YouVersion Logo
Search Icon

Itanguriro 50

50
Bajana Yakobo i Kanani kumuhamba
1 # Ita 46:4. Yosefu yubama kuri se mu maso, amuririrako, aramugūmbīra. 2Yosefu agera abantu biwe b’abaganga ngo bose se: nukw abo baganga bosa Isirayeli. 3#Guh 20:29; Gus 34:8.Bamara imisi mirongwine bamwosa, uko ni kw imisi yo kwosa ingana: Abanyegiputa bamara imisi mirongwirindwi bamugandariye.
4 # Ita 33:15. Imisi y’ikigandaro ishize, Yosefu abarira abo mu rugo rwa Farawo, ati Ni mwaba mumbabaye, ndabasavye mumbaririre Farawo, 5#2 Ngo 16:14; Yes 22:16; Mat 27:60.muti Se yaramurahije, at’ Ehe ngiye gupfa: uz’ umpambe mu cobo niyimbiye mu gihugu c’i Kanani. None mut’ Aragusavye, umurekure adūge, ahambe se, aheze agaruke. 6Nuko Farawo aramwishura, ati Dūga, ugende uhambe so, nk’uko yakurahije.
7Nuko Yosefu aradūga, aja guhamba se; abagendanyi ba Farawo bose, n’abakuru bo mu rugo rwiwe, n’abakuru bose bo mu gihugu ca Egiputa, baramuherekeza, 8bo n’abo kwa Yosefu bose, na bene se, n’abo kwa se: ivyo basize gusa mu gihugu c’i Gosheni n’abana babo bato, n’ imikuku yabo, n’amasho yabo. 9Ajana n’imikogote y’intambara n’ abagendera ku mafarasi: bagenda ar’ igugu rinini cane. 10#2 Sam 1:17; Ivyak 8:2.Bashika ku mbuga y’igosorero yo muri Atadi, hāri hakurya ya Yorodani: baborogeray’ amaborogo menshi cane y’akabonge: Yosefu ashinga ko bahamara imisi ndwi bagandariye se. 11Ben’ igihugu b’Abanyakanani babonye ingene baririra ku mbuga yo muri Atadi, baravuga, bat’ Ehe kugandara kw’Abanyegiputa kw’ igitangaza! Ni co catumye bahita Abeli‐misirayimu;#50:11 Abeli‐misirayimu risobanurwa, ngw Ikigandaro c’Abanyegiputa. hāri hakurya ya Yorodani. 12Bene Yakobo bamugirira uko yabageze: 13#Ita 49:30.bamujana mu gihugu c’i Kanani, bamuhamba mw isenga yo mw itongo ry’i Makipela, aharābana n’i Mamure, iyo Aburahamu yaguze hamwe n’iryo tongo, kuba aho yīzīziye ho guhamba, ahaguze na Efuroni Umuheti.
Yosefu aremēsha bene se
14Yosefu amaze guhamba se, asubirana muri Egiputa na bene se n’abandi bose bajanye na we kuja guhamba se. 15Bene se ba Yosefu babonye ko se apfuye, baravugana, bati Kumbure Yosefu azotwanka, adusubirize mu nkōko ibihwanye n’ibibi vyose twamukoreye. 16Batuma kuri Yosefu, bati Data atarapfa yaratubariye, 17#Ita 49:25.ati Muze mubgire Yosefu, mut’ Arakwinginze, harira bakuru bawe igicumuro cabo n’icaha cabo, kuko bakugiriye nabi. Nuko none turakwinginze, uduharire twebge abashumba b’Imana ya data igicumuro cacu. Yosefu yumvise amajambo yabo, aca ararira. 18#Ita 42:6.Maze bene se batako bariyizira, bamwitembagaza imbere, baramubgira, bati Rāba, tur’ abasavyi bawe! 19#Ita 30:2; 2 Abam 5:7.Yosefu arababarira, ati Nta co mutinya! Mbega jewe ndi mu gishingo c’Imana? 20#Ita 45:5, 7.Kubganyu mwagabiye kungirira nabi, arikw Imana yo yagabiye kubizanisha ivyiza, kugira ngw ishitse ibiriho mur’ iyi misi, ikize abantu benshi, boye gupfa. 21#Ita 47:12.None rero mureke gutinya: nzobaha ivyo kubatunga, mwe n’abana banyu. Nukw arabaremēsha, ababarira neza.
Urupfu rwa Yosefu
22Yosefu aba muri Egiputa, bo n’inzu ya se. Yosefu amara imyaka ijana n’icumi; 23#Ita 30:3; Guh 32:39; Yob 42:16.yibonera abuzukuru ba Efurayimu; n’abana ba Makiri mwene Manase abahindura abana biwe. 24#Ita 28:13; Kuv 3:16, 17; Heb 11:22.Yosefu abarira ab’i wabo, ati Ndi hafi gupfa; arikw Imana ntizobura kubagendera, ikabakūra mur’ iki gihugu, ikabajana mu gihugu yarahiye Aburahamu na Isaka na Yakobo kw izobaha.
25 # Kuv 13:19; Yos 24:32; Ivyak 7:16; Heb 11:22. Yosefu arahiza Abisirayeli, at’ Imana ntizobura kubagendera, namwe muze mukūre amagufa yanje ino, muyadūgane. 26#Ita 50:2.Nuko Yosefu ahwera amaze imyaka ijana n’icumi: baramwosa, bamubīka mw isandugu yo kumuhambamwo, aho nyene muri Egiputa.

Currently Selected:

Itanguriro 50: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in