1
Matayo 7:7
Isezerano Risha 1967
Musabe, muzohabga; murondere, muzoronka; muramutse, muzokwugururirwa.
对照
探索 Matayo 7:7
2
Matayo 7:8
Kuk’ ūsaba wese ahabga; ūrondera aronka; ūramutsa yugururirwa.
探索 Matayo 7:8
3
Matayo 7:24
Uwumva ayo majambo yanje wese, akayakora, asa n’umuntu w’ubgenge yubatse inzu yiwe ku rutare.
探索 Matayo 7:24
4
Matayo 7:12
Nukw ivyo mugomba kw abantu babagirira vyose mube ari ko mubagirira namwe; kukw ivyo ar’ ivyagezwe n’ivy’ abavugishijwe n’Imana.
探索 Matayo 7:12
5
Matayo 7:14
Arikw irembo ripfunganye, n’inzira ntoya, ni vyo bija mu bugingo, kand’ abahabona ni bake.
探索 Matayo 7:14
6
Matayo 7:13
Muce mw irembo ripfunganye; kukw irembo ryagutse, n’ inzira y’igihamo, ari vyo bijana abantu mu mahonero, kand’ abahaca ni benshi.
探索 Matayo 7:13
7
Matayo 7:11
None mwebge, ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega So wo mw ijuru ntazorushiriza rwose guha ivyiza abamusavye?
探索 Matayo 7:11
8
Matayo 7:1-2
Ntimugahinyurire mu mitima yanyu, namwe mukazohinyurwa. Kuko, uko muhinyura abandi, ari ko muzohinyurwa namwe; kand’ ingero mugeramwo muzoyigererwa namwe.
探索 Matayo 7:1-2
9
Matayo 7:26
Arik’ uwumva ayo majambo yanje wese, ntayakore, asa n’umuntu w’imburabgenge, yubatse inzu yiwe ku musenyi.
探索 Matayo 7:26
10
Matayo 7:3-4
Urābira iki akabango kari mu jisho rya mugenzawe, kand’ inkingi iri mu jisho ryawe ntuyitegereze? Wobgira ute mugenzawe, uti Zana ngutosore akabango kari mu jisho ryawe, nawe ufise inkingi mu jisho ryawe?
探索 Matayo 7:3-4
11
Matayo 7:15-16
Mwirinde abīgira abavugishwa n’Imana; baza kuri mwebge bambaye nk’intama; arikw imbere ar’ amabingira y’inkazi. Muzobamenyera ku vyo bama. Mbega har’ uwokwamura inzabibu ku munyinya, cank’ insukoni ku bitovu?
探索 Matayo 7:15-16
12
Matayo 7:17
Nukw igiti ciza cose cama ivyiza, arikw igiti kibi cama ibibi.
探索 Matayo 7:17
13
Matayo 7:18
Igiti ciza ntigishobora kwama ibibi, kand’ igiti kibi ntigishobora kwama ivyiza.
探索 Matayo 7:18
14
Matayo 7:19
Igiti cose kitama ivyiza kiracibga, kigatererwa mu muriro.
探索 Matayo 7:19
主页
圣经
计划
视频