YouVersion Logo
Search Icon

Ivyakozwe N’intumwa 4

4
Abaherezi bafata Petero na Yohana
1 # Luk 22:4, 52. Bakivugana n’abantu, abaherezi bazanana aho bari n’umukuru w’abashibamyi b’urusengero, n’Abasadukayo, 2#Ivyak 23:8.bababajwe cane n’uko bigisha abantu, bababarira yuk’ ukuzuka kw’abapfuye kwabonetse kuri Yesu. 3#Ivyak 3:1.Babashōrerakw amaboko, babashira mw ibohero gushitsa mu gitondo, kuko bgari bugorovye. 4#Ivyak 2:47.Ariko benshi mu bumvise iryo jambo barizera, igitigiri c’abagabo gishika nk’ibihumbi bitanu.
5Bukeye bg’aho, abashingantahe babo bo n’abakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe bakoranira i Yerusalemu, 6na Anasi umuherezi mukuru, na Kayafa na Yohana na Alekisandero, n’ab’ umuryango bose w’abaherezi bakuru. 7#Mat 21:23.Babashize hagati, barababaza, bati N’ubushobozi ki, canke n’izina ki, vyabateye gukora ivyo? 8#Mat 10:19, 20.Nuko Petero, yuzuye Mpwemu Yera, arababarira, ati Yemwe bashingantahe b’abantu n’abakuru, 9uyu musi ko ducunaguzwa ivyo twagiriye neza umuntu yanyogomba, kandi n’icamukijije, 10#Ivyak 3:6, 13-16.ni mumenye mwese, n’ubgoko bgose bg’Abisirayeli, yukw ari mw izina rya Yesu Kristo, Umunyanazareti, uwo mwebge mwabamvye, Imana ikamuzura mu bapfuye, kw ari ho hatumye uyu muntu ahagarara imbere yanyu, akomeye. 11#Mat 21:42; Zab 118:22.Uwo ni we buye mwebge abubatsi mwātītūye, kandi ryahindutse irigumya imfuruka. 12#Mat 1:21.Kandi nta wundi agakiza kabonerwamwo, kukw ata rindi zina musi y’ijuru ryāhawe abantu dukwiye gukirizwamwo.
Babura uko babahana bapfa kubarekura
13Babonye ugushira amanga kwa Petero na Yohana, kandi babona ko batigishijwe, atar’ abanyabgenge, baratangara; maze bamenya ko bābana na Yesu; 14#Ivyak 3:8, 9.kandi babonye uwo muntu yakijijwe ahagararanye na bo, babura ico bavuga. 15Barabataramura, maze baja inama, 16#Yoh 11:47.bati Mbeg’ aba bantu tubagire dute? Ko vyamenyekanye mu baba i Yerusalemu bose yuko bakoze ikimenyetso kibaye rurangiranwa, natwe ntidushobora kubihakana; 17#Ivyak 5:28.ariko vyoye kurushiriza kwamamara mu bantu, tubahahirize, ntibongere kugira umuntu n’umwe babarira mur’ iryo zina. 18Babahamagaje, barabihanikiriza ngo ntibazirukanye ngo bavuge canke bigishe mw izina rya Yesu. 19#Ivyak 5:29.Petero na Yohana barabishura, bati Namb’ ari vyiza mu nyonga z’Imana kubumvira kubarutisha Imana, ni mubitandukanye: 20kuko tweho tudashobora kureka kuvuga ivyo twabonye n’ivyo twumvise. 21Na bo bongeye kubahahiriza, barabarekura, babuze uko bobahana kubg’ abantu, kuko bose bāhimbaza Imana ku vyābaye. 22Kuk’ uwo muntu yar’ arengeje imyaka mirongwine avutse, uwakozwekw ico kimenyetso co kumukiza.
Ishengero rivyumvise, risaba Imana kurīndūka
23Nuko barekuwe basubira muri bagenzi babo, babīgānira ivyo abaherezi bakuru n’abakuru bababgiye vyose. 24#Kuv 20:11; Zab 146:6; Yes 37:16; Luk 2:29; Ivyah 6:10.Na bo bavyumvise bavuga n’ijwi rirenga, babgira Imana n’umutima uhūye, bati Databuja, ni wewe waremye ijuru n’isi, n’ikiyaga n’ibirimwo vyose, 25kandi wavugiye mu kanwa ka sogokuruza Dawidi, umusavyi wawe, ubivugisha Mpwemu Yera,
ut’ Abanyamahanga n’iki kibateye umuvurungano,
N’amoko yagīriye ingingo iki ivy’ ubusa?#Zab 2:1, 2.
26Abami bo mw isi batonze urugamba,
N’abakuru bakoraniye hamwe,
Kurwanya Uhoraho n’Uwo yarobanuje amavuta.
27 # Luk 23:12. Kandi vy’ukuri mur’ iki gisagara, Herode, bo na Pontiyo Pilato hamwe n’abanyamahanga n’imiryango ya Isirayeli, bākoraniye kurwanya Umushumba wawe yera Yesu, uwo warobanuje amavuta, 28#Ivyak 2:23.ngo bashitse ivy’ ukuboko kwawe n’inama yawe vyari vyaragabiye vyose ko bizoba. 29#Ef 6:19.Kandi none, Mwami, rāba agahahirizo kabo, uhe abasavyi bawe kuvuga ijambo ryawe bashize amanga rwose: 30ukiramvuye ukuboko kwawe gukiza indwara, ibimenyetso n’ibitangaza bikorwe mw izina ry’Umushumba wawe yera Yesu. 31#Ivyak 2:2, 4.Bahejeje gusenga, aho bakoraniye haratigita, bose buzuzwa Mpwemu Yera, bavuga ijambo ry’Imana bashize amanga.
Ubumwe bg’Abakristo ba mbere
32 # Ivyak 2:44. Kand’ abizeye b’akavuvu bari bahūje umutima n’inama, kandi nta n’umwe yakīmbūkira ikintu cose atunze ngo n’iciwe, ariko vyose bārabisangira. 33#Ivyak 2:47.Kand’ intumwa zāshingira intahe ukuzuka kw’Umwami Yesu ziri n’ubushobozi bginshi, kand’ ubuntu bg’Imana bginshi buba kuri bo bose. 34#Ivyak 2:45.Nta mukene yari muri bo, kukw abāri bafise amashamvu bose cank’ amazu bābigura, bakazana ibiguzi vy’ivyo baguze, 35bakabishira imbere y’ibirenge vy’intumwa; maze bakabigabanganya abantu, umuntu wese ukw akennye.
36 # Ivyak 11:22, 24; 13:4; 15:39. Na Yosefu, uwo intumwa zise Barunaba, risobanurwa ng’Umwana wo guhanūra, Umulewi yavukiye i Kupuro, 37yar’afise itongo ararigura, azana ibiguzi vyaryo, abishira imbere y’ibirenge vy’intumwa.

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in