Ivyakozwe N’intumwa 6
6
Batoranya abo kugaburira abapfakazi
1 #
Ivyak 4:35. Kandi mur’ iyo misi, abigishwa bāriko baragwira, Abayuda bavuye i Bugiriki bidodombera Abaheburayo b’inyamo, kukw abapfakazi babo bīrengagizwa ku ngaburo y’imisi yose. 2Bamwe cumi na babiri bakoranya ishengero ry’abigishwa, bati Ntibibereye yuko twebge turekera ijambo ry’Imana kugaburisha ivyo ku meza. 3#1 Tim 3:7, 8.Nuko, bene Data, ni murābe muri mwebge abantu ndwi bashimwa, buzuye Mpwemu Yera n’ubgenge, tubashire kur’ iki gikorwa. 4Ariko tweho tuzoshishikara gusenga no kugabura ijambo ry’Imana. 5#Ivyak 8:5.Ayo majambo ishengero ryose rirayashima, batoranya Stefano, umuntu yuzuye ukwizera na Mpwemu Yera, na Filipo, na Purokoro, na Nikanori, na Timoni, na Parumena, na Nikolayo, Umunyantiyokiya yatoye idini y’Abayuda, 6#Ivyak 1:24; 13:3; 14:23.babashira imbere y’intumwa, kandi bamaze gusenga zibarambikakw ibiganza.
7 #
Ivyak 19:20. Nukw ijambo ry’Imana riragwira; abigishwa barōndōka cane i Yerusalemu, abaherezi b’akavuvu bumvira ukwizera.
Abayuda bafata Stefano, bamurega ibinyoma
8Stefano yari yuzuye ubuntu bg’Imana n’ubushobozi, yakora mu bantu ibitangaza n’ibimenyetso bikomeye. 9Ariko hava hasi abantu bamwe bo mw isinagogi y’Abaliberutino, n’iy’ Abanyakurene n’iy’ Abanyalekisanderiya, n’iy’ Abanyakilikiya, n’iy’ Abanyasiya, baja impāri na Stefano, 10#Luk 21:15.ariko ntibashobora gutsinda ubgenge na Mpwemu bimuvugisha. 11#Mat 26:60-66.Nuko bahēra abagabo bo kuvuga, bati Twumvise avuga amagambo y’amarogotano kuri Mose no ku Mana. 12Bosha abantu n’abakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe baramugīra, baramufata, bamujana mw ikombe. 13#Yer 26:11.Bahagarika ivyabona vy’ibinyoma, baravuga, bat’ Uyu muntu nta ho ahumeka gutuka aha hantu hēra n’ivyagezwe: 14kuko twumvise avuga, ati Yesu Umunyanazareti azokombora aha hantu, kandi ngw azohindura imigenzo twahawe na Mose. 15Abicaye mw ikombe bose bamuhanze amaso babona mu maso hiwe, hasa n’ah’ umumarayika.
Currently Selected:
Ivyakozwe N’intumwa 6: RUN1967
Highlight
Share
Copy

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967