YouVersion Logo
تلاش

Luka 6

6
Yesu n’Umwami w’isabato
1 # Mat 12:1-8; Mrk 2:23-28. Kw isabato agenda aca mu mirima y’ingano; abigishwa biwe bamyoza ingano, barazihekenya, bazivunze mu minwe. 2#Yoh 5:10.Bamwe mu Bafarisayo barababaza, bati N’iki gitumye mukora ikizira gukorwa kw isabato? 3#1 Sam 21:1-6.Yesu na we arababaza, ati Nta ho murasoma iki, ico Dawidi yakoze, aho yar’ ashonje, asonzanye n’abari kumwe na we; 4#Lew 24:9.ingene yinjiye mu nzu y’Imana, akābīra imitsima y’ibiterekērwa, akayirya, akayihako n’abari kumwe na we, ar’ umuziro kurībga, ukūye abaherezi bonyene? 5Kand’ arababgira, at’ Umwana w’umuntu n’Umwami w’isabato.
Yesu akiza umuntu anyunyutse ukuboko
6 # Mat 12:9-14; Mrk 3:1-6. Ku yindi sabato yinjira mw isinagogi, arigisha: kandi hār’ umuntu anyunyutse ukuboko kw’i buryo. 7#Luk 14:1.Abanyabgenge b’ivyanditswe bo n’Abafarisayo baramugenza ngo barābe kw akiza kw isabato, ngo baronke ingene bomurega. 8Na we amenya ivyo biyumvira; abarira uwo muntu anyunyutse ukuboko, ati Va hasi, uhagarare hagati. Ava hasi, arahagarara. 9Yesu arababgira, ati Ndababaze: mbeg’ ivyemerwa n’ugukora ivyiza kw isabato, canke n’ugukora ibibi; gukiza umuntu, canke kumwica? 10Abēraguzamw’ amaso bose, aramubarira, ati Ramvura ukuboko kwawe. Arabigira, ukuboko kwiwe kurakira. 11Ariko bo birabasaza rwose, baja inama y’ico bogira Yesu.
Yesu atoranya intumwa cumi na zibiri
12 # Mrk 3:13-19. Mur’ iyo misi avayo, aja ku musozi gusenga: akesha ijoro asenga Imana. 13#Mat 10:2-4; Yoh 6:70; Ivyak 1:13.Ijoro rikeye, ahamagara abigishwa biwe, atoranyamw’ icumi na babiri, abita intumwa; 14Simoni, uwo yise Petero, na Andereya mwene nyina, na Yakobo, na Yohana, na Filipo, na Barutolomayo, 15na Matayo, na Toma, na Yakobo mwene Alufayo, na Simoni yitwa Zelote, 16na Yuda mwene Yakobo, na Yuda Isikaryota yabaye umuguranyi. 17#Mat 4:23—5:1; Mrk 3:7-12.Amanukana na bo, ahagarara ahateze, kandi hārih’ ishengero ryinshi ry’abigishwa biwe, n’ishengero ryinshi ry’abantu bavuye i Yudaya hose n’i Yerusalemu no mu gihugu co muri Tiro n’i Sidoni gihereranye n’ikiyaga kinini, baje kumwumva no gukizwa indwara zabo. 18Kandi n’abababazwa n’impwemu zihumanye barakizwa. 19Kand’ ishengero ryose rigerageza kumukorako, kuk’ ubushobozi bgāmuvamwo bukabakiza bose.
Yesu yerekana abahirwe ab’ari bo
20 # Mat 5:3, 4, 6, 11, 12. Yunamurira abigishwa biwe amaso, arababgira, ati Hahirwa mwebge aboro; kuk’ ubgami bg’Imana ar’ ubganyu. 21#Ivyah 7:16, 17; Zab 126:5, 6; Yes 61:3.Hahirwa mwebge mushonje none, kuko muzohāzwa. Hahirwa mwebge murira none, kuko muzotwenga. 22#Yoh 15:19; 16:2.Muzoba muhiriwe abantu ni babanka bakabaca, bakabatuka, bakanegura izina ryanyu nk’ah’ ari ribi, babahōye Umwana w’umuntu. 23Uwo musi muze munezerwe mwitere hejuru, kukw impēra yanyu ari nyinshi mw ijuru: kukw ari ko ba sekuruza babo bāgize abāvugishwa n’Imana. 24#Yak 5:1.Ariko muzobona ibara, mwebge abatunzi; kuko muhejeje gutunganirwa. 25#Yes 5:22.Muzobona ibara, mwebge muhāze none; kuko muzosonza. Muzobona ibara, mwebge mutwenga none; kuko muzoboroga murira. 26#Yak 4:4; Mik 2:11.Muzobona ibara, ah’abantu bose bazobashemagiza; kukw ari ko ba sekuruza babo bāshemagije abīgira abavugishwa n’Imana.
