Luka 5
5
Yesu arobesha ifi nyinshi
1 #
Mat 4:18-22; Mrk 1:16-20. Nukw ishengero ririko riramubanda ryumva ijambo ry’Imana, yar’ ahagaze ku musenyi w’ikiyaga c’i Genesareti. 2Abona amato abiri aziritswe ku nkombe y’ikiyaga, arikw abarovyi bāri bayavuyemwo, boza insenga.#5:2 Izo nsenga abo ku kiyaga bazita imikwabu. 3Atambukira mu bgato bumwe, bgar’ ubga Simoni, aramusaba ngw abgigizeyo buve ku nkombe gatoya: aricara, yigisha ishengero, ari mu bgato. 4#Yoh 21:6.Ahejeje kuvuga, abarira Simoni, at’ Igira mw idamba, muterere insenga zanyu murobe. 5Simoni aramwishura, at’ Erega Mwigisha, twakesheje ijoro ryose twātamye, nta co twafashe: ariko kubg’ ijambo ryawe ndaterera insenga. 6Babigize, baroba ifi nyinshi cane, insenga zabo zigomba gucika. 7Bākura abagenzi babo bāri mu bundi bgato, ngo baze babafashe: baraza, buzuza amato yompi, agomba kudobera. 8Ariko Simoni Petero abibonye yikubita imbere y’amavi ya Yesu, ati Va aho ndi, Mugenzi, kuko nd’ umunyavyaha. 9Kukw atangaye, n’abāri kumwe na we bose, babonye ifi barovye. 10#Mat 13:47.Na Yakobo na Yohana bene Zebedayo na bo baratangara, bari bafatanije na Simoni. Yesu abgira Simoni, ati Nta co utinya, uhereye none uzoroba abantu. 11#Mat 19:27.Bahejeje gushikana amato yabo ku nkombe, basiga vyose, baramukurikira.
Yesu akiza umunyamibembe
12 #
Mat 8:1-4; Mrk 1:40-45. Ikindi gihe ari mu gisagara kimwe muri vyo, haza umuntu ajejeta imibembe: abonye Yesu yikubita hasi yubamye, aramwinginga, ati Mugenzi, ukunze, woshobora kumpumanura. 13Aramvura ukuboko, amukorako, ati Ndakunze, humanuka. Imibembe ica imuvako. 14#Lew 13:49; 14:2-32.Aramwihanikiriza, ngo ntagire umuntu abibarira, at’ Ariko genda, wiyereke umuherezi, utange ivy’ uguhumanurwa kwawe, nk’uko Mose yabgirije, bibe ikimenyetso kibabere icabona. 15Arikw inkuru yiwe irushiriza gukwira, ishengero ryinshi rikoranira kumwumva no gukizwa indwara zabo. 16#Mrk 1:35.Ariko we yigunga mu bugaragwa, asenga.
Yesu akiza ikimuga
17 #
Mat 9:1-8; Mrk 2:1-12. Ku musi umwe muri yo yarigisha. Abafarisayo n’abigisha ivyagezwe bāri bicayeho, bavuye mu mihana yose y’i Galilaya n’i Yudaya n’i Yerusalemu; kand’ ubushobozi bg’Umwami Imana bgari muri we bgo gukiza indwara. 18Maze haza abagabo bazanye ikimuga, bagiteruye mu nderuzo, barondera ingene bacinjiza ngo bagishire imbere yiwe. 19Babuze aho bocinjiriza kubg’ ishengero, būrira hejuru ku nzu, bagicisha mu mategura ayisakaye, bacururutsa mu nderuzo hagati y’abantu imbere ya Yesu. 20Abonye ukwizera kwabo, aravuga, at’ Ewe muntu, ivyaha vyawe urabihariwe. 21#Luk 7:49; Yes 43:25; Yoh 5:12.Abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo batangura kwibūranya, bat’ Uyo ni nde arogose? Ni nde ashobora guharira ivyaha atar’ Imana yonyene? 22Maze Yesu, amenye ivyo bibūranya, arababaza, ati Mwibūranya ibiki mu mitima yanyu? 23Icoroshe n’ikihe, n’ukuvuga nt’ Uhariwe ivyaha vyawe; canke n’ukuvuga nti Vyuka ugende? 24Ariko kugira ngo mumenye k’Umwana w’umuntu afise ububasha mw isi bgo guharira ivyaha — abgira ico kimuga, ati Ndakubariye, nti Vyuka, wikorere inderuzo yawe, utahe. 25Aca avyuka imbere yabo, yikorera inderuzo yar’ aryamyemwo, arataha, ahimbaza Imana. 26Bose barumirwa cane, bahimbaza Imana, baterwa n’ubgoba bginshi, bat’ Uyu musi tubonye ibitangaza.
Yesu ahamagara Lewi umutozakori
27 #
Mat 9:9-13; Mrk 2:13-17. Ivyo bishize, arasohoka, abona umutozakori yitwa Lewi, yicaye aho yatoreza ikibuguro, aramubarira, ati Nkurikira. 28Asiga vyose, ava hasi, aramukurikira.
29 #
Luk 15:1. Lewi amurondereza izimano ryinshi mu nzu yiwe: kandi hār’ abantu benshi b’abatozakori n’abandi bicaranye na bo basangira. 30Abafarisayo n’abanyabgenge b’ivyanditswe bafatanye na bo bidodombera abigishwa ba Yesu, bati N’iki gitumye musangira n’abatozakori n’abanyavyaha? 31Yesu arabishura, at’ Abakomeye nta co bagombera umuvūzi, atar’ abarwaye. 32Sinaje guhamagara abagororotsi, ariko naje guhamagara abanyavyaha ngo bihane.
Ivyo kwisonzesha
33 #
Mat 9:14-17; Mrk 2:18-22. Na bo baramubgira, bat’ Abigishwa ba Yohana barisonzesha kenshi bagasenga, n’ab’ Abafarisayo n’uko, arikw abawe barīrīra, barīnywera. 34Yesu arababaza, ati Mbega mwoshobora mute kugera abātowe ngo bisonzeshe, bakiri kumwe n’umukwe? 35Ariko har’ imisi izoza; kand’ umukwe ni yabakūrwamwo, bazoca bisonzesha mur’ iyo misi. 36Kand’ abacira umugani, ati Nta wotabura ikiremo ku mpuzu nsha, ngw acomeke ku mpuzu y’umushire: uwogira artyo yoba atabuye nsha, kand’ ikiremo atabuye kuri nsha nticomatana n’iy’ umushire. 37Kandi nta wotara umutobe wa vino mu mikuza y’insato ibōmbōtse; kuko vino yoturitsa iyo mikuza, igashirira hasi, imikuza igapfa. 38Arikw igikwiye n’ugutara umutobe wa vino mu mikuza misha. 39Kandi nta muntu yanyoye vino ihiye yogomba umutobe: kukw avuga, at’ Īhiye ni yo nziza.
موجودہ انتخاب:
Luka 5: RUN1967
سرخی
شئیر
کاپی
کیا آپ جاہتے ہیں کہ آپ کی سرکیاں آپ کی devices پر محفوظ ہوں؟ Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967