Ivyakozwe N’intumwa 7
7
Stefano yiregura yemangira Kristo
1Umuherezi mukuru aramubaza, ati Mbeg’ ivyo ni ko biri?
2 #
Zab 29:3; Ita 11:31; 15:7. Na we aramwishura, ati Yemwe bene Data kandi ba data, ni mwumve: Imana y’icubahiro yiyeretse sogokuruza Aburahamu, ar’ i Mesopotamiya, ataraja kugerēra i Harani, 3#Ita 12:1; 48:4.iramubarira, iti Va mu gihugu canyu no mu muryango wanyu, uje mu gihugu nzokwereka. 4#Ita 11:32; 12:5.Maz’ ava mu gihugu c’i Bukaludaya, agerēra i Harani. Se amaze gupfa, iramwimura, imuzana mur’ iki gihugu mubamwo none. 5#Ita 12:7; 13:15; 17:8; 48:4; Gus 2:5.Ariko ntiyakimuhayemw’ umwandu, naho hoba aho gushinga ikirenge; isezerana kuzokimuha ngo kibe ishamvu yiwe n’iy’ uruvyaro rwiwe, kand’ ataragira umwana. 6#Ita 15:13, 14; Kuv 2:22; 12:40.Kand’ Imana ivuga irtya, it’ Uruvyaro rwawe ruzoba inyambukira mu kindi gihugu, bazobagira abaja, babagirire nabi imyaka amajana ane. 7#Kuv 3:12.Kand’ ihanga rizobagira abaja ni jewe nzoricirakw iteka, Imana ni ko yagize, it’ Arikw amaherezo bazovayo, bansengere aha hantu. 8#Ita 17:10; 21:4.Maz’ imuha isezerano ryo gukebga. Nukw avyara Isaka, amukeba ku musi ugira umunani: Isaka avyara Yakobo, Yakobo avyara ba sogokuruza bakuru cumi na babiri.
9 #
Ita 37:11, 28; 39:1, 2, 21; 45:4. Ba sogokuruza bagirira Yosefu ishari, baramugura ngw ajanwe muri Egiputa. Imana ibana na we, 10#Ita 39:21; 41:38-45; Zab 105:21.imukiza mu marushwa yiwe yose, imuha ubutoni n’ubgenge kuri Farawo, umwami wo muri Egiputa, amugira icēgēra ciwe ngw aganze muri Egiputa, amuzēza n’urugo rwiwe rwose. 11#Ita 41:54; 42:5.Ikigoyi gitera muri Egiputa hose n’i Kanani, hatera n’amarushwa menshi, kandi ba sogokuruza babura ivyo kurya. 12#Ita 42:2.Maze Yakobo yumvise yuko muri Egiputa har’ amasumo, atuma ba sogokuruza ubga mbere. 13#Ita 45:3, 16.Kand’ ubugira kabiri Yosefu yibarira bene se, umuryango wa Yosefu umenywa na Farawo. 14#Ita 45:9-11; 46:27; Kuv 1:5; Gus 10:22.Yosefu atumiza se Yakobo n’abo mu nzu yabo bose, ukw ari mirongwirindwi na batanu. 15#Ita 46:1; 49:33; Kuv 1:6.Yakobo aramanuka, aja muri Egiputa; agwayo, bo na ba sogokuruza: 16#Ita 23:16, 17; 33:19; Yos 24:32.babajana i Shekemu, babahamba mw isenga Aburahamu yaguze igiciro c’ifeza na bene Hamori i Shekemu.
17 #
Kuv 1:7. Arikw igihe c’isezerano kigira gishike, iry’ Imana yasezeraniye Aburahamu, abantu baragwira, baba benshi muri Egiputa, 18gushitsa ah’ uwundi mwami yīmiye muri Egiputa atigeze kumenya ivya Yosefu. 19#Ita 24:7; Kuv 1:9, 22.Uwo mwami agirira ubugunge ubgoko bgacu, agirira ba sogokuruza nabi, abateshereza abana babo b’inzoya kugira ngo ntibabeho. 20#Kuv 2:2; Heb 11:23.Mur’ ico gihe Mose aravuka, yari mwiza cane, bamurerera mu nzu kwa se amezi atatu; 21#Kuv 2:5, 10.amaze gutābga, umukobga wa Farawo aramutora, amurerera kuba umwana wiwe. 22Mose yigishwa ubgenge bgose bg’Abanyegiputa, agira ubushobozi mu majambo yiwe no mu bikorwa vyiwe.
