Kuvayo 3

3
Imana yiyerekera Mose mu gisaka caka umuriro
1 # 1 Abam 19:8. Ico gihe Mose yaragira umukuku w’intama za Yetiro sebukwe, umuherezi w’i Midiyani: aturukiriza umukuku hirya y’ ubugaragwa, ashika ku musozi w’Imana, i Horebu. 2#Ivyak 7:30-35.#Yes 63:9.Umumarayika w’Uhoraho amubonekerera mu rubeya rw’umuriro uva hagati mu gisaka c’amahwa: aritegereza, abona ico gisaka cakamw’ umuriro, ariko nticatemuka. 3Mose arīvuganya, ati Hinge nkīkame ndābe karya katābonetse, mmenye igituma igisaka kidatemutse. 4#Gus 33:16.Uhoraho abonye yukw akīkamishwa no kubirāba, Imana imuhamagara iri hagati mur’ ico gisaka, iti Mose, Mose! Aritaba, ati Sabge! 5#Yos 5:15; Umus 5:1.Iramubarira, iti Reka kwēgēra hano, kandi kūra inkweto mu birenge vyawe, kukw aho hantu uhagaze ar’ahēra. 6#Ita 28:13; 1 Abam 18:36; 19:13; Mrk 12:26.Kand’ iti Nd’ Imana ya so, Imana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo. Mose aca yipfuka mu maso, kukw atinye kwitegereza Imana.
7 # Kuv 2:23-25; 5:13, 14; Neh 9:9. Uhoraho aramubarira, ati N’ukuri abantu banje bari muri Egiputa nabonye amarushwa barimwo, numvise gutaka kwabo batakishwa n’ababakoresha babahindagiza; kuko nzi imibabaro yabo, 8#Ita 11:5, 7; 15:18-21; 18:21; Kuv 12:51; Gus 8:7-9; 26:9.kandi mmanukanywe no kubarokora, mbakūre mu maboko y’ Abanyegiputa, mbadūgane, mbakūre mur’ ico gihugu, mbajane mu gihugu ciza cāgutse, gitemba amata n’ubūki, kibamw’ Abanyakanani, n’Abaheti, n’Abamori, n’Abaferizi, n’Abahiwi, n’Abayebusi. 9#Kuv 1:11-14, 22; 2:23.Nuko none ehe rāba, ugutaka kw’Abisirayeli kwanshitseko, kandi nabonye agahahazo Abanyegiputa babahahaza. 10#Zab 105:26.Nuko none ngwino, ngutume kuri Farawo, ukūre abantu banje b’Abisirayeli muri Egiputa. 11#Kuv 6:12; 1 Abam 3:7, 8; Yer 1:6.Mose yishura Imana, ati Mbega ubona nd’ iki, guhangara kuja kwa Farawo, no gukūra Abisirayeli muri Egiputa? 12#Kuv 4:12, 15; 19:1-25; Gus 31:8; Yos 1:5.Iramwishura, it’ Erega nzoba ndi kumwe nawe, kand’ iki ni co kizokubera ikimenyamenya kw ari jewe nagutumye: ni wamara gukūra ubgo bgoko muri Egiputa, kur’ uyu musozi nyene ni ho muzonsabira.
Imana yibarira Mose izina ryayo
13 # Ita 32:29. Mose abaza Imana, ati Ni nashika ku Bisirayeli, nkababarira nt’ Imana ya ba sogokuruza yabantumyeko; bakambaza, bati Yitwa nde? nzobishura iki? 14#Kuv 6:3; Zab 68:4; Yoh 8:58; Heb 13:8; Ivyah 1:4; 4:8.Imana yishura Mose, iti NDI UWO NDI WE: kandi, it’ Ukw abe ari k’uzobgira Abisirayeli, uti NDIHO yabantumyeko. 15#Kuv 3:6; Zab 135:13; Hos 12:5.Imana yongera kubarira Mose, it’ Ukw abe ari k’uzobgira Abisirayeli, ut’ UHORAHO, Imana ya ba sogokuruza, yabantumyeko, ni yo Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo: iryo ni ryo zina ryanje ry’ibihe bitazoshira, iryo ni ryo rizobabera icibutso canje, ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana. 16#Ita 50:24; Kuv 2:25; 4:31; Luk 1:68.Genda, uz’ ukoranye abashingantahe b’Abisirayeli, ubabgire, ut’ Uhoraho, Imana ya ba sogokuruza, yaranyiyeretse, ari yo Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo, irambarira, iti N’ukuri nabagendeye, mbona ivyo babagirira muri Egiputa: 17#Kuv 3:8.ndavuga, nti Nzobakūra mu marushwa barimwo muri Egiputa, mbadūgane mu gihugu c’ Abanyakanani, n’Abaheti, n’Abamori, n’Abaferizi, n’Abahiwi, n’ Abayebusi, igihugu gitemba amata n’ubūki. 18#Kuv 4:31; 5:1; Guh 23:3, 4, 15, 16.Na bo bazokwumvira: kand’ uz’ ugende ku mwami wa Egiputa, mwe n’ abashingantahe b’Abisirayeli, mumubarire, mut’ Uhoraho, Imana y’Abaheburayo, yaratwiyeretse: none turakwinginze, turekure tuje mu bugaragwa, tugende urugendo rw’imisi itatu, kugira ngo tuze dushikanire Uhoraho Imana yacu ibimazi. 19#Kuv 6:1.Kandi ndazi yuk’ umwami wo muri Egiputa atazobakundira ko mugenda, shit’ ukuboko kw’inkomezi kumugondoje. 20#Kuv 4:21; 12:31; Gus 6:22; Neh 9:10; Yer 32:20; Ivyak 7:36.Nuko nzobangura ukuboko kwanje, nkubitishe Egiputa ibitangaza vyanje vyose, ivyo nzokorera hagati muri ho: hanyuma y’ivyo azobarekura. 21#Kuv 11:3; 12:36.Kandi nzotuma ubu bgoko bugirira amahirwe ku Banyegiputa: ni mwagenda, ntimuzogenda iminwe misa; 22#Ita 15:14; Kuv 11:2; 12:35; 33:6; Ezk 39:10.arik’ umugore wese azosaba umubanyi wiwe, mber’ azosaba n’umugore yashembereje, utugenegene tw’ifeza n’ utw’ izahabu, bo n’imyambaro: kandi muzovyambika abahungu banyu n’abakobga banyu; uko ni ko muzonyaga Abanyegiputa.

Nu geselecteerd:

Kuvayo 3: RUN1967

Markering

Deel

Kopiëren

None

Wil je jouw markerkingen op al je apparaten opslaan? Meld je aan of log in