Ivyakozwe 4
4
Petero na Yohana Barengutswa imbere y’Inama Nkuru
1Abaherezi bari kumwe n’umukuru w’abarinzi b’urusengero hamwe n’Abasadukayo baca baraza aho Petero na Yohana bariko barigishiziza. 2Maze bararaka cane kuko izo ntumwa zariko zigisha abantu ko muri Yesu hari ukuzuka kw’abapfuye. 3Baca bafata Petero na Yohana, kandi kubera bwari bwije, babashira mw’ibohero gushika bukeye. 4Ariko benshi mu bumvise ubutumwa barizeye, igitigiri c’abizera kirongerekana gushika hafi ibihumbi bitanu.
5Bukeye, abatware, abashingantahe n’abigisha b’ivyagezwe bakoranira i Yerusalemu. 6Anasi umuherezi mukuru ni ho yari ari, ari kumwe na Kayafa, na Yohana, na Alegizandere hamwe n’abandi benshi bo mu muryango w’abaherezi bakuru. 7Nuko barengutsa Petero na Yohana, batangura kubabazagiza bati: “Ni mu buhe bushobozi, canke mw’izina rya nde mwakoze ivyo?”
8Maze Petero, yuzuye Mpwemu Yera, aravuga ati: “Batware nanwe bashingatahe b’ubu bwoko, 9uwu musi turiko turasambishwa kubera igikorwa ciza cakorewe ikimuga, tubazwa n’ingene cakize. 10Nuko rero nimumenye neza ibi, mwebwe hamwe n’ubwoko bwose bwa Isirayeli: uwu muntu ahagaze imbere yanyu yakize mw’izina rya Yesu Kristo Umunyenazareti, uwo mwabamvye, ariko Imana ikamuzura mu bapfuye. 11Ni we
‘buye ryatawe n’abubatsi,
ariko ryahindutse irigumya imfuruka.’#4:11 Zaburi 118:22
12Nta wundi agakiza karonkerwamwo, kuko ata rindi zina twahawe musi y’ijuru ryo gukirizwamwo.”
13Babonye ubushizi bw’amanga bwari muri Petero na Yohana, bakamenya ko batize, ahubwo ko ari abantu batobato, baratangara cane, ariko bamenya ko bagendanye na Yesu. 14Ariko kubera babona uwo muntu yakize ahagararanye na bo, nta co bari bafise bashobora gusubizayo. 15Nuko barabataramura, batangura kuvugana hagati yabo. 16Barabazanya bati: “Mbega aba bantu tubagire dute? Abantu bose baba i Yerusalemu barazi ko bakoze igitangaza c’akataraboneka, kandi natwe ntitwobiharira. 17Ariko kugira tubuze ibi bintu kubandanya vyamamara mu bantu, reka tubabuze kubandanya bigisha muri iryo zina.”
18Nuko barabahamagara, babihanikiriza kudasubira kuvuga canke kwigisha muri iryo zina rya Yesu. 19Ariko Petero na Yohana barabishura bati: “Mbega mubona ko ikibereye imbere y’Imana, ari ukwubaha mwebwe gusumba kuyubaha? 20Twebwe ntidushobora kureka kuvuga ivyo twiboneye kandi twiyumviye.”
21Nuko babanza kubatera ubwoba cane, hanyuma barabarekura barataha. Ntibaronse ingene bari bubahane kubera abari aho bose bariko bashima Imana ku vyari vyabaye. 22Uwo muntu yari yakize mu buryo bw’igitangaza yari afise imyaka irenga mirongo ine.
Abizera basenga basaba gushira amanga
23Petero na Yohana bamaze kurekurwa baca basubira aho bagenzi babo bari, babiganira ivyo abakuru b’abaherezi n’abashingantahe bababwiye. 24Bavyumvise, bashira amajwi hejuru bose, basenga Imana, bavuga bati: “Mwami Imana uganje vyose, ni wewe waremye ijuru, isi n’ikiyaga, n’ibibibamwo vyose. 25Ni wewe wavugiye muri Mpwemu Yera uciye mu kanwa k’umusavyi wawe, sogokuruza wacu Dawidi, uti:
‘Ni kuki abanyamahanga bateye umuvurungano,
n’amoko akagira inama z’ubusa?
26Abami bo mw’isi
bakuye hasi,
n’abatware bagiye hamwe ngo bagwanye Uhoraho
n’uwo yarobanuje amavuta.’#4:26 Zaburi 2:1,2
27Ni ivy’ukuri Herode na Pontiyo Pilato bifatanije n’Abanyamahanga hamwe n’ubwoko bwa Isirayeli bwo muri iki gisagara, kugira ngo bagwanye umusavyi wawe yera Yesu, uwo warobanuje amavuta. 28Bashikije ico wari waramaze kugena ko kizoshika, mu bushobozi bwawe no mu gushaka kwawe. 29None rero Mwami Imana, nurabe ingene badutera ubwoba, maze ushoboze abasavyi bawe kwigisha ijambo ryawe bashize amanga. 30Gorora ukuboko kwawe maze ukize, ukore ibitangaza n’utwumiza mw’izina ry’umusavyi wawe yera Yesu.”
31Bahejeje gusenga, aho bari bakoraniye haratigita, bose buzuzwa Mpwemu Yera, baca bigisha ijambo ry’Imana bashize amanga.
Abizera basangira ivyabo
32Abizera bose bari bahuje umutima n’inama muri vyose. Nta n’umwe yavuga ko ivyo atunze ari ivyiwe wenyene, ariko basangira ivyo bafise vyose. 33Intumwa zibandanya gushingira intahe ukuzuka kw’Umwami Yesu zuzuye ubushobozi bwinshi, kandi ubuntu bw’Imana bwinshi bwaguma bugwira kuri bo bose. 34Nta n’umwe yagira ico akeheje muri bo, kuko abari bafise amatongo canke amazu, babigurisha bakazana amahera vyaguzwe, 35bakayashikiriza intumwa, maze na zo zikayabagabanganya, umwe umwe wese akaronka ayakwiranye n’ivyo akenye.
36Nk’akarorero, Yosefu, Umulewi yava i Kupuro, uwo intumwa zita Baranaba (risobanura ngo Umuntu yirura), 37yagurishije itongo maze azana amahera yose ayashikiriza intumwa.
လက်ရှိရွေးချယ်ထားမှု
Ivyakozwe 4: BKC
အရောင်မှတ်ချက်
မျှဝေရန်
ကူးယူ

မိမိစက်ကိရိယာအားလုံးတွင် မိမိအရောင်ချယ်သောအရာများကို သိမ်းဆည်းထားလိုပါသလား။ စာရင်းသွင်းပါ (သို့) အကောင့်ဝင်လိုက်ပါ
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.