23 #
Kuv 2:11. Maz’ arikw aramara imyaka mirongwine avutse, haza iciyumviro mu mutima wiwe co kugendera bene wabo b’Abisirayeli. 24#Kuv 2:12.Abonye umuntu agirirwa nabi, aramutabara, ahōra iyo mpahazwa, yica wa Munyegiputa. 25Yibgira yukw ab’i wabo botahura kw Imana ibakirisha ukuboko kwiwe: ariko ntibabimenya. 26#Kuv 2:13.Bukeye bg’aho, asanga abarwana, ageza kubatātūra, ati Yemwe bagabo, mur’ umuryango umwe, n’iki gitumye mugiriranira nabi? 27#Kuv 2:14; Luk 12:14.Arik’ uwagirira mugenzi we nabi aramusunika, aramubaza, ati Ni nde yakugize umukuru cank’ umucamanza wacu? 28Mbeg’ ugomba kunyica, nk’ukw ejo wishe wa Munyegiputa? 29#Kuv 2:15, 22; 18:3, 4.Mose yumvise iryo jambo, arahunga, aba umwambukīra mu gihugu c’i Midiyani, avyariray’ abahungu babiri.
30 #
Kuv 3:2; Gus 33:16. Imyaka mirongwine ishize, umumarayika amubonekerera mu rubeya rw’umuriro waka mu gisaka c’amahwa mu bugaragwa bgo ku musozi Sinayi. 31Mose abonye ivyo biramutangaza: akivyēgēra ngw avyihweze, havuga ijwi ry’Uhoraho, 32#Kuv 3:6.ati Ni jewe Mana ya ba sogokuruza bawe, Imana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo. Mose ahinda agashitsi, ntiyatinyuka kwihweza. 33#Kuv 3:5.Uhoraho aramubarira, ati Kūra inkweto mu birenge vyawe, kukw aho hantu uhagaze ar’ ahēra. 34#Kuv 2:24; 3:7, 10.N’ukuri abantu banje bari muri Egiputa nabonye amarushwa barimwo, numvise umuniho wabo, none mmanukanywe no kubarokora: kandi none n’uze ndagutume muri Egiputa.
35 #
Kuv 2:14. Mose uyo, umwe banka, bati Ni nde yakugize umukuru cank’ umucamanza? ni we Imana yatumye kuba umukuru n’umucunguzi, abihawe n’ukuboko kw’umumarayika yamubonekereye muri ca gisaka. 36#Guh 14:33; Kuv 7:3, 10; 14:21.Uwo abakūrayo, amaze gukora ibitangaza n’ibimenyetso mu gihugu ca Egiputa, no ku Kiyaga Gitukura no mu bugaragwa, imyaka mirongwine. 37#Ivyak 3:22; Gus 18:15.Uwo Mose ni we yabgiye Abisirayeli, at’ Imana izobahagurukiriza ūvugishwa na yo mu b’i wanyu, ameze nkanje. 38#Ivyak 7:53; Kuv 19:3; Gus 9:10.Kand’ uwo Mose ni we yari mw ishengero ryo mu bugaragwa, ari kumwe n’umumarayika yavuganiye na we ku musozi Sinayi, kand’ ari kumwe na ba sogokuruza; kandi yaherejwe amajambo y’ubugingo ngw aduhe. 39#Guh 14:3.Ba sogokuruza banse kumwumvira, baramwikunkumura, basubira muri Egiputa mu mitima yabo, 40#Kuv 32:1, 23.babgira Aroni, bati N’uturonkere imana zo kutuja imbere; kuk’ umwe Mose yaturōngōye adukūra mu gihugu ca Egiputa, tutazi ico yabaye. 41#Kuv 32:4, 6.Bironkera igishushanyo c’imasa mur’ iyo misi, ico kigirwamana bakizanira ibimazi, bahimbarwa n’ibikorwa vy’intoke zabo. 42Arikw Imana irora irya, irabaheba ngo basenge ingabo zo kw ijuru: nk’uko vyanditswe mu gitabo c’abavugishwa n’Imana,
ngo Mbega har’ ibitungwa bibāzwe cank’ ibimazi mwanshikaniye,
Ya myaka ukw ari mirongwine yo mu bugaragwa, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli?#Yer 19:13; Am 5:25-27.