Twagezwe gukunda abansi bacu
27 # Mat 5:39-48. Ariko mwebge mwumva ndababgire: Mukunde abansi banyu, mugirire neza ababanka, 28muhezagire ababavuma, musabire ababagirira nabi. 29Ūgukubise mu musaya, umuhindukirize n’uwundi; ūkwaka umutamana, ntumwime n’ipfundo. 30Ūgusaba wese umuhe, ūnyaga ivyawe ntuz’ ubimwake ukundi. 31#Mat 7:12.Kand’ uko mugomba kw abantu babagirira, mube ari ko mubagirira namwe. 32Kandi ni mwakunda ababakunda, muzoshimwa iki? Kukw abanyavyaha na bo bagira bartyo. 33Kandi ni mwagirira neza ababagirira neza, muzoshimwa iki? Kukw abanyavyaha na bo bagira bartyo. 34#Lew 25:35, 36.Kandi ni mwagurana abo muziga ko bazobaguranura, muzoshimwa iki? Abanyavyaha na bo bagurana abandi banyavyaha, ngo baguranurwe nk’ivyabo. 35Ariko mukunde abansi banyu, mubagirire neza, mugurane abantu, mutaziga ko muzoguranurwa; kand’ impēra zanyu zizoba nyinshi, namwe muzoba abana b’Īsumba vyose; kukw igirira neza intashima n’ababi. 36Mugire imbabazi, nk’uko So agira imbabazi.
Nturābe abandi utīrāvye
37 # Mat 6:14. Kandi ntimugahinyurire mu mitima yanyu, namwe mukazohinyurwa; kandi ntimugatsindishe, namwe mukazotsindishwa; mubohore, namwe muzobohorwa; mutange, namwe muzohabga;#Mat 7:1-29. 38#Mrk 4:24.ingero nziza, itsindagiye, inyingishe, isēsekaye, ni yo bazobaha mu co muteze. Kukw ingero mugeramwo ari yo muzosubirizwamwo namwe.
39 # Mat 15:14; 23:16, 24. Kand’ abacira umugani, ati Mbeg’ impumyi yoshobora kujana iyindi mpumyi? Zompi ntizogwa mu cobo? 40#Mat 10:24, 25; Yoh 15:20.Umwigishwa ntaruta umwigisha wiwe, arik’ umwigishwa wese arangije azoba nk’umwigisha wiwe. 41Urābira iki akabango kari mu jisho rya mugenzawe, inkingi iri mu jisho ryawe ntuyītegereze? 42Woshobora ute kubgira mugenzawe, uti Zana mugenzi ngutosore akabango kari mu jisho ryawe; nawe ubgawe nturābe inkingi iri mu jisho ryawe? Wa ndyarya we, banza witosore inkingi iri mu jisho ryawe, uheze ubone neza gutosora akabango kari mu jisho rya mugenzawe. 43Kukw ata giti ciza cama ibibi, kandi nta giti kibi cama ivyiza. 44Igiti cose kimenyekanira ku vyo camye: nta bokwamura insukoni ku munyinya, cank’ inzabibu ku mukēre. 45#Mat 12:34, 35.Umunyangeso nziza akūra ivyiza mw itunga ryiza ryo mu mutima wiwe, n’umunyangeso mbi akūra ibibi mw itunga ribi: ibibōgabōga mu mutima ni vyo akanwa kiwe kavuga.
46 # Mal 1:6; Mat 7:21. Kandi munyitira iki Mwami, Mwami; ntimukore ivyo mvuga? 47Umuntu wese aza aho ndi, akumva amajambo yanje, akayakora, ndabereka ukw asa. 48Asa n’umuntu yubaka inzu, yimvye hasi cane, akubaka itanguriro ku rutare: maz’ umugezi wuzuye usūrira kur’ iyo nzu, ntiwashobora kuyinyiganyiza, kuko yubatswe neza. 49Arik’ uwumva, ntabikore, asa n’umuntu yubatse inzu kw ivu, atimvye itanguriro: maz’ umugezi uyisūrirako, ica irasenyuka, uguhomvoka kw’iyo nzu kwabaye ugukomeye.

موجودہ انتخاب:

Luka 6: RUN1967

سرخی

شئیر

کاپی

None

کیا آپ جاہتے ہیں کہ آپ کی سرکیاں آپ کی devices پر محفوظ ہوں؟ Sign up or sign in