YouVersion Logo
Search Icon

Ivyakozwe N’intumwa 5

5
Ananiya na Safira
1Kandi hār’ umugabo yitwa Ananiya, agura ishamvu afatanije n’umugore wiwe Safira, 2#Ivyak 4:37.yisigariza ku biguzi vyayo, umugore wiwe abizi, azana ikigabane, agishira imbere y’ibirenge vy’intumwa. 3#Yoh 13:2.Petero aramubaza, ati Ananiya, n’iki gitumye Satani yuzuza umutima wawe guhenda Mpwemu Yera, ukīsigariza ku biguzi vy’ishamvu? 4Ukiyifise ntiyar’ iyawe? Kand’ umaze kuyigura, ibiguzi vyayo ntuba warabikoze uk’ ugomba? N’iki catumye wīgīra ingingo mu mutima wawe gukora urtyo? S’abantu uhenze, Imana ni yo uhenze. 5Ananiya yumvise ayo majambo agwa bukumbi: abavyumvise bose baterwa n’ubgoba bginshi. 6Imisore iva hasi, iramutekera, iramujana, iramuhamba.
7Hahise nk’isaha zitatu, umugore wiwe arinjira, atazi ivyabaye; 8Petero aramubaza, ati Mbarira: mbeg’ ishamvu mwayiguze ayo nyene? Aramwishura, at’ Ego me, n’ayo. 9Petero aramubaza, ati N’iki gitumye muhūza inama kugerageza Mpwemu w’Umwami Imana? Ehe ibirenge vy’abahejeje guhamba umugabo wawe biri ku rugi, nawe barakujana. 10Uwo mwanya agwa imbere y’ibirenge vyiwe bukumbi. Ya misore yinjiye isanga amaze guhwera, iramujana, imuhamba i ruhande y’umugabo wiwe. 11Ishengero ryose n’abavyumvise bose baterwa n’ubgoba bginshi.
Intumwa zikora ibimenyetso vyinshi
12 # Ivyak 3:11. Ibimenyetso n’ibitangaza vyinshi bikorwa mu bantu n’amaboko y’intumwa: kandi bose bākoranira mw ibaraza rya Salomo n’umutima uhūye: 13ariko mu bandi nta muntu yatinyuka kwifatanya na bo, yamar’ abantu bose bārabashimagiza, 14#Ivyak 2:47; 6:7; 21:20.bārushiriza kwongerwakw abizeye Umwami Yesu, ishengero ryinshi ry’abagabo n’abagore; 15#Ivyak 19:11, 12; Mrk 6:56.bituma banaterurira abarwaye ku nzira, babashira mu nderuzo no ku birago, kugira ngo Petero ni yahaca, naho coba igitūtu ciwe gishike kuri bamwe. 16Hakoranira ishengero rivuye no mu bisagara bihereranye n’i Yerusalemu, bazana abarwaye n’abababazwa n’impwemu zihumanye: bakizwa uko bangana.
Abaherezi babashira mw ibohero, umumarayika arabugururira
17 # Ivyak 4:1, 6. Maz’ umuherezi mukuru ahagurukana n’abāri kumwe na we bose, ni bo muce witwa uw’ Abasadukayo, buzura ishari, 18bashōrera amaboko ku ntumwa, bazishira mu nzu y’ibohero rya bose. 19#Ivyak 12:7.Maz’ umumarayika w’Umwami Imana ahenga mw ijoro yugurura inzugi z’ibohero, abakūrayo, arababgira, 20ati Ni mugende, muhagarare mu rusengero, mubarire abantu amajambo yose ya bga Bugingo. 21Bavyumvise, binjira mu rusengero hāri nko mu mutwenzi, barigisha.
Bongera gufata intumwa, barazihana
