Matayo 7

7
Nturābe abandi utīrāvye
1Ntimugahinyurire mu mitima yanyu, namwe mukazohinyurwa.#Rom 2:1; 1 Kor 4:5 2Kuko, uko muhinyura abandi, ari ko muzohinyurwa namwe; kand’ ingero mugeramwo muzoyigererwa namwe.#Mrk 4:24 3Urābira iki akabango kari mu jisho rya mugenzawe, kand’ inkingi iri mu jisho ryawe ntuyitegereze? 4Wobgira ute mugenzawe, uti Zana ngutosore akabango kari mu jisho ryawe, nawe ufise inkingi mu jisho ryawe? 5Wa ndyarya we, banza witosore inkingi iri mu jisho ryawe, uheze ubone neza gutosora akabango kari mu jisho rya mugenzawe.
6Ivyera vy’Imana ntimukabīhe imbga, kand’ imaragarita#7:6 imaragarita imeze nk’akabuyenge keza cane; ifise igiciro kinini. zanyu ntimuziterere ingurube, kugira ngo ntizizihonyange n’inzāra zazo, maze zikabahindukirira, zikabatabagura.#Mat 10:11–14
Gusaba
7Musabe, muzohabga; murondere, muzoronka; muramutse, muzokwugururirwa.#Mrk 11:24; Luk 11:9–13; Yer 29:13, 14; Yoh 14:13; 16:23 8Kuk’ ūsaba wese ahabga; ūrondera aronka; ūramutsa yugururirwa. 9Har’ umuntu muri mwebge, umwana wiwe yomusaba umutsima, akamuha ibuye? 10Canke yomusaba ifi, akamuha inzoka? 11None mwebge, ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega So wo mw ijuru ntazorushiriza rwose guha ivyiza abamusavye?#Yak 1:17 12Nukw ivyo mugomba kw abantu babagirira vyose mube ari ko mubagirira namwe; kukw ivyo ar’ ivyagezwe n’ivy’ abavugishijwe n’Imana.#Mat 22:39, 40; Rom 13:8–10
Irembo ripfunganye
13Muce mw irembo ripfunganye; kukw irembo ryagutse, n’ inzira y’igihamo, ari vyo bijana abantu mu mahonero, kand’ abahaca ni benshi.#Luk 13:24; Yoh 10:7, 9 14Arikw irembo ripfunganye, n’inzira ntoya, ni vyo bija mu bugingo, kand’ abahabona ni bake.#Mat 19:24; Ivyak 14:22
Uburyarya si kwo gutungana
15Mwirinde abīgira abavugishwa n’Imana; baza kuri mwebge bambaye nk’intama; arikw imbere ar’ amabingira y’inkazi.#Mat 24:4, 5, 24; Ivyak 20:29 16Muzobamenyera ku vyo bama. Mbega har’ uwokwamura inzabibu ku munyinya, cank’ insukoni ku bitovu?#Gal 5:19–23; Yak 3:12 17Nukw igiti ciza cose cama ivyiza, arikw igiti kibi cama ibibi.#Mat 12:33 18Igiti ciza ntigishobora kwama ibibi, kand’ igiti kibi ntigishobora kwama ivyiza. 19Igiti cose kitama ivyiza kiracibga, kigatererwa mu muriro.#Mat 3:10; Yoh 15:2, 6 20Nuko muzobamenyera ku vyo bama.
21Umuntu wese amvumereza, ati Mwami, Mwami; si we azokwinjira mu bgami bgo mw ijuru, atar’ ūkora ivyo Data wo mw ijuru agomba.#Mat 21:29; Rom 2:13; Yak 1:22, 25; 2:14; 1 Kor 12:3 22Benshi bazombgira kuri wa musi, ngo Mwami, Mwami, ntitwavugishwa n’Imana mw izina ryawe, ntitwasenda abadayimoni mw izina ryawe, ntitwakora ibitangaza vyinshi mw izina ryawe?#Yer 14:14; 27:15; Luk 13:25–27; 1 Kor 13:1, 2 23Ni ho nzobajinjiburira, nti Nta ho nigeze mbamenya; mviraho, mwa bakora ibizira mwe.#Mat 13:41; 25:41; 2 Tim 2:19; Zab 6:8
Kwumva no gukora
24Uwumva ayo majambo yanje wese, akayakora, asa n’umuntu w’ubgenge yubatse inzu yiwe ku rutare.#Mat 7:21 25Isegenya iragwa, inkukūra iratwaza, igihuhuta kirahuhuta, bisūrira kuri nya nzu, ntiyagwa, kuko yar’ imase ku rutare. 26Arik’ uwumva ayo majambo yanje wese, ntayakore, asa n’umuntu w’imburabgenge, yubatse inzu yiwe ku musenyi. 27Isegenya iragwa, inkukūra iratwaza, igihuhuta kirahuhuta, bisūrira kuri nya nzu, irasenyuka, kand’ isenyerana ryayo riba irikomeye.#Ezk 13:10, 11
28Yesu arangije ayo majambo yose, ishengero ritangazwa n’ inyigisho ziwe,#Mat 11:1; 13:53; 19:1; 26:1; Mrk 1:22; Luk 4:32 29kuko yabigisha nk’ūfise ububasha, ntase n’abanyabgenge b’ivyanditswe babo.#Yoh 7:46

目前选定:

Matayo 7: RUN1967

高亮显示

分享

复制

None

想要在所有设备上保存你的高亮显示吗? 注册或登录