YouVersion လိုဂို
ရှာရန် အိုင်ကွန်

Ivyakozwe 3

3
Petero akiza ikimuga
1Umusi umwe Petero na Yohana bari baduze mu rusengero gusenga, hari kw’isaha y’icenda. 2Hari umuntu yaremaye kuva akivuka yama azanwa imisi yose kw’irembo ryitwa Irembo Ryiza kugira ngo asege abaje mu rusengero. 3Abonye Petero na Yohana bagira binjire mu rusengero, arabasega. 4Maze Petero na Yohana barahindukira baramuraba, hanyuma Petero amubwira ati: “Nuturabe!” 5Wa mugabo na we abahanga amaso cane yiteze ko hari ico bagira bamuhe.
6Ariko Petero aravuga ati: “Ifeza n’inzahabu nta vyo mfise, ariko ico mfise ndakiguha. Mw’izina rya Yesu Kristo Umunyenazareti, va hasi utambuke!” 7Aca amufata ukuboko kw’i buryo, aramuhagurutsa, ubwo nyene ibirenge vyiwe n’ingingo zavyo bica birakomera. 8Nuko atangura gutambuka, yinjirana na bo mu rusengero, atambuka, yiterera hejuru, ahimbaza Imana. 9Abantu bose bamubonye agendagenda ashima Imana, 10bamenya ko ari umwe yahora yicara asegerereza kw’irembo ry’urusengero ryitwa Irembo Ryiza, barumirwa cane, batangazwa n’ivyamubayeko.
Petero yigisha mu rusengero
11Kubera ko wa muntu yaguma yumiye kuri Petero na Yohana, abantu bose biruka iyo bari, barundana mw’ibaraza ryitwa Ibaraza rya Salomo, batangaye cane. 12Petero abibonye, arababwira ati: “Yemwe Bisirayeli, ni kubera iki ibi bibatangaje? Ni kubera iki muturaba nk’aho umenga ni ubushobozi bwacu canke ukwubaha Imana kwacu kwatumye uwu muntu atambuka? 13Imana ya Aburahamu, ya Isaka n’iya Yakobo, Imana ya ba sogokuruza, ni yo ishimagije umusavyi wayo Yesu, uwo mwatanze ngo yicwe, mukamwihakana imbere ya Pilato, naho we yari yahisemwo kumurekura. 14Mwihakanye Uwera, Umugororotsi, musaba ko barekura umwicanyi. 15Mwishe uwutanga ubugingo, ariko Imana yaramuzuye mu bapfuye, natwe turi ivyabona vyo kubishingira intahe. 16Biciye mu kwizera izina rya Yesu, uwu muntu yakize. Ni izina rya Yesu n’ukwizera kuva kuri we vyamukijije neza nk’uko muvyibonera mwese.
17None rero bavukanyi, ndazi ko mwabikoze mu kutamenya, co kimwe n’abatware banyu. 18Ariko uko ni ko Imana yashikije ivyo yari yaravugiye mu kanwa k’abavugishwa na yo bose, ivuga ko Kristo akwiye kubabazwa. 19Nuko rero nimwihane, muhindukire, kugira ngo ivyaha vyanyu bihanagurwe, ngo ibihe vy’impemburo bibone kuza, bivuye imbere y’Umwami Imana, 20kugira yongere ibarungikire Kristo yabashiriweho, ari we Yesu. 21Uwo akwiye kuja mw’ijuru kurindirirayo igihe ivy’Imana yavugiye mu kanwa k’abavugishwa na yo bera vyose bishitse. 22Kuko Mose yavuze ati: ‘Uhoraho Imana yanyu azobahagurukiriza umuvugishwa ameze nkanje, imukuye muri mwebwe nyene. Muze mumwumvire mu vyo azobabwira vyose. 23Uwutazomwumviriza aze arandurwe mu bwoko bwiwe.’#3:23 Gusubiramwo 18:15,18,19
24Kukaba nka ko, n’abandi bavugishwa bose uhereye kuri Samweli, baravugishijwe ku biriko biraba uno musi. 25Muri abuzukuruza b’abo bavugishwa, n’abana b’isezerano Imana yagiranye na ba sogokuruza banyu. Yabwiye Aburahamu iti: ‘Mu ruvyaro rwawe ni ho imiryango yose yo mw’isi izohererwa umugisha.’#3:25 Itanguriro 22:18; 26:4 26Igihe Imana yazura umusavyi wayo, yabanje kumutuma kuri mwebwe, kugira ngo umwe wese muri mwebwe ahabwe umugisha mu kuva mu nzira ziwe mbi.”

လက်ရှိရွေးချယ်ထားမှု

Ivyakozwe 3: BKC

အရောင်မှတ်ချက်

မျှဝေရန်

ကူးယူ

None

မိမိစက်ကိရိယာအားလုံးတွင် မိမိအရောင်ချယ်သောအရာများကို သိမ်းဆည်းထားလိုပါသလား။ စာရင်းသွင်းပါ (သို့) အကောင့်ဝင်လိုက်ပါ