubg’ Abisirayeli. 13Bacuranguza Abisirayeli barabacumukuza, 14#Kuv 2:23; 6:9; Guh 20:15; Ivyak 7:19.batuntuza imitima yabo kubgo kubakoresha ibikorwa bitamisha, vyo mu rwondo no mu matafari n’ibikorwa vyose vyo mu ndimiro, ivyo babakoresha vyose, babacuranguza babacumukuza.
Abākirizi bagerwa kuniga abana b’abahungu
15Hārih’ abākirizi bākīra Abaheburayokazi, umwe yitwa Shifura, uwundi yitwa Puwa: nuk’ umwami wa Egiputa arababarira, 16ati Ni mwākīra abagore b’Abaheburayo, mwitegereze neza ikivutse: ni havuka umuhungu, muze mwame mumuniga, ariko ni yaba umukobga mumureke.
17 # Imig 16:6; Dan 6:13; Ivyak 5:29. Arikw abo bākirizi bubaha Imana, ntibagira nk’uk’ umwami wa Egiputa yabageze, bareka n’ abana b’abahungu. 18Maz’ umwami wa Egiputa ahamagaza abo bākirizi, arababaza, ati N’iki catumye mukora murtyo, mukareka abana b’abahungu? 19Abākirizi bishura Farawo, bati N’ ukw abagore b’Abaheburayo batamera nk’ab’ Abanyegiputa, kuko banyarutsa, bakavyara umwākirizi atarabashikīra.
20 # Umus 8:12; Yes 3:10. Imana igirira neza abo bākirizi; iryo hanga rica riragwira, riba igisata. 21#1 Sam 2:35; 2 Sam 7:11, 27; 1 Abam 2:24; 11:38.Kandi kukw abo bākirizi bubashe Imana, ibaha uruvyaro. 22#Ivyak 7:19.Farawo araheza abarira abantu biwe bose, at’ Umuhungu wese azovuka, muze mumute mu ruzi, arik’ umukobga mumureke.

Currently Selected:

Kuvayo 1: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in