Uhoraho aramubarira, ati N’ukuri abantu banje bari muri Egiputa nabonye amarushwa barimwo, numvise gutaka kwabo batakishwa n’ababakoresha babahindagiza; kuko nzi imibabaro yabo, kandi mmanukanywe no kubarokora, mbakūre mu maboko y’ Abanyegiputa, mbadūgane, mbakūre mur’ ico gihugu, mbajane mu gihugu ciza cāgutse, gitemba amata n’ubūki, kibamw’ Abanyakanani, n’Abaheti, n’Abamori, n’Abaferizi, n’Abahiwi, n’Abayebusi.