1
Itanguriro 50:20
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
Kubganyu mwagabiye kungirira nabi, arikw Imana yo yagabiye kubizanisha ivyiza, kugira ngw ishitse ibiriho mur’ iyi misi, ikize abantu benshi, boye gupfa.
Compare
Explore Itanguriro 50:20
2
Itanguriro 50:19
Yosefu arababarira, ati Nta co mutinya! Mbega jewe ndi mu gishingo c’Imana?
Explore Itanguriro 50:19
3
Itanguriro 50:21
None rero mureke gutinya: nzobaha ivyo kubatunga, mwe n’abana banyu. Nukw arabaremēsha, ababarira neza.
Explore Itanguriro 50:21
4
Itanguriro 50:17
ati Muze mubgire Yosefu, mut’ Arakwinginze, harira bakuru bawe igicumuro cabo n’icaha cabo, kuko bakugiriye nabi. Nuko none turakwinginze, uduharire twebge abashumba b’Imana ya data igicumuro cacu. Yosefu yumvise amajambo yabo, aca ararira.
Explore Itanguriro 50:17
5
Itanguriro 50:24
Yosefu abarira ab’i wabo, ati Ndi hafi gupfa; arikw Imana ntizobura kubagendera, ikabakūra mur’ iki gihugu, ikabajana mu gihugu yarahiye Aburahamu na Isaka na Yakobo kw izobaha.
Explore Itanguriro 50:24
6
Itanguriro 50:25
Yosefu arahiza Abisirayeli, at’ Imana ntizobura kubagendera, namwe muze mukūre amagufa yanje ino, muyadūgane.
Explore Itanguriro 50:25
7
Itanguriro 50:26
Nuko Yosefu ahwera amaze imyaka ijana n’icumi: baramwosa, bamubīka mw isandugu yo kumuhambamwo, aho nyene muri Egiputa.
Explore Itanguriro 50:26
Home
Bible
Plans
Videos