Maz’ umuherezi mukuru azanana n’abāri kumwe na we, bahamagaza abanyekombe, n’abakuru bose b’Abisirayeli, maze batuma mu nzu y’abanyororo kubazana. 22Abagendanyi bagiye ntibabasanga mw ibohero: baragaruka barababgira, 23bat’ Inzu y’abanyororo dusanze yugaye ata nkomanzi iriho na mba, n’abarinzi bahagaze ku nzugi, maze twuguruye ntitwasangamw’ umuntu. 24Bumvise ayo majambo umukuru w’abashibamyi b’urusengero n’abaherezi bakuru bazazanirwa n’ivyabo, ikizovamwo. 25Haza umuntu arababarira, at’ Erega ba bagabo mwashira mw ibohero bari mu rusengero bahagaze bigisha abantu. 26Maz’ uwo mukuru w’abashibamyi ajana n’abagendanyi, babazana ku neza, kuko bātinya abantu, ngo ntibabatere amabuye.
27Bamaze kubazana babashira mw ikombe: umuherezi mukuru arababaza, 28#Mat 27:25; Ivyak 4:18.ati Mbega ntitwabīhanije cane kutigisha muri rya zina? None rāba mwujuje Yerusalemu inyigisho zanyu; ico murondera n’ukudushirakw amaraso ya wa muntu. 29#Ivyak 4:19; Dan 3:18.Maze Petero n’intumwa barabishura, bat’ Igikwiye n’ukwumvira Imana kuyirutisha abantu. 30#Gus 21:22; Ivyak 3:15.Imana ya ba sogokuruza yazuye Yesu, uwo mwebge mwishe mumumanitse ku giti. 31#Ivyak 2:33; Heb 2:10; 12:2.Uyo Imana yaramushize hejuru n’ukuboko kwayo kw’i buryo, ngw abe Umukuru n’Umukiza, ngw ahe Abisirayeli kwihana no guharirwa ivyaha. 32#Luk 24:48; Yoh 15:26, 27.Natwe tur’ ivyabona vyo gushingira intahe ivyo, na Mpwemu Yera na we n’uko, uwo Imana yahaye abayumvira.
33 # Ivyak 7:54. Ariko bo bavyumvise baribga mu mitima, bashaka kubica. 34#Ivyak 22:3.Maze hahaguruka umwe mw ikombe, w’Umufarisayo yitwa Gamaliyeli, umwigisha w’ivyagezwe, yubahwa n’abantu bose, avuga ko bataramura abo bantu akanya gato. 35Maz’ arababarira, ati Yemwe bagabo b’Abisirayeli, ni mwirinde mumenye uko mugirira aba bantu: 36#Ivyak 21:38.kuko mu misi ishize Teyuda yādutse yiyita agakomeye, igitigiri c’abantu gishika nk’amajana ane gikondōrera inyuma yiwe: maz’ aricwa, abāmwumvira bose barasābagira, bacika ubusa. 37#Luk 2:2.Hanyuma yiwe hāduka Yuda Umunyagalilaya, mu misi yo kwandikwa, yikwegera abantu inyuma; na we apfa rubi, n’abāmwumvira bose uko bangana barasābagira. 38#Mat 15:13.Kandi none ndababgire: Ni muzibukire aba bantu, mubarekure: kukw iyi nama n’iki gikorwa ni vyaba biturutse mu bantu, bizosendwa: 39#Ivyak 9:5.ariko ni vyaba biturutse ku Mana, ntimuzoshobora kubatsinda, mwoye kuzosanga murwanya Imana.
40 # Ivyak 22:19. Baramwemerera, maze bahamagaje intumwa, barazitonagura, barazīhanikiriza ngo ntizize zigishe mw izina rya Yesu, maze barazirekura. 41#Mat 5:10-12; 1 Pet 4:13.Nuko bava mu maso y’abanyekombe, banezerejwe n’uko bemerewe gutētererezwa iryo zina. 42#Ivyak 18:5.Kand’ imisi yose mu rusengero no mu mihana ntibahorereza kwigisha no kuvuga ubutumwa bgiza bga Yesu, kw ari we Kristo.

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in