43Mwareruye ihema rya Moloki,
N’inyenyeri y’ikigirwamana Refani,
Ar’ ibishushanyo mwironkeye ngo mubisenge:
Nanje nzobambukana hirya y’i Babuloni.
44 #
Kuv 25:40. Ba sogokuruza bāri bafise ihema ry’Ibishinga intahe, hamwe bāri mu bugaragwa, nk’ukw iyavuganye na Mose yabigeze, yamubgiye kurigereranya n’ikigereranyo yabonye. 45#Ita 17:8; 48:4; Gus 32:49; Yos 3:14; 18:1.Iryo, ba sogokuruza barihawe na ba sekuru babo, barishikana ino, Yosuwa ari kumwe na bo, hamwe bātsinda amahanga, Imana iyirukana imbere ya ba sogokuruza, gushitsa ku gihe ca Dawidi. 46#2 Sam 7:2; Zab 132:5.Kandi Dawidi aronka ubutoni mu nyonga z’Imana, asaba kwubakira Imana ya Yakobo aho kuba. 47#1 Abam 6:1.Ariko Salomo ni we yayubakiye ingoro. 48#Yes 66:1, 2.Yamar’ Īsumba vyose ntiba mu zubakishijwe amaboko: nk’uk’ uwavugishijwe n’Imana yavuze,
49at’ Ijuru ni ryo ntebe yanje y’ubgami,
Isi na yo n’indava y’ibirenge vyanje;
Muzonyubakira inzu ki? ni k’Uhoraho abajije,
Canke nzoruhukira ahantu ki?
50Mbeg’ intoke zanje si zo zaremye ivyo vyose?
51 #
Kuv 32:9; Lew 26:41; Guh 27:14; Yer 9:26; Yes 63:10. Yemwe abatagonda izosi, mwa ntakebga mu mitima no mu matwi, na ntaryo murwanya Mpwemu Yera. Uko ba sogokuruza banyu bākora, ni ko namwe mukora. 52#2 Ngo 36:16; Mat 23:31.Ni nde mu bavugishijwe n’Imana ba sogokuruza banyu batāhamye? Bishe abābanje kumenyekanisha ivyo kuza kwa wa Mugororotsi, none namwe mwaramuguze muramwica: 53#Kuv 20:1-26; Gal 3:19; Heb 2:2.ari mwebge mwāhawe ivyagezwe bizanywe n’abamarayika, ntimwavyitondera.
Bicisha Stefano amabuye
54 #
Ivyak 5:33. Bavyumvise baribga mu mitima, bamuhekenyera imisaya. 55#Luk 22:69.Ariko Stefano yuzuye Mpwemu Yera, ahanga amaso mw ijuru, abona ubgiza bg’Imana, na Yesu ahagaze i buryo bg’Imana: 56aravuga, at’ Ehe mbonye ijuru rikingurutse, n’Umwana w’umuntu ahagaze i buryo bg’Imana. 57Barayogora n’amajwi arenga, bīziba amatwi, bamugwirakw icarimwe, 58#Ivyak 22:20.bamuhindira inyuma y’igisagara, bamwicisha amabuye; kand’ abāmwagirije bāri bafashije hasi imitamana yabo imbere y’ibirenge vy’umusore yitwa Sauli. 59#Zab 31:5; Luk 23:46.Maze bakiriko baratera Stefano amabuye, arambaza, aravuga, ati Mwami Yesu, akīra ubugingo bganje. 60#Luk 23:34.Araheza arapfukama, asemerera n’ijwi rirenga, ati Mwami, ntubaharūrekw iki caha. Amaze kuvuga artyo, aca aracīkāna. Kandi Sauli na we yarabishimye ko yicwa.
Currently Selected:
Ivyakozwe N’intumwa 7: RUN1967
Highlight
Share
Copy

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967