Kuvayo 2
2
Mose atorwa n’umukobga wa Farawo
1 #
Kuv 6:20; Guh 26:59. Umuntu wo mu muryango wa Lewi aragenda, arongora umukobga wo mu Balewi nyene. 2#Ivyak 7:20; Heb 11:23.Uwo mugore asama inda, avyara umuhungu: maz’ abonye uwo mwana kw ari mwiza, aramunyegeza kumara amezi atatu. 3Atagishoboye kumuhisha, yābīra agatebo kajishwe mu nkorogoto, agahoma kaburimbi n’ishīshi; ashiramw’ uwo mwana, agashira mu rufunzo mu munyika ku ruzi. 4#Kuv 15:20; Guh 26:59.Mushiki we aramwitangūra, ngw arābe ico yoba. 5Maz’ umukobga wa Farawo amanuka kwiyuhagira mu ruzi, incoreke ziwe zigendagenda ku nkombe y’uruzi. Abona ka gatebo mu rufunzo, atuma incoreke yiwe kukazana. 6Arakarumūra, asanga karimw’ umwana: kand’ uwo mwana yarikw ararira. Amutera akagongwe, at’ Uyu n’umwana wo mu Baheburayo. 7Maze mushiki we abaza uwo mukobga wa Farawo, ati Mbega sinoja kukuronderera umugore wo mu Baheburayo ngw amukwonkereze? 8Umukobga wa Farawo aramwishura, at’ Ego me, genda. Nuk’ uwo mukobga aragenda, ahamagara nyina w’uwo mwana. 9Umukobga wa Farawo aramubarira, ati Jana uyu mwana, umunyonkereze, nzokugerera. Uwo mugore ajana uwo mwana, aramwonsa. 10#Ivyak 7:21.Umwana amaze gukura, amushīra umukobga wa Farawo, acika umwana wiwe. Amwita Mose, ati N’uko namukūye mu mazi.
Mose yishe Umunyegiputa, ahungira i Midiyani
11 #
Ivyak 7:23; Heb 11:24. Maze Mose amaze gukura, umusi ur’ izina agendera bene wabo, yitegereza ubugene batwazwa ituntu; abona Umunyegiputa akubita Umuheburayo w’i wabo. 12#Ivyak 7:24.Yeraguza hirya no hino, maz’ abonye kw ata wumubona, yica uwo Munyegiputa, umuvyimba awuhisha mu musenyi. 13#Luk 12:14; Ivyak 7:26-28.Bukeye bgaho, asubiye kwanduruka, agize artya aseruka ku bagabo babiri b’Abaheburayo barwana: abaza ūsindiye uwundi, ati N’iki gitumye ukubita mugenzawe? 14Aramwishura, ati Ni nde yakugize umukuru cank’ umucamanza wacu? Mbeg’ ugomba kunyica nk’uko wishe wa Munyegiputa? Mose aratinya, arivuganya, ati N’ukuri vyaramenyekanye. 15#Ita 24:11; Ivyak 7:29.Farawo avyumvise, arondera uko yokwica Mose. Ariko Mose aramuhunga, ahungira mu gihugu c’i Midiyani: yicara i ruhande y’ iriba.
16 #
Ita 29:2; Kuv 3:1; 1 Sam 9:11. Kandi hār’ umuherezi w’i Midiyani yar’ afise abakobga ndwi: baraza, baravoma, buzuza ingomero, ngo bashore umukuku w’ intama wa se. 17#Ita 29:10.Haza abungere, barabirukana: ariko Mose ava hasi, arabatabara, ashora umukuku wabo. 18#Guh 10:29.Bashitse kwa se Ruweli, arababaza, ati Ko muje n’ ingoga uyu musi? 19Bati N’ uk’ umuntu w’Umunyegiputa yadutabaye abungere, atakw atuvomera n’amazi, ashora umukuku. 20#Ita 31:54.Abaza abo bakobga, ati Non’ ari hehe? N’iki catumye musiga uwo muntu? Ni mumuhamagare, tumufungurire. 21Maze Mose ashima kubana n’uwo muntu: na we arahava amuha umwigeme wiwe Zipora. 22#Kuv 18:3; Ivyak 7:29.Avyara umuhungu, se amwita Gerushomu,#2:22 Gerushomu risobanurwa, ngw Inyambukīra y’aha hantu. ati Nabaye inyambukīra mu gihugu kitar’ icacu.
Umuniho w’Abisirayeli ushika ku Mana
23 #
Kuv 3:9; 7:7; Gus 26:7. Hashize igihe kirekire, umwami wa Egiputa aratanga: Abisirayeli banihishwa no kuba mu buja, barataka; ugutaka batakishwa n’ubgo buja kuradūga, gushika ku Mana. 24#Ita 28:13; Kuv 6:5; Zab 105:42.Imana yumva amaborogo yabo, yibuka isezerano ryayo yasezeraniye Aburahamu na Isaka na Yakobo. 25#Kuv 3:7; 4:31; Luk 1:25.Imana yitegereza Abisirayeli, ibona uko bameze.
Currently Selected:
Kuvayo 2: RUN1967
Highlight
Share
Copy

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967